vendredi 26 juin 2015

AMACAKUBIRI Y'AMOKO AKURWAHO N'UMUSARABA (Abanyefeso 2:11)(1)

"N'ukuri n'izacu ntimba yishizeko, n'iyacu mibabaro yikoreye; ...Yamara yacumitiwe ivyacu bicumuro, yajanjaguriwe ivyacu bigabitanyo: Igihano kituronkesha amahoro cabaye kuriwe, kand'imishishagu yiwe niyo idukiza. Twese twazimiye nk'intama, twese twagiye isabagire, umuntu wese mu nzira yiwe; Uhoraho amuremeka ukugabitanya kwacu twese." Yesaya 53:4-6

Mbega biramaze kugushikira ukumva uranse umuntu kubera mutari mu murwi umwe (Ubwoko, intara, ishirahamwe, idini, umugambwe,...)? Biramaze gushika ukumva wonezerwa n'urupfu rw'uwo wiyumvira ko akwanka? Biragushikira ukumva uranezerewe kubera wumvise ko umuntu utiyumvamwo ashikiwe n'ivyago?

Ivyo vyose nivyaba bimaze kugushikira umenye ko wavangiwe n'umwansi Satani kandi Mpwemu Yera w'Imana ntari muri wewe. Yaramaze kuguteragiramwo INZIGO y'akazikira (la Haine). Iyo umaze kugira inzigo y'akazikira nta rukundo uba ukigira muri wewe kuko urukundo rugira neza, ntirwiciraho, rugira imbabazi, ruharira vyose...(1 Korinto 13:4-7). Iyo urukundo ruguhezemwo ntaho uba utandukaniye n'mubeshi, umgarariji hamwe n'umwicanyi.
Turavye muri Bibiliya turabona umuntu yitwa YONA yarafise inzigo y'akazikira kuburyo yifuza ko abo yabona ko abamwanka biwe bahona (Yona 1:1-3). Ntiyanashaka ko bokwihana kuko yarazi ko bihanye Imana ibabarira kuko yuzuye imbabazi nyinshi zamaho ibihe bidashira (Zaburi 118:1). Imana yamutumye kubaburira ngo bihane aranka arata agati. Mu nyuma yaranababaye abonye Imana ihariye abo yita abansi biwe araraka aca abona ko akwiye gupfa akavaho kubera Imana ihariye Ninewe (Yona 4:1-3). Ijambo ry'Imana rivuga ngo tugire umutima umwe wari muri Kristo Yesu. Mbega wewe wumva ushinze imizi muri yesu Kristo yaje kw'isi yambaye umubiri, akabambwa, agapfa, akazuka agatsinda rupfu na kuzimu? Kora ineza ijoro n'umurango nk'uko Yesu Kristo aho yaca hose yagenda agira neza. Naho wokorerwa icaha kimeze gute, Imana itubuza kwihora, kuko ariyo iduhorera.

Mu gice ca (2) tuzobona ko Imana itanezerwa n'urupfu rw'umunyavyaha ahubwo ko yama yifuza ko akizwa akava mu ngeso mbi.

Aucun commentaire: