jeudi 30 avril 2015

Abavugishwa, ubuhanuzi (7)

Tumaze imisi twungurana ubumenyi kubijanye n'Abavugishwa, kandi twarize vyinshi bijanye n'ukuntu umukristo yokwifata mu gihe yumvise ubuhanuzi.

Ariko rero, birashika ugasanga wewe wagiriwe amahirwe yo gusangira nanje Ijambo ry'Imana kubijanye n'ubuvugishwa ukaba udasobanukirwa neza canke bikanashika ukaba warasobanukiwe n'ico ijambo ry'Imana rivuga. Naho bir'uko, ejo urashobora gushikirwa n'izindi nyigisho, hamwe ukumva nizo ahandi ukagira amakenga. None mur'ico gihe Ijambo ry'Imana riduhanura iki?

"Kuko ariko Uhoraho abariye inzu ya Isirayeli, ati Abe ari jewe musiguza, kugirango mubone kubaho"  (Amosi 5:4)

Mbega iyo uzazaniwe ubaza nde? Ubandanije usoma urabona ko abantu benshi ico gihe baja kubaza ibijanye n'ibihe ba kamenyi i Beteli, Girugali (Amosi 5:4-6). Kenshi barajuragizwa bakabura ico bakora n'ico bareka. Hari abantu benshi bigira abavugishwa n'Imana ariko vy'ukuri baba bagamije kuzimiza ubwoko bw'ab'Abisirayeli. Muri kino gihe abantu bizera cane ivyo babwiye n'Abavugishwa kandi bakanatako bakabishira mu ngira, ata makenga, ata no gusiguza Imana.

None ko Imana itwemerera kuyisiguza, kuber'iki tuguma tujuragirika ngo Abavugishwa bavuze ibi canke biriya. Kandi no mur'abo nyene twita Abavugishwa baravuguruzanya bati uriya nta kuri agira canke ngo ntiyatumwe n'Imana, umwe wese agashaka ko ivyiwe arivyo vy'ukuri.

Icitonderwa: Niba ufite inyota yo kugendera mu muco, wame wiyeza, wihane ivyaha ninaho ushobora gusiguza Imana ikakwishura.

Niwaba naho utarakira Yesu Kristo nk'Umukiza n'Umwami w'Ubugingo bwawe, bikore uyu musi kuko ejo ni kera.

Ndizera ko ivyo ijambo ry'Imana ryatwibukije kubijanye n'ubuhanuzi canke Abavugishwa bigiye kudufasha mu kwirinda kugwa mu mutego wa Satani, atakindi arota atari Kwiba, Kwica no Gusambura. 

SIGUZA IMANA

mercredi 8 avril 2015

Abavugishwa, Ubuhanuzi (6)

