mardi 31 mars 2015

Abavugishwa, Ubuhanuzi (1)

"Mwirinde abigira abavugishwa n'Imana; baza kuri mwebwe bambaye nk'intama, arikw imbere ari amabingira y'inkazi." (Matayo 7:15)

Ubu kw'isi hari abagenda bavuga ko bavugishwa n'Imana, ko bafitiye ubutumwa uyu canke uriya ndetse n'ibihugu. None nk'Abarundi b'Abakristo twemera ijambo ryahumetswe n'Imana dusanga muri Bibiliya ibihe nk'ivyo twovyifatamwo gute? Mbega twokwemera ubuhanuzi bwose uko tububwiwe? Mbega twogira amakenga? Twomenya uyu canke uriya ko avuga ukuri canke ibinyoma gute?

Reka turabire hamwe ico ijambo ry'Imana rivuga ku buhanuzi:

Ijambo ry'Imana riratwereka neza ko Abakristu badakwiye gukengera canke gufata minenerwe ivy'abavugishwa n'Imana.. Ariko kandi ijambo ry'Imana risaba Abakristu kugerageza gushishoza nimba koko ubwo buhanuzi buba bwavuye ku Mana, kugirango tutanyerera ku rurimi tukagwa ku mutima. 

"ntimugakengere ivy'abavugishwa n'Imana; mugerageze vyose, mugumye ivyiza, mwirinde icitwa ikibi cose".  (I Ab'I Tesalonike 5:20-22)

Mururimi rw'igifaransa ijambo kugerageza ikintu ni 'Examiner ou Tester'. Ni ukuvuga gusuzuma ko ikintu arico canke atarico.

Tuzobandanya twungurana ubumenyi mu gice kigira (2)