jeudi 14 avril 2016

Ibanga ry'umunezero

Abantu benshi usanga biruka muri ibi na biriya bibazako arivyo bibazanira umunezero no gutunganirwa. Ijambo ry'Imana riratwereka neza ko umunezero nyakuri uva ku Mana.
Mbega none uwo munezero uboneka gute? Mbega umuhirwe ninde? Ijambo ry'Imana ryama rifise inyishu ku kibazo cose umuntu yokwibaza.
"Hahirwa umuntu atagendera mu nama z'ababi, adahagarara mu nzira y'abanyavyaha,aticarana n'abacokoranyi. Arikw'ibimuhimbara biri mu vyagezwe vy'Uhoraho, kand'ivyagezwe vyiwe nivyo ashirak'umutima ku murango no mw'ijoro. Azoba nk'igiti gitewe hafi y'imigezi y'amazi, cama igihe caco, ibibabi vyaco ntivyuma: Ic'azokora cose kizomubera ko." Zaburi 1:1-3
Kugirango rero umuntu ivyo abishikeko n'uko yumvira ico cose ijambo ry'Imana rivuze. Rivuze riti kora iki, reka kiriya, umuntu akwiye gukurikiza ivyo nyene ata yandi majambo arinze kwibaza. Hariho kwumva, hakaba no kubungabunga. Iyo ubungabunze ikintu ntigiheza ngo cononekare. Ijambo ry'Imana rirerekana rero ko umuntu w'umuhirwe ari uwubungabunga ijambo ry'Imana. 
"...., Na we aramwishura, ati na cane cane hahirwa abumva ijambo ry'Imana bakaribungabunga." Luka 11:27-28
Hari igihe abantu bibaza ko iyo umuntu aronse ubutunzi nk'amahera, amamodoka, amazu, umugore, umugabo n'ibindi aba anezerewe. Ihibambewe! Umwami Dawidi ntaco yarabuze mubijanye n'ivyo kunezereza umubiri, ariko yarazi ko ivyo bitomuzanira umunezero ari naco gituma yisabiye umunezero uva ku Mana.
"Unkomorere umunezero w'agakiza kawe; ..." Zaburi 51:12
Uwo munezero rero nta kindi kiwutwara atari icaha. Dawidi kubera icaha yari yakoze vyatumye umunezero ugenda, amahoro aramuhunga. Igice ca 51 cose turabona Dawidi ariko arihana yicuza, asaba imbabazi, yinginga Imana ngo imushoboze kuyigororkera mu kumusubizamwo Mpwemu Yera (11b).
Umuntu rero arakwiye gutandukana n'ivyaha agahimbara Imana mu kugendera mu bugombe bwayo. Imana nayo yarasezeranye ko umunezero uca utaha ku muntu ameze atyo. Uretse umunezero Imana ica iha umuntu ubumenyi bo n'ubwenge bimufahsa gutahura ijambo ry'Imana mu buryo bwiyaguye.
"kuk'umuntu ayihimbaye imuha ubwenge no kumenya n'umunezeroUmusiguzi 2:26
Urashaka kugira umunezero, ukironkera ubwenge no kumenya? Akira Umwami Yesu Kristo urakira. Yesu aca aguharira, akakweza, maze akaguha Mpwemu Yera kugirango agutahuze ijambo ry'Imana kandi akubere Umujanama. Ukaba wumva woha kaze Umwami Yesu Kristo mu bugingo bwawe, Fyonda aha maze uce usubiramwo arya majambo kuva ku gace ka 1 gushika ku gace ka 5.

Izere Umwami Yesu Kristo urakira.




Kugunga Imana ivyayo (3)


Kugunga Imana twamaze kubona ko bifise inkurikizi nyinshi mbi. Iyo ugunze Imana uba ubaye umubeshi kandi ntuba wumviye namba.

Ananiya na Safira bagunze Imana mu vyo bo nyene bari bemeye ko batanga, ariko bamaze kubona amahera avuye mw'itongo bagurishije baciye banyegeza amahera amwe baca bashaka gushikana ibidakwiye. Ukwo kutumvira kwabazaniye urupfu! Ivyak. 5:1-11

Inkunzi y'amahera ntizohazwa n'amahera; n'ukunda ibitayega ntazohazwa n'inyungu(Umusiguzi  5:10). Gufunereza kw'umutunzi kumubuza gusinzira. Umusiguzi 5:11

N'ukuri kugunga Imana guhindura umunyabwenge igipfu, kand'impera izimiza ubwenge. Umusiguzi 7:7

Ni wasezerana isezerano ku Mana ntutebe kurishitsa; kukw'idahimbarwa n'ibipfu: ushitse ico wasezeranye. wopfuma utagira ico usezerana hako usezerana ntushitse. Umusiguzi 5:4-5 
Imana nta tegeko yahaye abantu ngo bame bagira ico basezerana; umuntu abikora avyigombeye bivanye n'ico Imana yamukoreye. Nta gahato kajamwo. 

Abakristo benshi rero usanga bagunga Imana kubera kwitwararika ivy'umubiri. N'igihe batanze ibigiracumi canke amashikanwa benshi batwara ibidakwiye nk'uko Ananiya na Safira babikoze. Iyo dutanze ibigiracumi, amashikanwa, amashimwe, imishuzo, ibikorwa,... bija mu bituma igikorwa c'Imana gitera imbere. 

 kwicwa n'ubukunzi bw'itunga, amahera. umusiguzi 5:13-14


Turakwiye gukorera Imana mu buryo bwose kuko ivyacu ari birya dukoreyemwo Imana. Ubutunzi bwacu tububike mw'Ijuru.