jeudi 25 septembre 2014

Ingendo ibereye Abantu b'Imana.

Barundi bavukanyi,
Nta numwe ayobewe amabi igihugu cacu cagiye gicamwo, ivyo bigatuma abantu benshi bankana urunuka kubera imvo iyi canke iriya. Kandi ayo mabi yaba igihugu ciharijwe ahanini n'abantu bitirirwa izina rya Kristu Yesu. Amabi igihugu caciyemwo yasize imiryango myinshi mu ngaratete, igihugu naco kirasubira inyuma mu mpande zose zigize ubuzima bwaco.
None ubu dukwiye gukora iki kugirango twisubize umutamana?
Ijambo ry'Imana riravuga riti:

Nuko rero, nk'uko bibereye abâtoranijwe n'Imana bakundwa na yo, mwambare umutima w'ikigongwe, n'ineza, n'ukwicisha bugufi, n'ugutekereza, n'ukwihangana, mwihanganirana, muharirana,iyo umuntu agize ico apfa n'uwundi. Nk'uko Umwami wacu yabahariye, namwe abe ariko muharirana. Ikigeretse kur'ivyo vyose mwambare urukundo, niwo mugozi uzana gutungana. (Abakorosayi 3:12-14)

Aha turabona ko ata kindi kintu cotuzanira ubutungane atari urukundo rushingiye ku Mana. Iyo tuvuze gutungana tuba tuvuze kugendera mu kuri ata kugoreka canke guhengamika ururimi. 
Kubemera Yesu Kristu murazi yuko yadusigiye ingabire ya Mpwemu Yera. Uwo nawe kimwe mu vyamwa yama Urukundo ruza imbere y'ibindi vyose (Abagalatiya 5:22). Umuntu rero iyo adafise Mpwemu Yera muri we biragoye kugira urukundo nk'urwo Imana yifuza. Arahushagurika.  
Umuntu rero atagira urukundo rushingiye kuri Mpwemu Yera usanga agerageza kunezereza abantu no mu gihe ivyo akora bidahimbara Imana. Ivyo bica vyitwa ubudaydya. Urukundo Imana idusaba rero ni rwo gusa ruzotuma Abarundi twogorora. Nta yindi nzira rero ihari yo gutungana atari iyo Umukiza Yesu Kristu yaduciriye maze Imana ikaturungikira Mpwemu Yera kugirango adushoboze kugendera mu butungane. 
Turamaze kubona rero ko Urukundo arirwo rufunguruzo kandi rukaba umugozi uzana gutungana.

Mu gice kizokurikira tuzorabira hamwe ibiranga urukundo Imana idusaba.

TUNGANIRA IMANA BARUNDI