mercredi 14 septembre 2016

Ihane ivyaha ugifise umwanya

Abarundi barayamaze bati: 
  • Inyankakubwirwa yabwiwe n'amaso gutukura
  • Ingumbiri y'umwungu yinjiranye uruguma mu nkono
  • Agasozi k'intahanurwa kahiye abagabo barorera
  • ...
Ijambo ry'Imana riravuga riti: "Upfukapfuka ibigabitanyon vyiwe ntazoronka umugisha, arik'uvyihana akabireka azogirirwa ikigongwe" Imigani 28:13
Ijambo ry'Imana rirerekana ko umuntu yanka inyungu mbi azoramba (Imigani 28:16b). 
Tirabona rero ko umuhirwe ari umuntu yiyubara akirinda gukora ibibi.
"Hahirwa umuntu yama yiyubara, arik'uwikomantaza umutima azogwa mu vyago." (28:14)
Abantu benshi bihutira gutunga ariko bakibagira ko "imiraguzi y'ubushushe itamenya ko ubuhoze buryoha". Uwihutira kuba umutunzi ntazobura guhanwa (28:20b)
Hari abantu bamwe berekana ko bafise ukwubaha Imana, eka n'ijambo ry'Imana baryamiza mu kanwa ariko bakifatanya n'abakora ibibi. 
"Arik'umunyakibi Imana iramubaza, iti wiruhiriza iki kubarira abandi amabwirizwa yanje, ugashira isezerano ryanje mu kanwa kawe? Iy'ubonye umusuma, wemeranya nawe, kandi wifatanya n'abasambanyi. ..." Zaburi 50:16-17
Ahandi ijambo ry'Imana riravuga riti: "Indya z'ibinyoma ziraryohera umuntu, ariko hanyuma zikamuhindukira urusekebuye mu kanwa" Imigani 20:17
Ivyo vyaha rero (ubusuma, kurya no gutanga ibiturire,...) ubikore uzi ko uzobona ibara. Iga kubumbwa n'umugisha uva ku Mana., ivyo ufise bikubumbe.
Naho vyoba vyarakugoye ukagendera mu ngeso mbi zo kwiba, ko ugihumeka, Yesu aguteze ibiganza ngo akubabarira niwatura ivyaha vyawe urakira.

Yesu ni inzira, Ukuri, Ubugingo.




lundi 5 septembre 2016

Les armes spirituelles des chrétiens

Les armes spirituelles des chrétiens pour tenir ferme contre les manœuvres du diable, Satan:
• La ceinture de la vérité
• La cuirasse de la justice
• Le zèle comme chaussures pour annoncer l’évangile de paix
• Le bouclier de la foi pour éteindre toutes les flèches enflammées du mal
• Le casque du salut
• Et enfin l'épée de l'Esprit, la parole de Dieu
Un bon soldat doit savoir comment manipuler les armes, les entretenir, les laver avec de l'huile appropriée. La parole de Dieu montre qu'il faut se munir de ces armes de façon constante. La foi en la parole de Dieu vous tienne debout et fait fondre les armes de l'ennemi (Satan), les rendre sans effets. La foi vous fait tenir jusqu'au bout du combat.
Ce n'est pas par les armes fabriquées par la main de l'homme que le  Burundi vaincra, mais plutôt par les armes spirituelles telles que bien énumérées dans la Bible.
Nos aînés dans la foi ont vaincu le mal du diable en se munissant des armes spirituelles:

Jésus Christ: Matthieu 20:18 (Jésus, s'étant approché, leur parla: Tout pouvoir m'a été donné dans le ciel et sur la terre) 
Ezéchias: 2 Rois:19:35(Cette nuit-là, l'ange de l'Eternel sortit, et frappa dans le camp des Assyriens cent quatre-vingt-cinq mille hommes. Et quand on se leva le matin, voici, c'étaient tous des corps morts)
Elisée: 2 Rois 6:16 (...ne crains point, car ceux qui sont avec nous sont en plus grand nombre que ceux qui sont avec eux(nos ennemis)
David: ( Je poursuis mes ennemis, et je les détruis; je ne reviens pas avant de les avoir anéantis (8)).
Gédéon: Juges 7:9 (L'Eternel dit à Gédéon pendant la nuit: Lève-toi, descends au camp, car je l'ai livré entre tes mains)
Néhémie: Néhémie 2:20 (...Le Dieu des cieux nous donnera le succès. ...)
Paul: Philippiens 4:13 (Je puis tout par celui qui me fortifie)
etc.; la liste des vaillants dans la foi biblique-chrétienne est longue

