samedi 28 février 2015

Ubushobozi bwo gusenga no kwisonzesha

"Ariko ben'urya (umudayimoni) ntakurwamwo n'ikindi atar'ugusenga no kwisonzesha" (Matayo 17:21)


Kenshi mu buzima bw'umukristu hari ingorane ziba ziboneka nk'umusozi umubuza gutera aja imbere. Iyo rero hari ingorane zibonetse umukristu ategerezwa gusenga no kwisonzesha kugirango impwemu mbi ziba zateje izo ngorane zisendwe.

Mbega Murundi uriko urasoma iyi nkuru, hari ingorane canke amagorwa woba ubona abangamiye abandi canke igihugu cawe? Senga bifatanije no kwisonzesha bifatanije no gukenguruka kandi nturabe abantu ngo nibo bateza iki canke kiriya ariko uwubakoreramwo ariwe wa murwanizi Satani niwe abateza gukora ibibi. Umukristu akwiye gusenga akanisonzesha kugirango impwemu mbi ziba ziriko zirakorera mu bantu zihunge. Iyo hari ijwi rikubwira ngo naka ni mubi ca uribwira uti mvako Satani, kuko niwe se w'ibibi vyose.

Umukristu ntakwiye gutunga agatoke aba canke bariya, ariko akwiye gusenga kugirango Imana yirukane impwemu mbi ziba zateye imitima yabo.

Iyo satani adukoresheje mu kunegura tweruye abandi aba atunesheje, kuko umuntu ashobora gucumura mu gucira imanza abandi.

Iyo hari icaha tubona ko catse indaro dukwiye gusenga tukanisonzesha kugirango haboneke intsinzi.