Mbega Abavugishwa bavuze ibintu bigashika uko babivuze twoca tubizera ko ar'ab'ukuri?
"Muri mwebwe nihāduka umuvugishwa cank'umurōsi, akabaha ikimenyamenya cank'akababarira igitangaza, ico kimenyamenya canke ico gitangaza kigashika, ico yababariye, ati nicashika tuze tugendanire izindi mana, tuzisabe; kand'ar'imana mutigeze kumenya; ntimuze ntimuze mwemere amagambo y'uwo muvugishwa canke y'uwo murōsi, kuko Uhoraho Imana yanyu azoba abagerageza, ngw'amenye yuko mumukundisha imitima yanyu yose n'ubugingo bwanyu bwose.Gusubira mu vyagezwe 13:2-3
Aha turabona ko bashobora kuvugishwa canke kurōta ibintu bigashika. Ariko dukwiye gusuzuma ko uyu muntu adasenga izindi mana. Ivyo iyo twitonze tukagenzura abo bantu usanga bimwe mu bikorwa bakora canke mu vyo bavuga biri kubiri n'ivyagezwe vy'Imana. Mu bihe vya kera abantu nk'abo baca babica kandi n'uno musi hariho amadini yemera ko wishe umuntu afise izindi nyigisho zitandukanye n'ivyo wemera ko akwiye kwicwa, ariko kubera ubuntu bw'Umwami wacu Yesu Kristo urubanza rwo gupfa yarukuyeho. 
Hariho nk'abagabo babwira abakobwa ngo bajane mu cumba c'amasengesho basengereyo babambaye amenya , ubusa bakabatota imiti ngo bariko baraboza ivyaha. Biranashika bakababwira ko Imana yababwiye ko bategerezwa kuryamana nabo kugirango babakure umuvumo w'icaha c'ubusambanyi baba baraciyemwo. Kandi abatari bake baramaze kugwa muri bene iyo mitego. Eka hari n'ababwira abagore canke abagabo bubatse ingo zabo canke abacaguranye ko ataribo Imana yabageneye ugasanga barasambanye n'abo biyita abavugishwa. Mu bisanzwe baba bariko bakorera izindi mana atari Imana Rurema yaremye Ijuru n'isi n'ivyuzuyemwo vyose. Abandi usanga buzuye imvugo z'amacakubiri n'izingo y'akazikira. Abandi nabo usanga bahimiriza cane abantu gutanga ivyabo ko ariho kugirango babasengere. Utagize ico atanga ntibamusengera. Abakristo benshi rero birabagora kubahinyura kuko baba bakoreye ibitangaza imbere y'amaso yabo canke bakababwira ivy'ubuzima bwabo bwose, n'ivyo umuntu yari yibaza ko ari we wenyene abizi. Dukwiye kumenya ko Satani azi ivyacu vyose ducamwo mu buzima bwacu bwo ngaha kw'isi. 
Woba umaze kubibona aho ubaye? Nimba uzazaniwe uri umukrito kubera inyigisho z'Abavugishwa ukabura ico ufata n'ico ureka, urasoma igice ca (7) uzoronka inyishu.

Bandaniriza ku gice ca (7)





lundi 6 avril 2015

Abavugishwa, Ubuhanuzi (5)

Ijambo ry'Imana ntidukwiye kurigira muri twebwe rigwiriye gusa, ariko dutegerezwa no kuryamizako umutima ijoro n'umurango. 
"Hahirwa umuntu atagendera mu nama z'ababi, aticarana n'abacokoranyi. Arikw'ibimuhimbara biri mu vyagezwe vy'Uhoraho, kandi ivyagezwe vyiwe nivyo ashirak'umutima ku murango no mw'ijoro.Zaburi 1:1-2
Mu gihe umuntu adashize umutima ku vyagezwe vy'Imana akanya ku kandi, ntamahirwe ashobora kugira kuko yama ajana n'ibije, akajuragirika. Mbega abo babi tubona ni bande? Ni babavugishwa b'ibinyoma, kandi ni nabo bacokoranyi kuko usanga banegura bakanasuzugura cane abakozi b'Imana. 
Benshi mu banyisirayeli bo mu gihe ca kera barajuragirika kuko muribo haraza abavugishwa benshi bakababwira ibi na biriya bamwe bakabura ico bafata n'ico bareka. Vyarabagora cane gutandukanya abavugishwa batumwe n'Imana vy'ukuri bo n'ab'ibinyoma.
Kugirango bashobore guhangana n'abo bavugishwa vyabaye ngombwa ko basubira mu vyagezwe vy'Uhoraho.
"Umuvugishwa azogira ico avuze mw'izina ry'Uhoraho, hanyuma ntikibe, ntigishike; ico kizoba kitāvuzwe n'Uhoraho: uwo muvugishwa azoba yahāngāye kucigenera: ntimuze mumutinye." Gusubira mu vyagezwe 18:22
Aha ijambo ry'Imana ritwereka ko tudakwiye kugira ubwoba ngo tubatinye. None bavuze ibintu bikaba duce duhuta kwizera ivyo bavuze?
Haba namba! Dukwiye gusuzuma ijambo ry'Imana neza tubifashijwemwo na Mpwemu Yera. Hari abavugishwa ibintu bikaba, ariko ku ruhande ugasanga bafise izindi nyigisho zidahuye n'ijambo ry'Imana. Mu gice gikurikira turabona uko twobamenya.


