jeudi 14 avril 2016

Kugunga Imana ivyayo (3)


Kugunga Imana twamaze kubona ko bifise inkurikizi nyinshi mbi. Iyo ugunze Imana uba ubaye umubeshi kandi ntuba wumviye namba.

Ananiya na Safira bagunze Imana mu vyo bo nyene bari bemeye ko batanga, ariko bamaze kubona amahera avuye mw'itongo bagurishije baciye banyegeza amahera amwe baca bashaka gushikana ibidakwiye. Ukwo kutumvira kwabazaniye urupfu! Ivyak. 5:1-11

Inkunzi y'amahera ntizohazwa n'amahera; n'ukunda ibitayega ntazohazwa n'inyungu(Umusiguzi  5:10). Gufunereza kw'umutunzi kumubuza gusinzira. Umusiguzi 5:11

N'ukuri kugunga Imana guhindura umunyabwenge igipfu, kand'impera izimiza ubwenge. Umusiguzi 7:7

Ni wasezerana isezerano ku Mana ntutebe kurishitsa; kukw'idahimbarwa n'ibipfu: ushitse ico wasezeranye. wopfuma utagira ico usezerana hako usezerana ntushitse. Umusiguzi 5:4-5 
Imana nta tegeko yahaye abantu ngo bame bagira ico basezerana; umuntu abikora avyigombeye bivanye n'ico Imana yamukoreye. Nta gahato kajamwo. 

Abakristo benshi rero usanga bagunga Imana kubera kwitwararika ivy'umubiri. N'igihe batanze ibigiracumi canke amashikanwa benshi batwara ibidakwiye nk'uko Ananiya na Safira babikoze. Iyo dutanze ibigiracumi, amashikanwa, amashimwe, imishuzo, ibikorwa,... bija mu bituma igikorwa c'Imana gitera imbere. 

 kwicwa n'ubukunzi bw'itunga, amahera. umusiguzi 5:13-14


Turakwiye gukorera Imana mu buryo bwose kuko ivyacu ari birya dukoreyemwo Imana. Ubutunzi bwacu tububike mw'Ijuru.

lundi 14 mars 2016

Kugunga Imana ivyayo (2)

"Mwaziga vyinshi, mugize murtya musanga ni bike; kandi niyo mubizanye muhira ndabitūvya".(Hagayi 1:9)

Iryo jambo Imana yaribwiye Ab'Isirayeli igihe yari yabasavye kwubaka ingoro y'Uhoraho nabo bakanka, ahubwo bakihutira kwubaka amazu yabo, barareka ingoro y'Imana irahomvagurika. Umuntu atubaha Imana ngo akore ivyo igomba ntabwo yigera ahaga, yamana umwina w'ivy'isi.

Imana ica ibabwira ko igituma bama bavomera mu kiva ar'uko bafashe minenerwe igikorwa c'Imana, bibagira ko bazibiye iyo biva. Imana ica inababwira ko ari naco gituma ata n'imvura bakironka yo kuvomera imirima yabo, bigatuma babura umwimbu kandi barimye. (Hagayi 1:11)

Umuntu rero arashobora kubonwa ko umengo afise ubutunzi ariko kubera atubaha Imana ngo ayikorere ugasanga vy'ukuri mu buzima bwiwe yamana umwitwarariko, ntatore agatiro, canke yaryama akama arota nabi kubera yama yitwararitse ivy'isi kurusha ivy'Imana (Umusiguzi 5:3).

Korera Imana rero ugifise uburyo, kuko ivyo ufise vyose Imana yabiguhaye kugirango ubashe gukora igikorwa cayo. Imigisha rero Imana iha abayikorera mu buryo bw'amashikanwa n'ibigiracumi kandi bakabikora n'imitima ikunze, itabagiriza icaha ni myinshi. Ntabwo Imana ivuga ngo nzoguha inzu, imodoka,..ivuga ngo nzoguncuncuburira umugisha ubure aho uwukwiza. Imana ishobora kuguha kunezererwa no kwama ubumbwa n'ivyo ufise uko biba biri kwose, maze uwo munezero ukaba mwinshi, Imana ishobora kuguha kwihanganira amageragezwa ntaguteshe urugendo ruja mw'Ijuru. Ikintu gikomeye rero ni ukwifuza kugira iherezo ryiza, tukazoragwa Ubwami bw'Imana (Ab'I Kolosayi 3:24).

mercredi 27 janvier 2016

Kugunga Imana ivyayo (1)

Ijambo kugunga rishobora gusobanurwa nko: kwimana, kwiba, kudyadya,...

