jeudi 30 juillet 2015

Inkomezi z'abubaha Imana ku gihugu c'Uburundi

Barundi Barundikazi, ntidusinzire: Dusengere Inamanshingamateka y'Uburundi kuko nirwo ruganda rufatirwamwo ingingo n'amategeko biraba ubuzima bw'igihugu. Dusengere inzego zose z'igihugu.
Dusenge cane kugirango indongozi ziriko ziratorwa zize zirangwe n'ibi:"bashoboye guca imanza zibereye, bubaha Imana, b'abanyakuri, inyankamugayo, banka ingurire(igiturire)". Kuvayo/Exode 18:21
Uravye ijambo ry'Imana ryerekana ko ari kuva ku ndongozi zo hejuru gushika kuzo hasi nka ba  nyumba kumi:"...uheze ubakuze, babe bakuru bo kuganza abantu, bamwe igihumbi-igihumbi, ...abandi cumi cumi(nyumbakumi).
Mukristu, wibuke ko twahawe ububasha, mugihe duhimbaye Imana, ko ico tuboshe mw'isi no mw'Ijuru kiba kiboshwe, kandi ico tubohoye mw'isi no mw'Ijuru kiba kibohowe; kandi ico dusaba cose duhuje imitima Imana irakidukorera (Matayo 18:18-19). Ikindi naco tumenye ko twahawe ibango ryo guserukira Ijuru aha mw'isi, turi aba 'Ambassaderi', utugena muri ayo mabanga nawe ni Yesu Kristu. 2 Korinto 5:20 . 
Twirinde ntitube inyankaguhanwa, ntidute ijambo ry'Imana, ntitwifatanye na bandanyangu, abasuma, n'abasambanyi, twirinde amajambo mabi yo gutukana, kuvuga nabi abandi, kurementanya. Zaburi 50:16-20

Turabe rero mission Imana iduha ntitwivange ngo twifate uko tutari tugata intumbero y'Ijuru. Ivyo dukora vyose rero tubikore mw'Izina ry'Umwami n'Umukiza wacu Yesu Kristu. AMEN