Chers frères et soeurs Burundais(es), certes, notre pays traverse des moments difficiles où nous voyons même des puissances de ce monde se lever, injustement, contre notre belle nation, mais avec l'aide de Dieu nous tenons debout!

Le Burundi tiendra débout pourvu que Dieu soit avec nous.
Souvenons-nous de ceci: Sans Jésus Christ, ne nous pouvons rien faire (Jean 15:5b)


jeudi 14 avril 2016

Ibanga ry'umunezero

Abantu benshi usanga biruka muri ibi na biriya bibazako arivyo bibazanira umunezero no gutunganirwa. Ijambo ry'Imana riratwereka neza ko umunezero nyakuri uva ku Mana.
Mbega none uwo munezero uboneka gute? Mbega umuhirwe ninde? Ijambo ry'Imana ryama rifise inyishu ku kibazo cose umuntu yokwibaza.
"Hahirwa umuntu atagendera mu nama z'ababi, adahagarara mu nzira y'abanyavyaha,aticarana n'abacokoranyi. Arikw'ibimuhimbara biri mu vyagezwe vy'Uhoraho, kand'ivyagezwe vyiwe nivyo ashirak'umutima ku murango no mw'ijoro. Azoba nk'igiti gitewe hafi y'imigezi y'amazi, cama igihe caco, ibibabi vyaco ntivyuma: Ic'azokora cose kizomubera ko." Zaburi 1:1-3
Kugirango rero umuntu ivyo abishikeko n'uko yumvira ico cose ijambo ry'Imana rivuze. Rivuze riti kora iki, reka kiriya, umuntu akwiye gukurikiza ivyo nyene ata yandi majambo arinze kwibaza. Hariho kwumva, hakaba no kubungabunga. Iyo ubungabunze ikintu ntigiheza ngo cononekare. Ijambo ry'Imana rirerekana rero ko umuntu w'umuhirwe ari uwubungabunga ijambo ry'Imana. 
"...., Na we aramwishura, ati na cane cane hahirwa abumva ijambo ry'Imana bakaribungabunga." Luka 11:27-28
Hari igihe abantu bibaza ko iyo umuntu aronse ubutunzi nk'amahera, amamodoka, amazu, umugore, umugabo n'ibindi aba anezerewe. Ihibambewe! Umwami Dawidi ntaco yarabuze mubijanye n'ivyo kunezereza umubiri, ariko yarazi ko ivyo bitomuzanira umunezero ari naco gituma yisabiye umunezero uva ku Mana.
"Unkomorere umunezero w'agakiza kawe; ..." Zaburi 51:12
Uwo munezero rero nta kindi kiwutwara atari icaha. Dawidi kubera icaha yari yakoze vyatumye umunezero ugenda, amahoro aramuhunga. Igice ca 51 cose turabona Dawidi ariko arihana yicuza, asaba imbabazi, yinginga Imana ngo imushoboze kuyigororkera mu kumusubizamwo Mpwemu Yera (11b).
Umuntu rero arakwiye gutandukana n'ivyaha agahimbara Imana mu kugendera mu bugombe bwayo. Imana nayo yarasezeranye ko umunezero uca utaha ku muntu ameze atyo. Uretse umunezero Imana ica iha umuntu ubumenyi bo n'ubwenge bimufahsa gutahura ijambo ry'Imana mu buryo bwiyaguye.
"kuk'umuntu ayihimbaye imuha ubwenge no kumenya n'umunezeroUmusiguzi 2:26
Urashaka kugira umunezero, ukironkera ubwenge no kumenya? Akira Umwami Yesu Kristo urakira. Yesu aca aguharira, akakweza, maze akaguha Mpwemu Yera kugirango agutahuze ijambo ry'Imana kandi akubere Umujanama. Ukaba wumva woha kaze Umwami Yesu Kristo mu bugingo bwawe, Fyonda aha maze uce usubiramwo arya majambo kuva ku gace ka 1 gushika ku gace ka 5.

Izere Umwami Yesu Kristo urakira.




Kugunga Imana ivyayo (3)


Kugunga Imana twamaze kubona ko bifise inkurikizi nyinshi mbi. Iyo ugunze Imana uba ubaye umubeshi kandi ntuba wumviye namba.

Ananiya na Safira bagunze Imana mu vyo bo nyene bari bemeye ko batanga, ariko bamaze kubona amahera avuye mw'itongo bagurishije baciye banyegeza amahera amwe baca bashaka gushikana ibidakwiye. Ukwo kutumvira kwabazaniye urupfu! Ivyak. 5:1-11

Inkunzi y'amahera ntizohazwa n'amahera; n'ukunda ibitayega ntazohazwa n'inyungu(Umusiguzi  5:10). Gufunereza kw'umutunzi kumubuza gusinzira. Umusiguzi 5:11

N'ukuri kugunga Imana guhindura umunyabwenge igipfu, kand'impera izimiza ubwenge. Umusiguzi 7:7

Ni wasezerana isezerano ku Mana ntutebe kurishitsa; kukw'idahimbarwa n'ibipfu: ushitse ico wasezeranye. wopfuma utagira ico usezerana hako usezerana ntushitse. Umusiguzi 5:4-5 
Imana nta tegeko yahaye abantu ngo bame bagira ico basezerana; umuntu abikora avyigombeye bivanye n'ico Imana yamukoreye. Nta gahato kajamwo. 

Abakristo benshi rero usanga bagunga Imana kubera kwitwararika ivy'umubiri. N'igihe batanze ibigiracumi canke amashikanwa benshi batwara ibidakwiye nk'uko Ananiya na Safira babikoze. Iyo dutanze ibigiracumi, amashikanwa, amashimwe, imishuzo, ibikorwa,... bija mu bituma igikorwa c'Imana gitera imbere. 

 kwicwa n'ubukunzi bw'itunga, amahera. umusiguzi 5:13-14


Turakwiye gukorera Imana mu buryo bwose kuko ivyacu ari birya dukoreyemwo Imana. Ubutunzi bwacu tububike mw'Ijuru.

lundi 14 mars 2016

Kugunga Imana ivyayo (2)

"Mwaziga vyinshi, mugize murtya musanga ni bike; kandi niyo mubizanye muhira ndabitūvya".(Hagayi 1:9)

Iryo jambo Imana yaribwiye Ab'Isirayeli igihe yari yabasavye kwubaka ingoro y'Uhoraho nabo bakanka, ahubwo bakihutira kwubaka amazu yabo, barareka ingoro y'Imana irahomvagurika. Umuntu atubaha Imana ngo akore ivyo igomba ntabwo yigera ahaga, yamana umwina w'ivy'isi.

Imana ica ibabwira ko igituma bama bavomera mu kiva ar'uko bafashe minenerwe igikorwa c'Imana, bibagira ko bazibiye iyo biva. Imana ica inababwira ko ari naco gituma ata n'imvura bakironka yo kuvomera imirima yabo, bigatuma babura umwimbu kandi barimye. (Hagayi 1:11)

Umuntu rero arashobora kubonwa ko umengo afise ubutunzi ariko kubera atubaha Imana ngo ayikorere ugasanga vy'ukuri mu buzima bwiwe yamana umwitwarariko, ntatore agatiro, canke yaryama akama arota nabi kubera yama yitwararitse ivy'isi kurusha ivy'Imana (Umusiguzi 5:3).

Korera Imana rero ugifise uburyo, kuko ivyo ufise vyose Imana yabiguhaye kugirango ubashe gukora igikorwa cayo. Imigisha rero Imana iha abayikorera mu buryo bw'amashikanwa n'ibigiracumi kandi bakabikora n'imitima ikunze, itabagiriza icaha ni myinshi. Ntabwo Imana ivuga ngo nzoguha inzu, imodoka,..ivuga ngo nzoguncuncuburira umugisha ubure aho uwukwiza. Imana ishobora kuguha kunezererwa no kwama ubumbwa n'ivyo ufise uko biba biri kwose, maze uwo munezero ukaba mwinshi, Imana ishobora kuguha kwihanganira amageragezwa ntaguteshe urugendo ruja mw'Ijuru. Ikintu gikomeye rero ni ukwifuza kugira iherezo ryiza, tukazoragwa Ubwami bw'Imana (Ab'I Kolosayi 3:24).

mercredi 27 janvier 2016

Kugunga Imana ivyayo (1)

Ijambo kugunga rishobora gusobanurwa nko: kwimana, kwiba, kudyadya,...

"Uhereye mu bihe vya ba sogokuruza muhora mukevya mugata amabwirizwa yanje, ntimuyitondere. Nimungarukeko, nanje nzobagarukako, niko Uhoraho Nyen'ingabo agize. ..." (Malaki 3:7)

Kenshi abantu iyo bahezagiwe bakaronka iki canke kiriya baca bibaza ko ari kubw'inkomezi zabo canke ubwenge bwabo, bakibagira iyo biva. Imana isaba abakristo gukora mu buryo bwo gutanga ibigiracumi n'amashikanwa bivuye mu vyo bimbuye, vyaba ibirimwa canke amahera kugirango igikorwa cayo biciye mu bakozi bayo kibandanye. Abantu bamwe baca bavuga ngo Imana ntavyo ikeneye. Ivyo babiterwa no kutamenya Ijambo ry'Imana, kuko Imana iravyerekana neza mw'Ijambo ryayo:

"...mwangunze ikigiracumi n'amashikanwa." Malaki 3:8

Kudakorera Imana rero muvyo itugera gukora ntaho bitandukaniye n'umugararizo. Iyo dutanze ikigiracumi n'ayandi mashikanwa, ishengero riratera imbere, rigashobora kwakira abakozi b'Imana, rikanafasha n'abagowe ndetse no mw'iterambere ry'igihugu.

Iyo tugararije rero ntidukore ivyo Imana igomba tuba twikwegeye umuvumo mu vyacu no mu bacu.

Ivyiza biva mugukorera Imana rero ni vyinshi cane, kuko Imana iravuga iti:"...enda nimubingeragereshe murabe ko ntazobagomorera ingomero zo mw'Ijuru, nkabacuncuburira umugisha, mukabura aho muwukwiza." Malaki 3:10

Hano ikintu gikomeye cane ni umugisha. Umuntu yubaha Imana, agakora ivyo imugera aba umunyamugisha, akamana amahoro n'umunezero kuko aba ahimbara Imana (Umusiguzi 2:26). 

Ntibigarukira aho gusa. Iyo umuntu akoreye Imana n'umutima ubikunze, Imana nayo irakingira itunga ryiwe:"Nzokankamira ururyi kubwanyu, ntirwonone imirima yo mu ndimiro zanyu; kandi n'umuzabibu wo ndimiro zanyu ntuzorumba, nik'Uhoraho nyen'ingabo agize. Kandi amahanga yose azobita abanyehirwe, kuko muzoba igihugu c'igikundiro, nik'Uhoraho nyen'ingabo agize." (Malaki 3:11-12)

Ibi vyose umukristo akwiye kubikora mu kwizera ko Ijambo ryose rihumetswe n'Imana ar'ukuri. Kuko irinda Ijambo ryayo kugirango irishitse (Yeremiya1:12b).

Nimba nizera ko Imana yaremye Ijuru n'isi n'ibirimwo vyose, ko ari nayo yandemye, nobuzwa n'iki kwizera amasezerano yayo! 

Reka twubahe Imana, tugendere mukugororoka, maze twirabire imigisha yayo mu bugingo bwacu.