jeudi 19 juin 2014

Faire participer les autres et non faire suivre les autres


"Dites-moi et je risque d'oublier. Montrez-moi et j'aurai des chances de me souvenir. Faites-moi participer et je suis sûr de me souvenir!" proverbe chinois

Mbega aka gacamugani nkebuzo k'abashinwa kokwigisha iki Abarundi na cane cane abarongozi bo ku nzego zose?

Iyo nkebuzo ishaka kuvuga igihugu gikenera inguvu n'ishaka vya mwenegihugu wese kugira gitere imbere. Harya rero ngo ivya gusa bitera ubwenge buke. Iyo umuntu abwiwe ikintu canke akacerekwa gusa canke akagihabwa atagikorerye agifata minenerwe. Ariko iyo yagize ico akora kugira ngo ico kintu kiboneke agiha agaciro kandi akakibungabunga. 
Abarundi twese, nimba dushaka gutera imbere, dutegerezwa gukorera igihugu cacu atawusigaye inyuma umwe wese uko ashoboye. Harya ikintu cose umuntu akoranye n'umutima ubikunze ntikiba gito. 

Abatware bategerezwa gutwarira bose, abanyagihugu nabo bategerezwa kwubaha umuntu wese yahawe kuba umurongozi w'abandi. Iyo habaye ukutumvikana hagati y'abatwara n'abatwagwa ibintu ntibitera imbere na gato. 

Ijambo ry'Imana rirerekana yuko ubutegetsi bwose buva ku Mana (Romains 13:1).  Abantu bose baremwe n'Imana kandi mw'ishusho ryayo. Ijambo ry'Imana rica rivuga riti ubutegetsi bwose buriho buva ku Mana. Ivyo Imana yabihishuriye umusavyi wayo Paulo imaze kubona ko abantu wanashaka Abakristu benshi batari bacubaha ababaganza. Abategetsi rero iyo badatwaye uko Imana igomba niyo nyene ibabogoza. 

Umurongozi mwiza arangwa n'urukundo be n'ukwihanganira abo arongoye.

Mose atubera akarorero. Mose yari yashizweho n'Imana ngo arongore Abisrayeli ariko benshi muribo bakamugarariza bakagumura n'abandi Bisirayeli naho yabakunda akanabasengera. Nk'umurongozi mwiza ntiyashatse ngo abamarishe ibihano ariko yatakambiye Imana asabira ikigongwe abamugwanya Imana ikabaharira.

Mbega iyo abantu bagararije ubarongora yubaha Imana bigenda gute?

Naho Mose yasabira abamugwanya nticabujije ko Imana imigwanira ikamukura agasuzuguro.  Imana yarabanguye ukuboko irabahushura. Abakristu baribuka ivyabaye ku miryango ya Kora, Datani na Abiramu igihe isi yasamye ikabamira (Nombres 16:20-32). Kandi abagarariji Imana ibita "les méchants" canke ababisha.
Ivyo vyarashitse no kuri mushi wa Mose, Miriyamu, amaze kumusuzugura we yaciye agwara imibembe (lèpre). Mose yarwanijwe n'abavukanyi biwe. kumbure ko babona ko mukuvuga agigigmiza bakibwira bati mbega urya Imana yomurobanura gute. Imana ntirobanura ku butoni. Burya nico gituma Imana idashatse ko umurongozi avaho biba uko nyene naho abantu bosura imvumbi.

Mbega iyo uganza atwaye nabi bigenda gute

Hari umwami Bibiliya itwereka yitwa Nebukadineza yagararije Imana agategekesha igitugu hanyuma Imana iramuhana, amara imyaka itari mike arisha ivyatsi nk'ibikoko kandi ari mu gahinga. Abami bose batubashe Imana bahejeje nabi. 

