lundi 11 décembre 2023

Ubworōzi bw'inkwavu(2)

Mu gice ca mbere narabwiye ko inkwavu zifise akamaro kanini cane. Ubu abantu benshi basigaye bakoresha umwavu w'ikizungu nka 'urée' kugirango bashobore kwimbura. Iyo myavu y'ikizungu nivyo iravyibusha imbuto, ariko izo mbuto abahinga bavugako atari nziza ku magara y'abantu. Ibitegwa bironse ibitabizo bivuye ku bitungwa bituma ababifunguye bagira amagara meza cane.

Namwe raba uyu murima w'imboga bita LENGALENGA ingene uhimbaye. Amase y'inkwavu avanze n'ay'inkoko niyo yakoreshejwe atakindi kintu kirinze kuvangwa.

Akarima ko mu kigo