jeudi 17 décembre 2015

NIWIZERA UMWAMI YESU KRISTO URAKIRA

      Mbega woba urushe uremerewe n'ivyaha bo n'imyitwarariko y'ubuzima? Bibwire Yesu Kristu urakira (Matayo 11:28). Yesu niwe nzira n'ukuri n'ubugingo (Yohana 14:6). Subiramwo aya majambo wature ivyaha vyawe urakira:


1.      Mukiza, numvis’ijwi
Ryawe ry’imbabazi
Rimpamagara ngo nozwe
N’amaraso yawe.

Nditavye Yesu,
Ndaje Mukiza ;
Ngw’amaraso wavuye
Anyoz’antunganye.

2.      Ndazi ko mfis’ivyaha
Vyinshi mu mutima ;
Vyose ndabikuzaniye ;
Naw’ubinkureko.

3.      Kand’uramp’umutima
Wuzuy’urukundo,
Wuzuy’ukwizera kwose
N’amahoro menshi.

4.      Ndazi k’uzomfashisha
Imbabazi nyinshi,
Ivyo wansezeraniye
Bizoshika vyose.

5.      Nshim’amaraso yawe
Ankuyekw’ivyaha,
Mpimbazwa n’ubushobozi
Bunkiz’intege nke. AMEN

Dukwiye kumenya rero ko inyuma y'ubu buzima bwo kw'isi hariho ubundi buzima tuzobaho. Kubizeye Umwami Yesu Kristo bagatandukana n'icaha bazoja mw'Ijuru. Abanse kwihana nabo bazoja mu muriro. Tandukana n'ingeso mbi za kera urangwe n'ubuzima busha. Zimwe mu  ngeso mbi ni nk'izi: Ubusambanyi, ubwicanyi, ishari, amacakubiri, igono, kuraguza, kuroga, ubumaji, ibiturire, ubusuma (Ab'I Galatiya 5:19-21). Gira inyota yo kwuzura Mpwemu Yera kuko niwe azogushoboza kwama ivyamwa vy'agakiza, agushoboze gutahura ijambo ry'Imana.

Ushobora gusoma Bibiliya ahakurikira kugirango ufashwe mu nzira y'agakiza: Yohana 3:16; 1 Yohana 1:9, Zaburi 103:12; Zaburi 51; Zaburi 50:15-21, Zaburi 1:1-6.

Ndakwifurije gutangura umwaka wa 2016 uri mu gakiza kabonekera mu Mwami wacu Yesu Kristo.

jeudi 3 décembre 2015

Amacakubiri y'amoko akurwaho n'umusaraba (2)

Iyo rero umuntu amaze kwinjirwamwo n'umugera w'amacakubiri ico yoba ashingiyeko cose, usanga aca agira n'ubuhimbiri mu kwiyumvisha ko n'ivyiza biva ku Mana ariwe bibereye gusa. Ivyo turabibona mu gihe intumwa Petero yatumwa n'Imana kwa Koruneliyo (Ivyak/Actes 10:9-15), aho tubona ko nawe nyene yabanje kunana ko atoja kuvuga Ubutumwa mu bwoko bwitwa ko butakebwe, buzira (Ivyak/Actes 10:28). Petero amaze kugondozwa n'Ubushobozi bw'Imana akagenda kwa Koruneliyo yasanze we n'umuryango wiwe n'abandi bantu benshi kandi banyotewe kwumva Ijambo ry'Imana. Amaze kubabwira ubutumwa bwiza, arabasengera maze Mpwemu Yera abazako barahezagirwa. Petero ubwiwe yaratangaye kuko yarazi ko ata bandi bantu bashobora guhabwa Mpwemu Yera atariwe n'Abayuda benewabo. Muri make babona ko ivyiza biva ku Mana aribo bibereye! Na Yesu Kristo bari bazi ko ari Umukiza w'Ubwoko bw'Abayuda gusa. Petero rero abonye ko n'abandi bantu atari Abayuda bashobora kugiriranira  imigenderanire n'Imana kandi basenga mw'Izina rya Yesu Kristo aca aratangaza n'ijwi rirenga ati: 

"N'ukuri ni ho nkimenya yukw'Imana itarobanura abantu ku butoni, ariko mu mahanga yose ūyubaha , agakora ivy'ukugororoka, iramwemera." Ivyak/Actes 10:34-35

Abantu bose Yesu Kristo yarababambiwe ku Musaraba kugirango umwizera wese ntaze apfe rubi ariko ahabwe ubugingo budashira. Abari muri Yesu Kristo baba babaye umuryango umwe utaravye amoko, intara canke amamuko yabo.