Abantu bategrezwa kwubaha no kugamburukira ababaganza (Romains 13:1)

Hari n'igihe abaganza batwaza umukazo ugasanga batwaza bufuni na buhoro igihugu. Benshi baca bibaza bati none umuntu yoshirwa n'Imana akagaruka agakora nabi. Turabiye ku mwami yitwa Sawuli, turabona ko yari yarobanujwe amavuta n'Imana ariko ageze ku ngoma atwara nabi cane, ntiyitaho ivy'Imana, agasenga ibigigwamana, akifatanya n'amahanga asenga za bayali. Igihe carageze Imana yo nyene imuteza abansi baramwirahira. Dawidi niwe yaciye amusubirira. Na Dawidi nawe nyene atubera akarorero keza cane kuko naho umwami Sawuli yamuhiga ngo amwice ntiyashatse kwihora kuko yari yamaze kumenya ko Sawuli yashizweho n'Imana. Ntiyihuse ngo akoreshe inguvu n'ubuhizi ariko yavyeretse Imana. Aho woba uri hose rero ukwiye kumenya ko urya yashizwe hejuru ngo agutware yashizwe n'Imana. Ijambo ry'Imana rivuga ko ata kuganza kutava ku Mana, ukuriho kwagezwe n'Imana. Uri Umurundi na cane cane Abakristu bemera Bibiliya ko yahumetswe n'Imana, aho uri hose kw'isi gamburukira abakuganza.

Mbega umuntu yogamburukira abaganza muri vyose?

Inyishu ni oya.
Igikuru ca vyose ni ukubanza kumenya ivyo Imana yanka hamwe n'ivyo Imana ikunda.

Bimwe mu  vyo Imana yanka harimwo ibi:
Kwiba, kurya ibiturire, guca imanza za ngondagonde, kuraguza, gusambana, gusenga ibigigwamana...

Aho rero abantu bakwiye gutandukanya icatsi n'ururo. Ukuganza canke agutwara agukwegeye mu vyo ubona Imana yanka ntukwiye kuvyemera, kandi naho nyene ukabikora mu bwitonzi.

Ivyo Imana ikunda navyo ni ukugendera mu ngeso nziza. ukanka ivyo tumaze kubona ko Imana yanka.

Hari abatubereye akarorero nka: Daniel, Meshaki, Shadrake na Abudinego.
Abo bagabo turabona ko bubaha ababaganza mugabo hageze kubategeka gusenga ibishushanyo kandi Imana yabo ivyanka baciye barahira bararengwa ko batohemuka. Kandi kubera babikoranye ubwitonzi nta ngere Imana yarabakijije. Daniel yamukijije intambwe, barya batatu nabo ibakize itanure ry'umuriro.

Niwasuzugura ukuganza ukanka kugendera ku mategeko y'igihugu mu gihe Ijambo ry'Imana riterekana ayo mategeko nk'icaha uzohanwa n'amategeko. Muri bimwe umuntu atogararizamwo ni nko:


  • Gutanga ikori (taxes et impôts).  Harya umuntu adatanga ikori ntaba akunda igihugu ciwe. Abaganza nabo bahamagarirwa kubungabunga ayo makori akagaruka kubanyagihugu maze bimwe ngo "Iterambere riva ku mwene gihugu rikongera rikamugarukako" bica vyibonekeza.  Ariko iyo abatwara baciye barangwa n'ingeso yo kunyuruza ubutunzi bw'igihugu, igihugu ntigiheza ngo gitere imbere kandi abanyagihugu baca babaho nabi kuko ivyo bakora ata nyungu biheza ngo bibazanire. Abaganza bamwe bamwe baca bakoresha ubwo butunzi bw'abanyagihugu mu kwinezereza gusa. Abatware nkabo rero iyo bameze batyo ntibatunganye ivy'igihugu neza Imana irabahana. 
Abonona ubutunzi bw'igihugu bagahahaza nyarucari na ya makori ntihaboneke umwimbu Imana ibavugako ibi bikurikira:"Yemwe abahindura imanza zigacika umururazi, ukugororoka mukagushiburira hasi, .....nuko rero ko mwasiribanze umurushwa, mukamutoza utugano twiwe; amazu mwiyubakishirije amabuye abajwe, ntimuzoyabamwo; imirima myiza y'imizabibu mwateye, ntimuzonywa vino zayo. Kuko nzi ibicumuro vyanyu ingen'ar'ibikomeye, yemwe abahahaza umugororotsi, mukarya ingurire, mukazibiranya abakene mu manza...." Amosi 5:7-12 (Amos 5:7-12)

Umuntu yubaha Imana ntakwiye kwifatanya mu bibi n'uganza. Akwiye kuvyamirira kure mu bwitonzi ariko akavuga n'igituma atokora ico kintu. 
  • Gukora ibikorwa vy'iterambere rusangi ( nko mu Burundi bw'imbere ya 1993 hariho ivyasa n'ibi tubona ubu bita ibikorwa rusangi. Abantu baraja hamwe bagakora igikorwa c'akamaro kuri bose kandi utabikoze yarahanwa n'amategeko. Ubu mu gihugu c'Uburundi hariho ibikorwa rusangi gusa abatabikora nta bihano bijaho cane. Iyo yari imvugo ngereranyo yo gutanga akarorero kuvyo bibiliya yita kugamburukira abaganza.
  • ... Hari n'ibindi umuntu abab abona ko bidatandukanye n'ubugombe bw'Imana.

