vendredi 28 décembre 2018

URUKUNDO RW'IMANA

Urukundo rw'Imana rubonekera mu Mwana wayo w'Ikinege Yesu Kristo.
Imana ntiyakunze ko umwana w'umuntu, wewe nanje, ko apfa rubi, agapfira mukutamenya. Ari naco gituma Yesu Kristo yaje kubana n'abantu akabigisha ivy'Ubwami bw'Imana, agategura imitima y'abantu ukuntu yoshikira Ubwami bw'Imana.
Mugenzi mwene Data wama unkurikirana mu butumwa Yesu Kristo Inzira Ukuri Ubugingo, ndakwifurije guha ikibanza Yesu Kristo.
Niwe wenyene ashobora kukubwira ati: " Niwaba uruhishijwe n'ivyaha n'ibindi bibazo vy'Ubuzima ingo ndakuruhura". Yemwe abarushe kandi baremereye n'ivyaha nimuze Yesu Kristo arabaruhura.
Yesu Kristo niwe wenyene ashoboye kuguharira ivyaha vyawe kandi akakwigisha ukuri kw'Ubwami bw'Imana, akakumara inyota y'ivy'isi: Ubusuma, kuraguza, kuroga, gusambana, kwicana, kubesha, kurya no gutanga ibiturire n'ibindi vyaha vy'uburyo butandukanye.
Satani yama ategera umuntu mu bihimbaro vy'iyi: Ubutunzi, icubahiro, kuganza kwo mw'isi (Richesse, Honneur, Pouvoir).
Birashoboka ko hari ivyakugoye, ntucike ivutu Yesu Kristo yama ateze ibiganza vy'imbabazi. Ko ugihema haracariho ivyizigiro. Igihimbara umuntu ni uko ava mu vyaha akihana, akabaho. Imana iravuga ko Umunyakibi canke umunyavyaha niyihana akava mu vyaha vyiwe vyose, akitondera ivyagezwe vy'Uhoraho, ntazopfa azobaho (Bibiliya, Ezekiyeli 18:21-23).
Niwakira Umwami Yesu Kristo Urakira.