Turabe ico Ijambo ry'Imana ribivugako mu gice ca (6)

vendredi 3 avril 2015

Abavugishwa, Ubuhanuzi (4)

None twomenya dute abavugishwa n'Imana kw'ar'ab'ukuri?

"Iki abe arico kibamenyesha Mpwemu w'Imana; impwemu yose yatura Yesu Kristo ko yaje afise umubiri, iba yavuye ku Mana, kandi impwemu yose itatura Yesu irtyo ntiba yavuye ku Mana: Kandi iyo mpwemu iba ari iya Antikristo, iyo mwumvise ko izoza kandi iramaze gushika.1 Yohana 4:2-3

Aha muraraba neza! Naho abavugishwa bashobora kuza bitwaje izina rya Yesu Kristo, birakwiye ko tubasuzuma tukamenya koko ko iyo mpwemu ibarimwo iva ku Mana. Umuvugishwa w'ibinyoma ashobora kuvuga izina rya Yesu Kristu ariko ntashobora kwatura ko Yesu Kristu yaje afise umubiri ngaha mw'isi, akabambwa k'umusaraba kubera ivyaha vy'abantu, agapfa, akazuka intsinzi inyuma y'imisi itatu, hanyuma akaduga mw'Ijuru. None wewe nimba mwarahuye nabo uramaze kubasuzuma maze bakatura n'akanwa kabo ivyo tumaze kuvuga? Kandi kwatura ikintu ni ukuvuga ko umuntu ari yivugira ubwiwe. Ntabwo umubaza nawe ngo aze aravuga ngo Ego canke Oya. Ategerezwa kuvyiyaturira we nyene ubwiwe. 

Ico maze kubona co iyo ari impwemu mbi, uwo muntu aca ashavura, akagutega imisi, akakubwira ko utategerezwa kumubaza n'ikintu na kimwe ko uriko urapinga Imana. Ntuze ugire ubwoba Imana iratwemerera gusuzuma impwemu twisunze ijambo ry'imana. uwo ni umurongo canke akarimbi Imana yaciye (kwatura ko Yesu Kristo yaje afise umubiri) kandi Satani ntashobora kuwurenga. 

Ariko rero hariho n'abandi bantu ivyo vyose bavyatura bakoresheje ubwenge bwabo ariko ari indyadya kandi kubera baba bironderera amaronko. Abo nabo rero tubasanga mu gitabo c'Abaroma . Bareruye basa n'abantu bahebwe n'Imana kuko biyemeje kugendera mu bu dyadya, bakaba ba mpemuke ndamuke. Abo rero uca ubamenyera ku vyo bama. Abantu nk'abo ntaco baba bacera, ivyagezwe vy'Imana babirenga babibona.

"Kandi nk'uko banse kumenya Imana mu mitima yabo, niko Imana yabahevye ngo bagire imitima y'akāhebwe, bakore ibitabereye,...Abo, naho bāmenye urubanza Imana ica, yukw'abakora ibisa birtyo bakwiye gupfa, ntibabikora gusa, ariko batako bagashima n'ababikora". Abaroma 1:28,32 

Abavuzi canke abaganga bafasha abagwayi bo mu mutwe canke bafise ingorane z'imibano usanga bafise ubuhinga (methodes) butandukanye bwo kumenya ingorane umuntu afise bagaca bamenya uko batorera inyishu ingorane uwo muntu aba afise. Iyo bisunze ubuhinga bumwe gusa usanga ataco bashobora gufasha abagwayi. Natwe rero nk'Abakristo turakwiye kugira ijambo ry'Imana rigwiriye muri twebwe, kuko iyo dufatiye ku murongo umwe gusa wa Bibiliya usanga dushobora guhendwa vyoroshe. Ni vyiza rero ko tugira ijambo ry'Imana rigwiriye muri twebwe.

"Ijambo rya Kristo ribe muri mwebwe rigwiriye, ririmwo ubwenge bwoseAb'I Kolosayi 3:16

Muri Hoseya 4:6 turabona ko Imana ivuga ko abantu baranduka canke bahona kubera kutagira ubwenge. Ubwenge ni ukuvuga Ijambo ry'Imana. Umuntu iyo amaze guta ubwenge aca akora ibitaroranye. Kugirango umenye umukristo yataye ubwenge mu buryo bw'impwemu nuko uba uzi Ijambo ry'Imana, ukumvira Mpwemu Yera kuko ariwe adufasha kuritahura. 