Mbega abantu barashobora guhitamwo nabi?

Inyishu ni ego.
Turavye sawuli ukuntu yagiyeho nukubera abantu bari banse kurongorwa n'Imana bagashaka ngo bagenze uko ayandi mahanga yarabakikije yarameze. Samweli arabiginga ati enda nimwemere kurongorwa n'Imana, nabo baranka. Ica ibashiriraho sawuli aca abatwaza umukazo, akabatwara abagore, abana, ivyo batunze vyose. Yaranyaga, akica agakiza.

Abarongozi bakwiye gukora iki?

Abarongozi bakwiye gutwarira abenegihugu bose ata mwana n'ikinono, ata na wandya wangura. Bakwiye kurangwa n'ibintu nyamukuru bitatu: Kwubaha Imana, kuba inyankamugayo, kutarenganya. 

None abantu bokora iki mu gihe babona ko batwazwa umukazo?

Imana iravuga iti uranyambaza mu gihe c'amagorwa, nanje nzogutabara ngukize, nawe uze umpeshe icubahiro (Zaburi 50:15; Psaumes50;15)
Nta yindi nzira tubona atari mugutabaza Imana no kugendera mu vyagezwe vyayo tugashira izina ryayo hejuru.

Ikiyago kizobandanya,....




mercredi 4 juin 2014

Amasezerano y'Imana mu gihe abantu bayumviye

Mbega Imana isezeranira iki abantu mu gihe bemeye kugendera mu vyagezwe vyayo?

Ijambo ry'Imana riraduha inyishu:

Tubandanije mu ri ca gitabo co Kuvayo (Exode 23), turabona imigambi myiza Imana itegekaniriza abayubaha:
21 Tiens-toi sur tes gardes en sa présence, et écoute sa voix; ne lui résiste point, parce qu'il ne pardonnera pas vos péchés, car mon nom est en lui.
22 Mais si tu écoutes sa voix, et si tu fais tout ce que je te dirai, je serai l'ennemi de tes ennemis et l'adversaire de tes adversaires.
23 Mon ange marchera devant toi, et te conduira chez les Amoréens, les Héthiens, les Phéréziens, les Cananéens, les Héviens et les Jébusiens, et je les exterminerai.
24 Tu ne te prosterneras point devant leurs dieux, et tu ne les serviras point; tu n'imiteras point ces peuples dans leur conduite, mais tu les détruiras, et tu briseras leurs statues. 
(Imana iranka cane abantu basenga ibigigwamana bakabikorera. Abantu benshi usanga baja kuraguza mu bapfumu ngo babarabira kazoza kabo aho kubaza Imana kuko yo idutegurira kazoza keza. Soma Yeremiya 29:11)
25 Vous servirez l'Éternel, votre Dieu, et il bénira votre pain et vos eaux, et j'éloignerai la maladie du milieu de toi. 
26 Il n'y aura dans ton pays ni femme qui avorte, ni femme stérile. Je remplirai le nombre de tes jours.
Kenshi ubwenge bw'umuntu hari vyinshi bibusiga arico gituma dukwiye kwiha Imana yo imenya vyose, ikabera hose rimwe). Umutegetsi umwe niwe yavuze ati izi ngabo zincungira umutekano iyo ndyame baba bari hanze, ati kandi imbeba ije yondya canke ikanyica bibereye hanze; akavuga ko Imana rurema ariyo yo kwizigira. Iyo umuntu atagendanye n'Imana yaremye ijuru n'isi yama mu bwoba akaranduka umutima (la terreur) kandi ibimugeramiye biramuhitana. Ariko iyo Imana ariyo irongoye umuntu yama anesha naho yogera mu bihe bigoye ararema.
Enda rero Barundi benewacu tugerageze Imana yaremye ijuru n'isi nayo izodukiza akabi k'amacakubiri, ubwicanyi, les divisions,...
Umuntu ashaka yokora iciza kuko ikibi ntaho cigera gitanga amahoro.

