mercredi 27 janvier 2016

Kugunga Imana ivyayo (1)

Ijambo kugunga rishobora gusobanurwa nko: kwimana, kwiba, kudyadya,...

"Uhereye mu bihe vya ba sogokuruza muhora mukevya mugata amabwirizwa yanje, ntimuyitondere. Nimungarukeko, nanje nzobagarukako, niko Uhoraho Nyen'ingabo agize. ..." (Malaki 3:7)

Kenshi abantu iyo bahezagiwe bakaronka iki canke kiriya baca bibaza ko ari kubw'inkomezi zabo canke ubwenge bwabo, bakibagira iyo biva. Imana isaba abakristo gukora mu buryo bwo gutanga ibigiracumi n'amashikanwa bivuye mu vyo bimbuye, vyaba ibirimwa canke amahera kugirango igikorwa cayo biciye mu bakozi bayo kibandanye. Abantu bamwe baca bavuga ngo Imana ntavyo ikeneye. Ivyo babiterwa no kutamenya Ijambo ry'Imana, kuko Imana iravyerekana neza mw'Ijambo ryayo:

"...mwangunze ikigiracumi n'amashikanwa." Malaki 3:8

Kudakorera Imana rero muvyo itugera gukora ntaho bitandukaniye n'umugararizo. Iyo dutanze ikigiracumi n'ayandi mashikanwa, ishengero riratera imbere, rigashobora kwakira abakozi b'Imana, rikanafasha n'abagowe ndetse no mw'iterambere ry'igihugu.

Iyo tugararije rero ntidukore ivyo Imana igomba tuba twikwegeye umuvumo mu vyacu no mu bacu.

Ivyiza biva mugukorera Imana rero ni vyinshi cane, kuko Imana iravuga iti:"...enda nimubingeragereshe murabe ko ntazobagomorera ingomero zo mw'Ijuru, nkabacuncuburira umugisha, mukabura aho muwukwiza." Malaki 3:10

Hano ikintu gikomeye cane ni umugisha. Umuntu yubaha Imana, agakora ivyo imugera aba umunyamugisha, akamana amahoro n'umunezero kuko aba ahimbara Imana (Umusiguzi 2:26). 

Ntibigarukira aho gusa. Iyo umuntu akoreye Imana n'umutima ubikunze, Imana nayo irakingira itunga ryiwe:"Nzokankamira ururyi kubwanyu, ntirwonone imirima yo mu ndimiro zanyu; kandi n'umuzabibu wo ndimiro zanyu ntuzorumba, nik'Uhoraho nyen'ingabo agize. Kandi amahanga yose azobita abanyehirwe, kuko muzoba igihugu c'igikundiro, nik'Uhoraho nyen'ingabo agize." (Malaki 3:11-12)

Ibi vyose umukristo akwiye kubikora mu kwizera ko Ijambo ryose rihumetswe n'Imana ar'ukuri. Kuko irinda Ijambo ryayo kugirango irishitse (Yeremiya1:12b).

Nimba nizera ko Imana yaremye Ijuru n'isi n'ibirimwo vyose, ko ari nayo yandemye, nobuzwa n'iki kwizera amasezerano yayo! 

Reka twubahe Imana, tugendere mukugororoka, maze twirabire imigisha yayo mu bugingo bwacu.