vendredi 26 juin 2015

AMACAKUBIRI Y'AMOKO AKURWAHO N'UMUSARABA (Abanyefeso 2:11)(1)

"N'ukuri n'izacu ntimba yishizeko, n'iyacu mibabaro yikoreye; ...Yamara yacumitiwe ivyacu bicumuro, yajanjaguriwe ivyacu bigabitanyo: Igihano kituronkesha amahoro cabaye kuriwe, kand'imishishagu yiwe niyo idukiza. Twese twazimiye nk'intama, twese twagiye isabagire, umuntu wese mu nzira yiwe; Uhoraho amuremeka ukugabitanya kwacu twese." Yesaya 53:4-6

Mbega biramaze kugushikira ukumva uranse umuntu kubera mutari mu murwi umwe (Ubwoko, intara, ishirahamwe, idini, umugambwe,...)? Biramaze gushika ukumva wonezerwa n'urupfu rw'uwo wiyumvira ko akwanka? Biragushikira ukumva uranezerewe kubera wumvise ko umuntu utiyumvamwo ashikiwe n'ivyago?

Ivyo vyose nivyaba bimaze kugushikira umenye ko wavangiwe n'umwansi Satani kandi Mpwemu Yera w'Imana ntari muri wewe. Yaramaze kuguteragiramwo INZIGO y'akazikira (la Haine). Iyo umaze kugira inzigo y'akazikira nta rukundo uba ukigira muri wewe kuko urukundo rugira neza, ntirwiciraho, rugira imbabazi, ruharira vyose...(1 Korinto 13:4-7). Iyo urukundo ruguhezemwo ntaho uba utandukaniye n'mubeshi, umgarariji hamwe n'umwicanyi.
Turavye muri Bibiliya turabona umuntu yitwa YONA yarafise inzigo y'akazikira kuburyo yifuza ko abo yabona ko abamwanka biwe bahona (Yona 1:1-3). Ntiyanashaka ko bokwihana kuko yarazi ko bihanye Imana ibabarira kuko yuzuye imbabazi nyinshi zamaho ibihe bidashira (Zaburi 118:1). Imana yamutumye kubaburira ngo bihane aranka arata agati. Mu nyuma yaranababaye abonye Imana ihariye abo yita abansi biwe araraka aca abona ko akwiye gupfa akavaho kubera Imana ihariye Ninewe (Yona 4:1-3). Ijambo ry'Imana rivuga ngo tugire umutima umwe wari muri Kristo Yesu. Mbega wewe wumva ushinze imizi muri yesu Kristo yaje kw'isi yambaye umubiri, akabambwa, agapfa, akazuka agatsinda rupfu na kuzimu? Kora ineza ijoro n'umurango nk'uko Yesu Kristo aho yaca hose yagenda agira neza. Naho wokorerwa icaha kimeze gute, Imana itubuza kwihora, kuko ariyo iduhorera.

Mu gice ca (2) tuzobona ko Imana itanezerwa n'urupfu rw'umunyavyaha ahubwo ko yama yifuza ko akizwa akava mu ngeso mbi.

mardi 16 juin 2015

KUMENYA GUHITAMWO (savoir choisir)(2)

Mbega hari inkurikizi iri mu vyo duhitamwo?
Ijambo ry'Imana riravuga riti vyose ndavyemerewe ariko si vyose bingirira akamaro ngo bigire ico vyubatse.

"Oui, tout m'est permis, mais tout n'est pas bon pour nous, tout est permis, mais tout n'edifie pas" (1 Corinthiens 10:23)

Turavye rero insiguro n'insorongoro hamwe n'inkomoko y'amajambo : Adversaire, Opposition, Opposant; dusanga ari amajambo ateye ubwoba. Umuntu rero umaze kumubwira ko uri umwansi wiwe, ko azoza avoma umena canke ko uri inzitizi mu nzira yiwe ntiyobura kugira ubwoba. Ivyo rero bica bituma nawe yama akwikeka kandi akagaba kugirango ntusenyure ivyo agerageza kwubaka. Aho rero niho duca tubonera inkurikizi mbi.

Uravye rero kw'isi canke no mu gihugu c'Uburundi, urabona ko ama Leta na Opposition vyama muri zugurzuguru. Leta ikoze iki Opposition ntigenda yemeye ko ari ciza, Opposition nayo igize iki Leta ica ibona ko hoba harimwo umutego kubera baba bitwa abakeba, canke inzitizi (opposition).
Ayo majambo akoreshwa rero nibaza ko ariyo ateye ubwoba. Ikintu kimaze kuba 'Obstacle' aba ari 'menace'.
 Umuhinga w'umunyamerika bita Walter Bradford Cannon niwe avuga ko umuntu ari imbere y'ikintu kimuteye ubwoba 'obstacle, menace', ashobora kugira inyifato zitandukanye (réactions) zitatu
  1. kugwanya ico kintu (Combat)
  2. kugihunga (Fuite)
  3. kwicecekera, mpozembabaye (Indifférence)
Ivyo yabishize mu co yise Réponse combat-fuite.
Umuntu rero amaze kumenya ko iki na kiriya kimugwanya, canke ari inzitizi ntashobora kurya ngo aryame, yama ahagaritse umutima. Ivyo rero biranasa n'igihe umuntu akubwiye ati ndakwanka (Je te hais).
Aho duca tubonamwo urwanko (La haine). Uravye rero muri ya majambo twabona turasangamwo irindi jambo (aversion), no mu rwanko iryo jambo uravye muri kazindutsi riragaruka, kandi biboneka ko umuntu ameze uko nta neza aba yifuriza uwundi bahiganwa. 
Urwanko burya narwo rujana n'inzigo, ishari. Abarundi nabo barayamaze bati "Ishari rikubwira riti ica uwawe wamara kumwica rikigira" . 
Uravye rero muri ya majambo twasobanura aho hejuru, usanga rero uwo twita 'Opposant' ataho atandukaniye n'umwansi, inzitizi, igifashi, mu gihe umuntu yihweje inkomoko y'ayo majambo y'amatirano yazanye n'indege canke n'ubwato. 
Abandi uzosanga bita Opposition ngo ni abatavuga rumwe na Reta. Ico kica kitugarukana kuri kimwe twabona co guhana imigongo; ico gihe nta werekwa uwundi. Umwe ivyo abona sivyo uwundi abona kuko ntibaba baraba hamwe. Icoba ciza n'uguhanurana, ugize agatosi mu vyo akora tukamuhanura mu burwaneza.
Uwo munyabwenge Bradford Cannon, arerekana ko muri vya bintu bitatu umuntu ashobora gukora ngo yigwaneko, ashobora kugira umwitwarariko urengeje ivyo navyo bigatuma ashobora kugira 'stress' kubera yabuze ico afata n'ico areka. Muri ico gihe rero ubuzima bw'umuntu burashobora guhungabana, agashobora no kugwara mu buryo butandukanye.
Bradford Cannon rero aratanga zimwe mu nkurikizi mbi umuntu ashobra kugira ku magara yiwe:
  • Kwuzura inda (Constipation)
  • kumeneka umutwe (maux de tête)
  • Kubura akayabagu (Anorexie): muri ico gihe umuntu amera nk'umugore ari mw'irekwe.
  • Ubugabo burahera (Impuissance sexuelle, frigidité)
  • ...
Ivyo rero iyo umuntu abimazemwo igihe kirekire birashobora gutuma ahungabana mu mutwe (Troubles mentaux), bigatuma umuntu ata umutwe bimwe bita gupanika ( Trouble panique).

Harya rero ngo akababaje umutima kababaza n'umubiri. (Ce qui touche l’âme touche aussi le corps)

Iyo rero umuntu ababaye k'umutima kubera umwitarariko mwinshi ashobora guhinduka ku mubiri. Ibimenyetso navyo ni nk'iki:
  • Kumera imvi z'igitamwaka (cheveux blancs prématurés)
  • kwonda canke gutakaza ibiro (perte de poids)
  • Kuba nk'umuragi (perte d'audition)
  • kugwara mu nda (trouble digestif)
  • Umutima utera nabi, indihaguzi z'umutima (Accélération du rythme cardiaque et de la respiration)
  • ...
Haragera rero n'igihe umuntu yigunga, akumva yohunga mu kibano (auto-isolement social) canke kimwe wa muhinga Bradford Cannon yita guhunga (fuite). umuntu amaze guhunga mu muryango duca twumva inkurikizi ziba no ku muryango ndetse no ku gihugu kuko uwo muntu ntaco aba agikora; aca asa n'umuntu atabaho. Kandi ngo 'pierre qui roule n'amasse pas mousse'. 

Icoba ciza rero kubwanje nohitamwo ijambo "Concurrent canke Compétiteur". Ayo majambo yerekana ko abantu bariko barahiganwa badahezanyayo, utsinze agatwara umudari, utsinzwe agasubira mu mukenyuro wo kwimenyereza neza kugirango kumbure ikindi gihe azotsinde.

Impanuro notanga kuri aba n'abandi ni uko twokwirinda kwiyita 'Opposant canke Adversaire' kuko n'amajambo atera ubwoba abo tuba turiko turahiganwa.

Naturellement les mots Opposant ou Adversaire font peur aux uns et aux autres. Au contraire les mots 'Concurrent ou Compétiteurs' sont doux à l'oreille.

"Les Paroles agréables sont un rayon de miel, Douce pour l’âme et salutaires pour le corps" (Proverbes 16:24)

"Une réponse douce calme la fureur, Mais une parole dure excite la colère." (Proverbes 15:1)

Kubera iki twitana Abakeba canke Abatavugarumwe hanyuma ngo dushaka amahoro canke ngo twonse rimwe?!!!!  Tuve mu budyadya turangwe n'ukuri kuko niho tuzoba abidegemvya. Uteye igitoke wamura igitoke ntabwo wamura imyembe.

Satani ntiyigendera yama agira ico yuririko. Kubera iki tutohindura ayo majambo yazananye n'indege tugakoresha amajambo y'imbabarira gutwi. 

Fyonda aha usubire ku gice ca 1

KUMENYA GUHITAMWO (Savoir choisir)(1)

Mbega muri ino si birashoboka ko ico abantu bihitiyemwo kibakurikira canke kibagirako ingaruka?
Kubera iki ama Reta na Oppositions vyo mw'isi vyama muri zuguruzuguru. Kubera iki ivyo bintu bibiri bitemerana. Kubera iki bitinyana? Umwe ahp aciye uwundi aratema!
Umunyabwenge umwe niwe yavuze ati : "L'homme est le produit de son propre choix"
Tubishize mu kirundi twovuga duti :"Umuntu niwe yiha izina canke ubuntu burihabwa"
Ijambo ry'Imana riravuga riti:

"Ntimukishushanye n'ivy'iki gihe, ariko muhinduke muvy'ubwenge, kugirango mumenye ubugombe bw'Imana, mumenye iciza, ikibereye" (Abaroma 12:2(Romains 12:2)

Biragoye rero ko umuntu amenya ikintu kibereye mu gihe atubaha Imana ngo agendere mu vyagezwe vyayo.
Turabire hamwe insiguro y'amajambo abantu bakunze gukoresha mu ndimi z'imvamahanga:
  1. Adversaire
  2. Opposition
Uravye iyo abantu bariko barakoresha ayo majambo ubona ataco bibatwaye kandi bayishimiye.

Abakinyi b'umupira hari igihe babita abakeba (adversaires). Iyo bamaze kuba uko rero sinibaza ko ikipe iyi canke iriya iba yifuza ko iyindi ikomera. Icoba ciza haba kubakinyi canke kubafana ni uko équipe adversaire iba faible. Equipe adversaire siyo ihimiriza iyo bikina ngo ko mutagira imyimenyerezo.

Turabe rero insiguro ya adversaire muri kazinduzi (dictionnaire):
Adversaire: Ennemi (Umwansi), opposant.
Ennemi: Qui hait quelqu'un, qui veut du mal à quelqu'un.
                 Qui a de l'aversion(sentiment d’éloignement et de répugnance), de l’antipathie(aversion instinctive), de l'éloignement pour quelque chose.
Opposant/opposition: Obstacle, difficultés qu'on oppose. Parti qui s'oppose à l'action du gouvernement.

Turavye rero ngaho hejuru, ntabwo bavuga ngo Parti qui s'oppose à la mauvaise action du gouvernement. Bavuga juste 'à l'action'. Ico cerekana ko ari mu kivunga: Vyaba vyiza canke bibi, vyose birarwanywa.
Opposition = Situation de deux astres dont les longitudes géocentriques diffèrent de 180 degrés. Contraste.
Aho naho tubona ko ari nk'ibintu bibiri bihanye imigongo. Niba kimwe kiduze, ikindi kiramanuka. Ntivyigera na gato bifata inzira imwe.
Opposer: Mettre une chose de manière qu'elle fasse obstacle(Ce qui arrête, ce qui oppose, ce qui empeche).
Tuvuze obstacle rero ni inzitizi canke igifashi. 
Iyo uravye rero nko kw'isi usanga mu buzima bwa politike abatari mu ntwaro baca bavuga ko bari muri 'opposition' canke ngo ni aba Opposants.

Mugice ca (2) tuzorabira hamwe nimba amajambo abantu bemererwa gukoresha hari inkurikizi mbi afise canke yubaka.

mercredi 3 juin 2015

Ayons confiance en Dieu

 ".... Celui qui demeure en moi et en qui je demeure porte beaucoup de fruit, car sans moi vous ne pouvez rien faire." (Jean 15:5)

Chers Burundais, Dieu nous demande de faire confiance en Lui en toutes circonstances afin que toutes nos entreprises réussissent. (Psaumes 1:3)

Certains leaders de ce monde ont tracé une ligne de conduite pour leurs rejetons et ces derniers semblent suivre cette ligne sans ombrages. Voici l'engouement des puissants de ce siècle:

"Les Etats n'ont pas d'amis, ils n'ont que des intérêts" dixit Général de Gaulle.

"L'histoire est une suite de mensonge sur les lesquels on est d'accords". Napoléon Bonaparte.

Voilà la croyance et la conviction mondaine. Ces confirmations nous tracent l'image du monde d'aujourd'hui et n'ont rien à avoir avec la volonté de Dieu qui nous demande d’être caractérisé par la vérité et non le mensonge. Dieu nous appelle de faire preuve de l'altruisme et éviter des intérêts égoïstes.
Nous devons aimer sans condition. Dieu nous demande même d'aimer nos ennemis et ne pas les faire du mal puisque la vengeance Lui appartient. Nous vous hâtez pas à faire le mal à votre voisin.

A nous les burundais de juger ce qui est bon pour nous avant de choisir les étrangers soient-disant forts comme alliés. Soyons les alliés de Dieu.

"Quant à ma famille et moi, nous servirons l'Eternel". (Josué 24:15)

Ayons confiance en Dieu, Créateur des cieux et de la terre. Les autres chemins sont pleins d'impasses et n'ont pas d'issue.