Umunyabwenge umwe wo mw'isi bita Jean Paul Sartre niwe yavuze ati:
1. Chaque homme est le produit de son propre choix. 
(Mu vyo Imana ivuga vyose nta na kimwe ihatira umuntu guokora ku nguvu, umuntu niwe yihitiramwo ico abona kibereye. Umuntu ahisemwo nabi agira ingorane mu buzima)
2. Le premier victime du mal est son propre auteur.
(Umutware umwe niwe yavuze ati: Bibaza ko bariko barantega umutego uca urabashibukana ubatwara ijisho rimwe). 

Mbega Bibiliya yo ibivugako iki :

(14) Les méchants tirent le glaive, Ils bandent leur arc, Pour faire tomber le malheureux et l'indigent, Pour égorger ceux dont la voie est droite.
(15) Leur glaive entre dans leur propre coeur, Et leurs arcs se brisent.
NB: Naho vyoboneka ko dusugerejwe n'abaduhahaza dukwiye guhanga amaso Imana kuko iravuga iti 'Uguhora ni uko Uhoraho' La vengeance appartient à Dieu, pas aux hommes. (Ne vous vengez point vous-mêmes, bien-aimés, mais laissez agir la colère; car il est écrit: A moi la vengeance, à moi la rétribution, dit le Seigneur.(Romains 12:19) ). 

No mu kirundi baravuga bati 'ugwihorahoranwe gwamaze umuryango'. Bibonekako no mu migenzo y'Abarundi ko iyo habaye agatima ko kwihorahorana nta mahoro yigera aboneka

Nk'abakristo, naho vyoboneka ko akanya ko kwihora kabonetse ntituvyemerewe. Turabiye kuri Dawidi turabona ko umwami Sawuli yamuhiga buhongo ngo amwice akamuhunga. Mu nyuma Dawidi amuronka akabero ariko ntiyihora ngo yice Sawuli. Yaremenye ko guhora ari uko Uhoraho. Soma 1 Samweli 24
3. La violence, sous quelque forme qu’elle se manifeste, est un échec
Iyo rero abantu bahise kubaho nk'udukoko two mw'ishamba babaho nabi. Kandi iyo umuntu ateguye ikibi uwo gisinzikaza ubwa mbere ni urya nyene yagiteguye. 
Iyo rero hari abantu bashaka ko ibintu bihinduka bategerezwa kugendera mu vyo Imana igomba. Umuntu yama afise abansi batatu:
1. Satani (Satan)
2. Isi (le monde)
3. Umubiri (La chair, le corps)
Iyo rero ivyo bintu bitatu ugerageje kubigwanya ngo ibintu bihinduke ntivyoroshe kandi ntibinashoka mu gihe Imana itakugwaniriye. Kenshi iyo umuntu yifuje ko ibintu bigenda neza abantu bakava mu karenganyo, ubusuma, ... kuri benshi aboneka ko ari umwansi. Ariko nimba dushaka ko Imana idushikanako amasezerano yayo dutegerezwa gutandukana n'inzira y'ibibi ata gukebaguzwa.
Abavuga ubutumwa bw'Imana bakwiye kubuvuga icera kikitwa icera, icirabura kikitwa icirabura ata gutinya iki na kiriya.
Jean Paul Sartre avuga ati:

« Le monde est iniquité ; si tu l'acceptes, tu es complice, si tu lechanges, tu es bourreau.  »


Umuntu w'Imana akwiye gutungwa n'ivyo afise ntiyifatanye n'abanyakibi ngo yifuze ivyo batunze baronse biciye mu nzira mbi.

Ikigora abantu ni uko umubiri ubereka iki na kiriya ngo babeho neza bakibagira imimbi y'Imana. 

Umutama umwe niwe yaciye umugani ati 'Imiraguzi y'ubushushe ntimenya ko ubuhoze buryoha'

Ivyo Satani atanga biranyaruka nk'ama cash ariko biba vyuzuye uburozi mu gihe ivyo Imana itanga biza nka credits, ntivyihuta ariko iyo bishikiriye umuntu w'Imana agira umunezero.

Jérémie 29:11 (11 Car je connais les projets que j'ai formés sur vous, dit l'Éternel, projets de paix et non de malheur, afin de vous donner un avenir et de l'espérance.)

