mercredi 1 février 2017

Ibikorwa vyacu tubiremeke Imana

Urashaka ko imigambi yawe itera imbere ata ngaruka mbi canke kwicuza bikuzaniye? 

Ijambo ry'Imana riravuga riti: "Uremeke Uhoraho ibikorwa vyawe, ni ho imigabo yawe izokomera". 
Mururimi rw'igifaransa havuga ngo: "Recommande à l'Eternel tes œuvres , et tes projets réussiront". Imigani 16:3
Umugambi wose umuntu akoze ukwubaha Imana kutarimwo, nta mugisha uvamwo. Umugisha uvuye ku Mana uratungisha kandi nta mubabaro, agahinda, kwicuza iwuvangamwo. Bibiliya, Imigani 10:22
Hari abantu benshi usanga iyo bashaka gutanguza nk'umugambi wo kudandaza canke kugura no kugurisha ibintu runaka babanza gutanga ingurire (igiturire) kugirango bahume amaso abobakisha amakori canke bobananiza. Baca barondera inzira ya hafi. Aho uba ukoze ico Imana yanka cane. Hari n'igihe umuntu abesha agatanga impapuro canke ivyemezo atarivyo namba.
Abantu benshi bibaza ko bashoboye bonyene Imana itarimwo. Ukwo ni ukwihenda cane, kuko iyo umuntu akoze uko ntavyiza bizanira abandi amahoro canke kugubwa neza biheza ngo biboneke. 
Turakwiye rero kubona ko ivyo dukora vyose dukwiye kubishira mu maboko y'Imana, maze tukabikora uko Imana idusaba gukora.
"s'uko dushobora ubwacu kwiyumvira ikintu cose nk'ah'ari twebwe candurutseko, ariko dushobozwa n'Imana". Bibiliya, 2 Korinto 3:5
Umuntu arashobora no kugira imigabo mu mutima wiwe wo kutiyanduza, haba mu gihe c'ubukene canke mu gihe c'agahimbo. Haba kuvavanura n'izindi ngeso mbi, nk'ubusambanyi, ubusuma, ubwicanyi, uburyarya,... Umuntu ubwiwe ntavyo yoshobora adashobozwe n'Imana.
"Nshobozwa vyose n'umpa inkomezi". Bibiliya, AB'I FILIPI 4:13
Igihe Daniyeli na bagenzi be batwagwa nk'inyagano , yagize imigabo yo kutiyanduza, maze aca arisonzesha asaba Imana kumushoboza. Ntaco dusaba Imana kijanye no kugororoka ngo ikitwime (Bibiliya, 1 Yohana 5:14).
Iyo rero twubashe Imana, tukagendera mu vyagezwe vyayo nayo iduha kugira ubwenge muri vyose. (Daniyeli 1:17).
Nehemiya igihe abansi biwe bamutwenga ngo ntaco ashoboye, yabishuye ko Imana yo mw'Ijuru ariyo izotuma bikunda.(Nehemiya 2:20). Mbega nawe urizera ko Imana yo mw'ijuru ariyo izotuma imigambi yawe yose ikunda? 
Mbega wewe imigabo ufise uyu mwaka ni iyihe mubikorwa vyawe vyose ukora? Urabona ko uhesha Imana icubahiro? 
Tunganira Imana nayo izogushira hejuru. 
Kugirango ushobora gutunganira Imana, biragusaba kugira inyota yo kumenya ijambo ry'Imana, rikagwira muri wewe. 
"Nabitse ijambo ryawe mu mutima wanje ngo noye kugucumurako". Bibiliya, Zaburi 119:11 
Urakwiye kuraba mu bintu vyose ukora ico ijambo ry'Imana ribivugako, ukamenya akarimbi ntarengwa. Hari n'ababimenya bakabirengako ku manyama. Ingaruka zo kugarariza Imana ziteye ubwoba. Umuntu agararije Imana abura: Amahoro, Ubwiza bw'Imana n'ikigongwe cayo. Bibiliya Yeremiya 16:5

Guma kw'Ijambo ry'Imana. TUNGANIRA IMANA.