"Uhereye mu bihe vya ba sogokuruza muhora mukevya mugata amabwirizwa yanje, ntimuyitondere. Nimungarukeko, nanje nzobagarukako, niko Uhoraho Nyen'ingabo agize. ..." (Malaki 3:7)

Kenshi abantu iyo bahezagiwe bakaronka iki canke kiriya baca bibaza ko ari kubw'inkomezi zabo canke ubwenge bwabo, bakibagira iyo biva. Imana isaba abakristo gukora mu buryo bwo gutanga ibigiracumi n'amashikanwa bivuye mu vyo bimbuye, vyaba ibirimwa canke amahera kugirango igikorwa cayo biciye mu bakozi bayo kibandanye. Abantu bamwe baca bavuga ngo Imana ntavyo ikeneye. Ivyo babiterwa no kutamenya Ijambo ry'Imana, kuko Imana iravyerekana neza mw'Ijambo ryayo:

"...mwangunze ikigiracumi n'amashikanwa." Malaki 3:8

Kudakorera Imana rero muvyo itugera gukora ntaho bitandukaniye n'umugararizo. Iyo dutanze ikigiracumi n'ayandi mashikanwa, ishengero riratera imbere, rigashobora kwakira abakozi b'Imana, rikanafasha n'abagowe ndetse no mw'iterambere ry'igihugu.

Iyo tugararije rero ntidukore ivyo Imana igomba tuba twikwegeye umuvumo mu vyacu no mu bacu.

Ivyiza biva mugukorera Imana rero ni vyinshi cane, kuko Imana iravuga iti:"...enda nimubingeragereshe murabe ko ntazobagomorera ingomero zo mw'Ijuru, nkabacuncuburira umugisha, mukabura aho muwukwiza." Malaki 3:10

Hano ikintu gikomeye cane ni umugisha. Umuntu yubaha Imana, agakora ivyo imugera aba umunyamugisha, akamana amahoro n'umunezero kuko aba ahimbara Imana (Umusiguzi 2:26). 

Ntibigarukira aho gusa. Iyo umuntu akoreye Imana n'umutima ubikunze, Imana nayo irakingira itunga ryiwe:"Nzokankamira ururyi kubwanyu, ntirwonone imirima yo mu ndimiro zanyu; kandi n'umuzabibu wo ndimiro zanyu ntuzorumba, nik'Uhoraho nyen'ingabo agize. Kandi amahanga yose azobita abanyehirwe, kuko muzoba igihugu c'igikundiro, nik'Uhoraho nyen'ingabo agize." (Malaki 3:11-12)

Ibi vyose umukristo akwiye kubikora mu kwizera ko Ijambo ryose rihumetswe n'Imana ar'ukuri. Kuko irinda Ijambo ryayo kugirango irishitse (Yeremiya1:12b).

Nimba nizera ko Imana yaremye Ijuru n'isi n'ibirimwo vyose, ko ari nayo yandemye, nobuzwa n'iki kwizera amasezerano yayo! 

Reka twubahe Imana, tugendere mukugororoka, maze twirabire imigisha yayo mu bugingo bwacu.


jeudi 17 décembre 2015

NIWIZERA UMWAMI YESU KRISTO URAKIRA

      Mbega woba urushe uremerewe n'ivyaha bo n'imyitwarariko y'ubuzima? Bibwire Yesu Kristu urakira (Matayo 11:28). Yesu niwe nzira n'ukuri n'ubugingo (Yohana 14:6). Subiramwo aya majambo wature ivyaha vyawe urakira:


1.      Mukiza, numvis’ijwi
Ryawe ry’imbabazi
Rimpamagara ngo nozwe
N’amaraso yawe.

Nditavye Yesu,
Ndaje Mukiza ;
Ngw’amaraso wavuye
Anyoz’antunganye.