Psaumes 37

Louis Segond (LSG)
37 De David. Ne t'irrite pas contre les méchants, N'envie pas ceux qui font le mal.
Car ils sont fauchés aussi vite que l'herbe, Et ils se flétrissent comme le gazon vert.
Confie-toi en l'Éternel, et pratique le bien; Aie le pays pour demeure et la fidélité pour pâture.
Fais de l'Éternel tes délices, Et il te donnera ce que ton coeur désire.
Recommande ton sort à l'Éternel, Mets en lui ta confiance, et il agira.
Il fera paraître ta justice comme la lumière, Et ton droit comme le soleil à son midi.
Garde le silence devant l'Éternel, et espère en lui; Ne t'irrite pas contre celui qui réussit dans ses voies, Contre l'homme qui vient à bout de ses mauvais desseins.
Laisse la colère, abandonne la fureur; Ne t'irrite pas, ce serait mal faire.
Car les méchants seront retranchés, Et ceux qui espèrent en l'Éternel posséderont le pays.
10 Encore un peu de temps, et le méchant n'est plus; Tu regardes le lieu où il était, et il a disparu.
11 Les misérables possèdent le pays, Et ils jouissent abondamment de la paix.
12 Le méchant forme des projets contre le juste, Et il grince des dents contre lui.
13 Le Seigneur se rit du méchant, Car il voit que son jour arrive.
14 Les méchants tirent le glaive, Ils bandent leur arc, Pour faire tomber le malheureux et l'indigent, Pour égorger ceux dont la voie est droite.
15 Leur glaive entre dans leur propre coeur, Et leurs arcs se brisent.
16 Mieux vaut le peu du juste Que l'abondance de beaucoup de méchants;
17 Car les bras des méchants seront brisés, Mais l'Éternel soutient les justes.
18 L'Éternel connaît les jours des hommes intègres, Et leur héritage dure à jamais.
19 Ils ne sont pas confondus au temps du malheur, Et ils sont rassasiés aux jours de la famine.
20 Mais les méchants périssent, Et les ennemis de l'Éternel, comme les plus beaux pâturages; Ils s'évanouissent, ils s'évanouissent en fumée.
21 Le méchant emprunte, et il ne rend pas; Le juste est compatissant, et il donne.
22 Car ceux que bénit l'Éternel possèdent le pays, Et ceux qu'il maudit sont retranchés.
23 L'Éternel affermit les pas de l'homme, Et il prend plaisir à sa voie;
24 S'il tombe, il n'est pas terrassé, Car l'Éternel lui prend la main.
25 J'ai été jeune, j'ai vieilli; Et je n'ai point vu le juste abandonné, Ni sa postérité mendiant son pain.
26 Toujours il est compatissant, et il prête; Et sa postérité est bénie.
27 Détourne-toi du mal, fais le bien, Et possède à jamais ta demeure.
28 Car l'Éternel aime la justice, Et il n'abandonne pas ses fidèles; Ils sont toujours sous sa garde, Mais la postérité des méchants est retranchée.
29 Les justes posséderont le pays, Et ils y demeureront à jamais.
30 La bouche du juste annonce la sagesse, Et sa langue proclame la justice.
31 La loi de son Dieu est dans son coeur; Ses pas ne chancellent point.
32 Le méchant épie le juste, Et il cherche à le faire mourir.
33 L'Éternel ne le laisse pas entre ses mains, Et il ne le condamne pas quand il est en jugement.
34 Espère en l'Éternel, garde sa voie, Et il t'élèvera pour que tu possèdes le pays; Tu verras les méchants retranchés.
35 J'ai vu le méchant dans toute sa puissance; Il s'étendait comme un arbre verdoyant. (Abanyakibi bameze nk'igiti kigara hejuru y'utundi duti duto duto kikibagira ko natwo dukeneye izuba. Utwo duti ntiduheza ngo dukure)
36 Il a passé, et voici, il n'est plus; Je le cherche, et il ne se trouve plus.
37 Observe celui qui est intègre, et regarde celui qui est droit; Car il y a une postérité pour l'homme de paix.
38 Mais les rebelles sont tous anéantis, La postérité des méchants est retranchée.
39 Le salut des justes vient de l'Éternel; Il est leur protecteur au temps de la détresse.
40 L'Éternel les secourt et les délivre; Il les délivre des méchants et les sauve, Parce qu'ils cherchent en lui leur refuge.

None nk'abantu twokora iki:

Ico abantu bakwiye gukora ni ukuva mu vyaha bakegera Imana Rurema. Si agaseseshwarumuri ko Imana yama igwanira abayubaha. Iyo rero umuntu agerageje kwigwanira mu buryo bwiwe yama acumukura kuko ntaworwanya Satani ngo amushobore atari kumwe n'Imana. Ababntu benshi biyibagiza ko Satani akomeye cane kandi afise amayeri menshi. Iyo rero umuntu yakiriye Yesu Kristu nk'Umwami n'Umukiza wiwe yama amugwanirira kuko arazi imikenyuro ya Satani yose. Iyo rero umuntu yiyegereje Yesu bituma amenya vyinshi vy'ukuri kw'ivyo muri Mpwemu. Yesu Kristu yahawe Ububasha kw'isi no mw'Ijuru.

Hanyuma tuzorabira hamwe ukuntu umukristu akwiye kugwana, ibigwanishwa yokoresha kugirango aneshe Satani. 




mardi 3 juin 2014

Mbega Bibiliya ivuga iki ku giturire, ubutungane?

Mu Burundi ibice vyinshi cane bigizwe n'abakristu. Ariko igiturire n'akarenganyo biza gute mu mitima y'abantu? Abantu kenshi usanga bahahamiye amaronko bigatuma ataco bagera umutwe ngo bagisonere. Muri ico gihe amategeko yashizweho mu gihugu ntaba acubahirizwa. Ariko ijambo ry'Imana rirerekana yuko abarya  igiturire bo n'abagitanga barahinduka imitima bagasigara bameze nk'ibikoko. Uwo biketse wese ko yobabangamira baca bamuturubika cane eka no kwicwa ashobora kwicwa.

Iyo hageze nk'ibijanye n'amasoko hakabamwo gutanga igiturire kugirango uyu canke uriya atsindire iyo soko, uca usanga ibigugwa atagaciro (qualité) bitanganywe kuko umwe yatanga igiturire aba ashaka kugaruza ayo yatanze. Muri ico gihe bamwe bakira igiturire baba bamaze guhuma amaso, ubwenge bwabo bwo gukora ibigorortse buba bwahengamye.

Soma Kuvayo 23 (Exode 23)

23 Tu ne répandras point de faux bruit. Tu ne te joindras point au méchant pour faire un faux témoignage. (akarenganyo gafatiye kububeshi gasasirwa indava)
Tu ne suivras point la multitude pour faire le mal; et tu ne déposeras point dans un procès en te mettant du côté du grand nombre, pour violer la justice. (Kurementaniriza umuntu agakorerwa inkono ishushe kubera ivyabona vy'ibinyoma)
Tu ne favoriseras point le pauvre dans son procès. (Aka mwana wa mama)
Si tu rencontres le boeuf de ton ennemi ou son âne égaré, tu le lui ramèneras.
Si tu vois l'âne de ton ennemi succombant sous sa charge, et que tu hésites à le décharger, tu l'aideras à le décharger. (umwe wese yibako ntihagire ubabara uwundi 'chacun pour soi et Dieu pour tous)
Tu ne porteras point atteinte au droit du pauvre dans son procès. (umukene ntaba akigira ijambo)
Tu ne prononceras point de sentence inique, et tu ne feras point mourir l'innocent et le juste; car je n'absoudrai point le coupable. (Kurenganya)
Tu ne recevras point de présent; car les présents aveuglent ceux qui ont les yeux ouverts et corrompent les paroles des justes.

Iki gice cerekana ko igiturire gihuma amaso y'ukirya kandi kigacurika ivyiyumviro vyiwe maze ururimi rwiwe rukarangwa n'ibinyoma n'akarenganyo.

Igiturire kiratuma abashoboye kugitanga aribo batunganirizwa haba mu bucamanza, mu rudandazwa, mu buzi eka n'ibindi vyose bigize ubuzima bw'igihugu n'abakibamwo. Haca haba umwana n'ikinono.

Iyo abantu bitandukanije n'izo nzira mbi igihugu kiratera imbere, ubutungane bukigenga, akamwana wa mama ntikaba kakivugwa.

Ivyo bishoboka iyo abatwara igihugu bajejwe amabanga ahambaye y'igihugu bafashije amategeko akubahirizwa. 

Igituma Abarundi twoshira Imana Rurema hejuru

Imana iravuga iti: Nunyambaze mu gihe c'amagogwa, nanje zogutabara, nawe uzoshire izina ryanje hejuru. Zaburi 50:15

Dieu dit à son peuple (Psaumes 50:15): Et invoque-moi au jour de la détresse; Je te délivrerai, et tu me glorifieras.


Chaque fois qu'un peuple invoque Dieu pendant les moments de détresse, Dieu répond toujours favorablement parce que c'est une promesse qu'Il a établie Lui même. Mais, il y a toujours une contrepartie (échange); glorifier Dieu. 


Mais alors que signifie glorifier Dieu?:


C'est Lui composer des chansons qui tirent les serpents dans leurs trous?

C'est dire à tous les passants que Dieu est plein de bonté et miséricordes,...?

Que dit la Bible dans le Psaumes 50:



17 Toi qui hais les avis, Et qui jettes mes paroles derrière toi!
18 Si tu vois un voleur, tu te plais avec lui, Et ta part est avec les adultères.
19 Tu livres ta bouche au mal, Et ta langue est un tissu de tromperies.
20 Tu t'assieds, et tu parles contre ton frère, Tu diffames le fils de ta mère.

Les passages si dessus nous montrent que Dieu n'est jamais heureux lorsque quelqu'un(e) ne marche pas selon les plans divines. Dieu trouve plaisir lorsque son peuple lui remercie en pratiquant la justice et se détournent de toutes mauvais actes que Dieu déteste tels que la haine, la corruption, la prostitution, la fornication, mensonges, diffamation,...
Dieu déteste les gens qui chantent Ses éloges et ne pratique jamais ce que Dieu leur prescrit:
(16)  Et Dieu dit au méchant: Quoi donc! tu énumères mes lois, Et tu as mon alliance à la bouche,

C'est quoi alors glorifier Dieu?
Lisons Psaumes 50:23 Celui qui offre pour sacrifice des actions de grâces me glorifie, Et à celui qui veille sur sa voie Je ferai voir le salut de Dieu.

Qui est alors cet homme qui trouve approbation devant Dieu?
Lisez avec moi dans Psaumes 1:1-3 (1 Heureux l'homme qui ne marche pas selon le conseil des méchants, Qui ne s'arrête pas sur la voie des pécheurs, Et qui ne s'assied pas en compagnie des moqueurs,
Mais qui trouve son plaisir dans la loi de l'Éternel, Et qui la médite jour et nuit!
Il est comme un arbre planté près d'un courant d'eau, Qui donne son fruit en sa saison, Et dont le feuillage ne se flétrit point: Tout ce qu'il fait lui réussit.
Lorsqu'une nation glorifie, plaît le Seigneur, tous ses plans réussissent et ses habitants prospèrent tous azimuts et pour plafonner tout, la sagesse, l'intelligence (science) et la joie  demeurent dans les cœurs des gens. 
Ecclésiastes 2:26a ( Car il donne à l'homme qui lui est agréable la sagesse, la science et la joie; mais il donne au pécheur le soin de recueillir et d'amasser, afin de donner à celui qui est agréable à Dieu. 
Lorsqu'un peuple s'adonne aux actes ignobles devant Dieu, tout ce qui érigé comme progrès dégringole en chute libre, il n'y a jamais de réussite dans toutes les entreprises:
Psaumes 1:4-6 (Il n'en est pas ainsi des méchants: Ils sont comme la paille que le vent dissipe.
C'est pourquoi les méchants ne résistent pas au jour du jugement, Ni les pécheurs dans l'assemblée des justes;
Car l'Éternel connaît la voie des justes, Et la voie des pécheurs mène à la ruine.
Ecclésiastes 2:26b ; mais il donne au pécheur le soin de recueillir et d'amasser, afin de donner à celui qui est agréable à Dieu. ...
Chers Burundais, chères Burundaises,
Dieu nous a tiré des griffes du Satan alors que ce Lucifer allait nous engloutir tous. Nous avons crié à Dieu et Il a entendu nos cris d'alarmes et Il nous a secouru gracieusement. Il est alors temps de Lui glorifier en marchant selon Ses plans comme on l'a déjà vu là haut. Sinon, nous seront condamnés à faire expérience à toute sorte de malheur. 
C'est ça la seule voie de sortie de toutes ces crises post-conflits auxquelles le pays fait face.

Gushira Imana hejuru rero ni ukugendera muri ivyo vyose Imana igomba, umuntu agatandukana n'icaha.