Mu gihe Paulo yarukiye wasanga abantu banenana badashobora kwicarana ngo basangire canke ngo baramukanye bivanye n'amoko yabo. Bamwe bibaza ko aribo Imana ikunda, bakabona ko abandi ari ibizira. Paulo rero amaze kwakira Yesu Kristu nk'Umwami n'Umukiza wiwe yaciye yandikira abagalatiya n'Abakolosayi kugirango abamenyeshe ko abari muri Yesu baba bari umwe, ko umuzi wo kunenana no kwinubana uba ucitse.

"Aho ntihaba Umugiriki cank'Umuyuda, uwakebwe canke ūtakebwe, ūdebagura cank'Umusikiti, umugurano cank'uwidegemvya; ariko Kristo ni vyose, kand'ari muri bose." Ab'I Kolosayi 3:11

Ivyo dusomye aho hejuru rero kugirango umuntu abibone nuko aba yahinduwe musha akagira ubwenge bwo gutahura ivyo Imana igomba (Kolosayi 3:9-10). Umuntu amaze guhinduka akakira Yesu Kristo nk'Umwami n'Umukiza wiwe aca abona ko abantu bose baba Umwe mu gihe bahujwe na Yesu Kristo. Agatima ko kunenana karahava, ntawuboneka ko ari ikivuma canke ngo atera umukoshi.

"...; kuko mwese mur'umwe muri Kristo Yesu." Ab'I Galatiya 3:28 

Kenshi rero ivy'amacakubiri biva kuri Satani yinjira mu bantu urukundo rugahunga, maze abantu bagasigara biganziwe n'agatima ko kwikunda no guhahamira ubutunzi. Yakobo yarabonye ko imitongano canke gushwana mu bantu biva ku nyungu zabo bwite baba barondera. Ivyo bishobora no kugera aho intambara zaduka zihishije inyuma y'ico umuntu ari kandi vyukuri aba ari guhahamira amaronko:

"Muri mwebwe intambara ziva hehe, n'imitongano iva hehe? Mbega ntibiva mu bibahimbara birwanira mu ngingo zanyu?" Yakobo 4:1

Iyo rero hari amacakubiri abantu ntibakundane, usanga babayeho nabi, mu bwoba, mu bukene, ivyo basaba Imana ntibumva kuko baba bashaka ibibahimbara gusa (Yakobo 4:2-3)

Abantu rero bakwiye gukundana, kandi turabona ko bigoye cane ko haba urukundo nyarwo, rudashingiye ku maronko mu gihe abantu badahujwe n'Ijambo ry'Imana. Abarundi nibo bayamaze bati 'Ibigiye inama bigira Imana'. Abantu bashobora kuba umwe mu gihe bahujwe n'umusaraba wa Yesu Kristo bakakira agakiza bakarangwa n'urukundo AGAPE, urwo ntirufatira ku maronko.

Imana rero ikunda abantu bose kandi dutegerezwa natwe kugendera mu bugombe bw'Imana. Umuntu uwo ari wese atubaha Imana, naho yoba uwo muvukana mu nda arakubera umwansi. Ariko iyo muhujwe n'Umusaraba wa Yesu vyose bigenda neza naho mu buryo bw'umubiri, intara, agatumba muba mudasangiye na kimwe. Iyo rero umuntu atinya Imana asabwa no kugirira neza abo yibaza ko ari abansi (Matayo 5:44). Ivyo rero umuntu abishobozwa na Mpwemu Yera abonekera muri Yesu Kristu kuko ariwe aduha inkomezi akadushoboza vyose (Ab'I Filipi 4:13).


Fyonda kuri (1) usome igice ca mbere