mardi 16 juin 2015

KUMENYA GUHITAMWO (savoir choisir)(2)

Mbega hari inkurikizi iri mu vyo duhitamwo?
Ijambo ry'Imana riravuga riti vyose ndavyemerewe ariko si vyose bingirira akamaro ngo bigire ico vyubatse.

"Oui, tout m'est permis, mais tout n'est pas bon pour nous, tout est permis, mais tout n'edifie pas" (1 Corinthiens 10:23)

Turavye rero insiguro n'insorongoro hamwe n'inkomoko y'amajambo : Adversaire, Opposition, Opposant; dusanga ari amajambo ateye ubwoba. Umuntu rero umaze kumubwira ko uri umwansi wiwe, ko azoza avoma umena canke ko uri inzitizi mu nzira yiwe ntiyobura kugira ubwoba. Ivyo rero bica bituma nawe yama akwikeka kandi akagaba kugirango ntusenyure ivyo agerageza kwubaka. Aho rero niho duca tubonera inkurikizi mbi.

Uravye rero kw'isi canke no mu gihugu c'Uburundi, urabona ko ama Leta na Opposition vyama muri zugurzuguru. Leta ikoze iki Opposition ntigenda yemeye ko ari ciza, Opposition nayo igize iki Leta ica ibona ko hoba harimwo umutego kubera baba bitwa abakeba, canke inzitizi (opposition).
Ayo majambo akoreshwa rero nibaza ko ariyo ateye ubwoba. Ikintu kimaze kuba 'Obstacle' aba ari 'menace'.
 Umuhinga w'umunyamerika bita Walter Bradford Cannon niwe avuga ko umuntu ari imbere y'ikintu kimuteye ubwoba 'obstacle, menace', ashobora kugira inyifato zitandukanye (réactions) zitatu
  1. kugwanya ico kintu (Combat)
  2. kugihunga (Fuite)
  3. kwicecekera, mpozembabaye (Indifférence)
Ivyo yabishize mu co yise Réponse combat-fuite.
Umuntu rero amaze kumenya ko iki na kiriya kimugwanya, canke ari inzitizi ntashobora kurya ngo aryame, yama ahagaritse umutima. Ivyo rero biranasa n'igihe umuntu akubwiye ati ndakwanka (Je te hais).
Aho duca tubonamwo urwanko (La haine). Uravye rero muri ya majambo twabona turasangamwo irindi jambo (aversion), no mu rwanko iryo jambo uravye muri kazindutsi riragaruka, kandi biboneka ko umuntu ameze uko nta neza aba yifuriza uwundi bahiganwa. 
Urwanko burya narwo rujana n'inzigo, ishari. Abarundi nabo barayamaze bati "Ishari rikubwira riti ica uwawe wamara kumwica rikigira" . 
Uravye rero muri ya majambo twasobanura aho hejuru, usanga rero uwo twita 'Opposant' ataho atandukaniye n'umwansi, inzitizi, igifashi, mu gihe umuntu yihweje inkomoko y'ayo majambo y'amatirano yazanye n'indege canke n'ubwato. 
Abandi uzosanga bita Opposition ngo ni abatavuga rumwe na Reta. Ico kica kitugarukana kuri kimwe twabona co guhana imigongo; ico gihe nta werekwa uwundi. Umwe ivyo abona sivyo uwundi abona kuko ntibaba baraba hamwe. Icoba ciza n'uguhanurana, ugize agatosi mu vyo akora tukamuhanura mu burwaneza.
Uwo munyabwenge Bradford Cannon, arerekana ko muri vya bintu bitatu umuntu ashobora gukora ngo yigwaneko, ashobora kugira umwitwarariko urengeje ivyo navyo bigatuma ashobora kugira 'stress' kubera yabuze ico afata n'ico areka. Muri ico gihe rero ubuzima bw'umuntu burashobora guhungabana, agashobora no kugwara mu buryo butandukanye.
Bradford Cannon rero aratanga zimwe mu nkurikizi mbi umuntu ashobra kugira ku magara yiwe:
  • Kwuzura inda (Constipation)
  • kumeneka umutwe (maux de tête)
  • Kubura akayabagu (Anorexie): muri ico gihe umuntu amera nk'umugore ari mw'irekwe.
  • Ubugabo burahera (Impuissance sexuelle, frigidité)
  • ...
Ivyo rero iyo umuntu abimazemwo igihe kirekire birashobora gutuma ahungabana mu mutwe (Troubles mentaux), bigatuma umuntu ata umutwe bimwe bita gupanika ( Trouble panique).

Harya rero ngo akababaje umutima kababaza n'umubiri. (Ce qui touche l’âme touche aussi le corps)

Iyo rero umuntu ababaye k'umutima kubera umwitarariko mwinshi ashobora guhinduka ku mubiri. Ibimenyetso navyo ni nk'iki:
  • Kumera imvi z'igitamwaka (cheveux blancs prématurés)
  • kwonda canke gutakaza ibiro (perte de poids)
  • Kuba nk'umuragi (perte d'audition)
  • kugwara mu nda (trouble digestif)
  • Umutima utera nabi, indihaguzi z'umutima (Accélération du rythme cardiaque et de la respiration)
  • ...
Haragera rero n'igihe umuntu yigunga, akumva yohunga mu kibano (auto-isolement social) canke kimwe wa muhinga Bradford Cannon yita guhunga (fuite). umuntu amaze guhunga mu muryango duca twumva inkurikizi ziba no ku muryango ndetse no ku gihugu kuko uwo muntu ntaco aba agikora; aca asa n'umuntu atabaho. Kandi ngo 'pierre qui roule n'amasse pas mousse'. 

Icoba ciza rero kubwanje nohitamwo ijambo "Concurrent canke Compétiteur". Ayo majambo yerekana ko abantu bariko barahiganwa badahezanyayo, utsinze agatwara umudari, utsinzwe agasubira mu mukenyuro wo kwimenyereza neza kugirango kumbure ikindi gihe azotsinde.

Impanuro notanga kuri aba n'abandi ni uko twokwirinda kwiyita 'Opposant canke Adversaire' kuko n'amajambo atera ubwoba abo tuba turiko turahiganwa.

Naturellement les mots Opposant ou Adversaire font peur aux uns et aux autres. Au contraire les mots 'Concurrent ou Compétiteurs' sont doux à l'oreille.

"Les Paroles agréables sont un rayon de miel, Douce pour l’âme et salutaires pour le corps" (Proverbes 16:24)

"Une réponse douce calme la fureur, Mais une parole dure excite la colère." (Proverbes 15:1)

Kubera iki twitana Abakeba canke Abatavugarumwe hanyuma ngo dushaka amahoro canke ngo twonse rimwe?!!!!  Tuve mu budyadya turangwe n'ukuri kuko niho tuzoba abidegemvya. Uteye igitoke wamura igitoke ntabwo wamura imyembe.

Satani ntiyigendera yama agira ico yuririko. Kubera iki tutohindura ayo majambo yazananye n'indege tugakoresha amajambo y'imbabarira gutwi. 

Fyonda aha usubire ku gice ca 1

Aucun commentaire: