mardi 9 octobre 2012

IGIHUGU C'UBURUNDI COBONA AMAHORO ASHITSE MUYIHE NZIRA?

Abantu benshi bibaza ko kuba barize canke batunze bibaha amahoro. Ariko nagira ndababwira ko igitanga amahoro arama ari Imana yonyene. None ko ari Imana iyatanga mubona nk'Abarundi twoyaronka gute?
Ijambo ry'Imana riravuga mu Gitabu ca Bibiliya mu Bami ba1  (1 Rois 19: 18) riti: Imana icira akanzu (ikiza) abayihimbara, bakitondera ivyagezwe canke amabwirizwa yayo, badasenga ibigigwamana.

None ga muvukanyi uriko urasoma aya majambo uyibazako iki? None mubona inzira yo kugirango Imana idukingire ntitwame mu maganya idatomoye.

Usomye neza muri ivyo bitabo vy'abami urabona neza ko Abami batakoze ivyo Imana igomba bahejeje nabi n'igihugu kikagira ingorane. Abakoze neza nabo bakitondera ijambo ry'Imana bagize ikiganza ciza n'abatuye mu gihugu bakarya bagasinzira.

Nagira ntere akamo rero Abarundi ngo biyegereze Imana. Amahoro ntazova muri Amerika, I Buraya, Aziya canke ahandi atari ku Mana kuko nayo ubwayo ari amahoro. Abarundi tutavuye hasi ngo dukunde igihugu cacu, tuzokwama mu ndyane kuko Satani nivyo akunda.

Niba twemera ko Satani ari umwansi w'amahoro (w'Imana) enda nituve hasi dusabe Imana kumunesha kuko ku bwacu ntavyo twoshobora.

Nimuze duhebe Ubusambanyi, Ubwicanyi, akaborerwe, urwanko,... eka ico cose dukora kigasesema Imana. Usomye mu gitabo c'Abagalatiya 5:19 ; turabona ibikorwa vya kameremere: Gusenga ibishushanyo, ishari, amacakubiri, uburozi,..
Hepfo gato, 22, uca ubona ibikorwa Imana ikunda: Urukundo, umunezero, amahoro, kwihangana, ubugwaneza,...

Abantu benshi baraja kuraguza bigatuma batanga ibimazi bitandukanye mbere wanashaka bagatanga n'ibimazi vy'abantu. Uwo n'umuvumo ku gihugu.

 Igihe cose rero tudahaye akanya Imana ngo iturongore tuzokwama turi mu ntambara z'urudahera. Mu gihe ca Samuel abantu barahimvye bavuga ko badashaka kurongorwa  n'Imana. Baciye baronka Umwami yitwa Sawuli. Yabatwaza igitugu, akabanyaga ivyabo n'ababo.

Umunyabwenge umwe wo mw'isi yitwa François Rabelais niwe yavuze ko Ihanga ryose ryama rironka Umutware biberanye.

Nashaka guhamagarira abanyapolitike batari bake b'Abarundi bareke gukina politike bitwara nk'abagwiza tunga (Operateurs Economique). Umugwizatunga aja iyo abona amhera ari. Umudandaza ntavyo kuvuga ngo muravukana. Akubonye abona amahera nt abindi. 

Mu gihe Abarundi twogira umutima wo gukorera igihugu tukava mu kurya ibiturire ingorane z'ubutunzi igihugu gifise zogabanuka cane. Umuyagankuba, amazi,.. abenegihugu bobironka atangorane. 
Mbega Imana ivuga iki kugiturire, ubutungane? (Iyi nkuru nzoyibanya kugira turabe amabi y'igiturire kuwukirya n'ugitanga).

None wewe ubivugako iki?

Terera ivyiyumviro

Akabazo: ubona Uburundi bworonka amahoro biciye muyihe nzira?


lundi 8 octobre 2012

Bifurcation Kamenge-Bugarama


Aya mafoto yerekana akaranga k'abarundi. Ico capa mugisanga mu Kamenge utanguye kuduga mu Bugarama

vendredi 16 mars 2012

Amakuru y'imisi

Banywanyi ba blog yanje, ndabaramukije.
Kuri benshi batazi uburundi neza nagira ndabamenyeshe ko tugiye kuza turabashikiriza amakuru atari make kubijanye n'Uburundi.

Tuzorabira hamwe ukuntu Uburundi buriko buratera imbere ariko kandi turabe n'ibibubangamiye mw'iterambere.