Abakristu duhimirizwa cane kwitaho kumenya ijambo ry'Imana kuko nico kirwanishwa gikomeye gituma umwansi atotuvogera uko yishakiye. Iyo Umukristo atazi ijambo ry'Imana aravogerwa cane n'inyigisho z'ibinyoma. Abakristo dutegerezwa kwamiza Ijambo ry'Imana mu mitima yacu na ntaryo kugirango inyigisho turonka tumenya nimba zihuye n'ivyo Imana igomba.

Tubandanye mu gice ca (5)


jeudi 2 avril 2015

Abavugishwa, Ubuhanuzi (3)

"Kuko hazokwaduka abigira Kristo n'abigira abavugishwa n'Imana, bagakora ibimenyetso bihambaye n'ibitangaza, kugirango bazimize n'abatoranijwe nivyashoboka". Matayo 24:24

Mbega abavugishwa twokwemera ivyo bavuga kubera ibitangaza vy'akumiza bakora?

Ihibambewe! Ntitwohuta twemera ivyo bavugishijwe kubera batubwiye ivyacu canke bakoze ibiboneka nk'ibitangaza nko gusengera abagwayi, kuzura abapfuye, gusenda abadayimoni,...kandi bakabikora mw'izina rya Yesu. 

Abakristo batari bake bumvise umuntu avuga izina rya Yesu wese baca bibaza ko bari kumwe. Bizera ko atawukoreshwa n'impwemu mbi yovuga izina rya Yesu. Ariko Yesu aragabisha Abakristo biciye mw'Ijambo ry'Imana muri Bibiliya:

"Kuko benshi bazoza mw'izina ryanje, bati Ni jewe Kristo, kandi bazozimiza benshi". Matayo 24:5

Ijambo ry'Imana rirerekana ko bazoza ari benshi. Mbega aho uherereye hari abavuga ko ari abavugishwa umaze kubona? Wahise wizera ivyo bavuga kubera ibitangaza ubona bakora canke waragize amakenga urasuzuma? 

Bandanya usoma igice ca (4) kugirango umenye

mercredi 1 avril 2015

Abavugishwa, Ubuhanuzi (2)

"Abo nkunda, ntimwemere impwemu zose, ariko mugerageze impwemu ko zavuye ku Mana: Kukw'abigira  abavugishwa n'Imana benshi bādutse mw'isi.1 Yohana 4:1


Bamwe mu bavugishwa ntibemera ko hari ubabaza ibibazo na cane cane ushingiye kuri Bibiliya. Baca baterana ubwoba. Kandi abantu benshi usanga babatinya bakemera ivyo bababwiye vyose. Ariko turabonye neza ko Bibiliya idusaba gusuzuma kugirango tutagwa mu caha kubera ukutamenya.

"Abantu banje baranduwe no kutagira ubwenge: Wewe ko wataye ubwenge nanje nzoguta, ......ko wibagiye ivyagezwe vyanje, Imana yawe, nanje nzokwibagira abana bawe". Hoseya 4:6

Aha rero duca tubona ko umukristu adashobora gusuzuma ubuhanuzi mu gihe atazi ijambo ry'Imana. Abazi gusoma bogira umwete wo gusoma Bibiliya bakayiheza; si ukuvuga ko bayifata ku mutwe, ariko Mpwemu Yera iyo tugize amakenga canke twibagiye indanzi y'ijambo ry'Imana muri Bibiliya,  aca atwibutsa. Ariko umuntu yibutswa ikintu yigeze kumenya, kubona canke kwumva. Iyo umukristo atitaho ijambo ry'Imana, ivyagezwe vy'Imana aba ameze nk'umuntu yahebwe kandi n'Imana turabona ko idaheza ngo yiteho ivyiwe. Nimba ushaka kutaranduka amiza ivyagezwe vy'Imana k'umutima wawe.

Ukeneye kumenya vyinshi ubisanga mu gice ca (3)