2.      Ndazi ko mfis’ivyaha
Vyinshi mu mutima ;
Vyose ndabikuzaniye ;
Naw’ubinkureko.

3.      Kand’uramp’umutima
Wuzuy’urukundo,
Wuzuy’ukwizera kwose
N’amahoro menshi.

4.      Ndazi k’uzomfashisha
Imbabazi nyinshi,
Ivyo wansezeraniye
Bizoshika vyose.

5.      Nshim’amaraso yawe
Ankuyekw’ivyaha,
Mpimbazwa n’ubushobozi
Bunkiz’intege nke. AMEN

Dukwiye kumenya rero ko inyuma y'ubu buzima bwo kw'isi hariho ubundi buzima tuzobaho. Kubizeye Umwami Yesu Kristo bagatandukana n'icaha bazoja mw'Ijuru. Abanse kwihana nabo bazoja mu muriro. Tandukana n'ingeso mbi za kera urangwe n'ubuzima busha. Zimwe mu  ngeso mbi ni nk'izi: Ubusambanyi, ubwicanyi, ishari, amacakubiri, igono, kuraguza, kuroga, ubumaji, ibiturire, ubusuma (Ab'I Galatiya 5:19-21). Gira inyota yo kwuzura Mpwemu Yera kuko niwe azogushoboza kwama ivyamwa vy'agakiza, agushoboze gutahura ijambo ry'Imana.

Ushobora gusoma Bibiliya ahakurikira kugirango ufashwe mu nzira y'agakiza: Yohana 3:16; 1 Yohana 1:9, Zaburi 103:12; Zaburi 51; Zaburi 50:15-21, Zaburi 1:1-6.

Ndakwifurije gutangura umwaka wa 2016 uri mu gakiza kabonekera mu Mwami wacu Yesu Kristo.

jeudi 3 décembre 2015

Amacakubiri y'amoko akurwaho n'umusaraba (2)

Iyo rero umuntu amaze kwinjirwamwo n'umugera w'amacakubiri ico yoba ashingiyeko cose, usanga aca agira n'ubuhimbiri mu kwiyumvisha ko n'ivyiza biva ku Mana ariwe bibereye gusa. Ivyo turabibona mu gihe intumwa Petero yatumwa n'Imana kwa Koruneliyo (Ivyak/Actes 10:9-15), aho tubona ko nawe nyene yabanje kunana ko atoja kuvuga Ubutumwa mu bwoko bwitwa ko butakebwe, buzira (Ivyak/Actes 10:28). Petero amaze kugondozwa n'Ubushobozi bw'Imana akagenda kwa Koruneliyo yasanze we n'umuryango wiwe n'abandi bantu benshi kandi banyotewe kwumva Ijambo ry'Imana. Amaze kubabwira ubutumwa bwiza, arabasengera maze Mpwemu Yera abazako barahezagirwa. Petero ubwiwe yaratangaye kuko yarazi ko ata bandi bantu bashobora guhabwa Mpwemu Yera atariwe n'Abayuda benewabo. Muri make babona ko ivyiza biva ku Mana aribo bibereye! Na Yesu Kristo bari bazi ko ari Umukiza w'Ubwoko bw'Abayuda gusa. Petero rero abonye ko n'abandi bantu atari Abayuda bashobora kugiriranira  imigenderanire n'Imana kandi basenga mw'Izina rya Yesu Kristo aca aratangaza n'ijwi rirenga ati: 

"N'ukuri ni ho nkimenya yukw'Imana itarobanura abantu ku butoni, ariko mu mahanga yose ūyubaha , agakora ivy'ukugororoka, iramwemera." Ivyak/Actes 10:34-35

Abantu bose Yesu Kristo yarababambiwe ku Musaraba kugirango umwizera wese ntaze apfe rubi ariko ahabwe ubugingo budashira. Abari muri Yesu Kristo baba babaye umuryango umwe utaravye amoko, intara canke amamuko yabo.

Mu gihe Paulo yarukiye wasanga abantu banenana badashobora kwicarana ngo basangire canke ngo baramukanye bivanye n'amoko yabo. Bamwe bibaza ko aribo Imana ikunda, bakabona ko abandi ari ibizira. Paulo rero amaze kwakira Yesu Kristu nk'Umwami n'Umukiza wiwe yaciye yandikira abagalatiya n'Abakolosayi kugirango abamenyeshe ko abari muri Yesu baba bari umwe, ko umuzi wo kunenana no kwinubana uba ucitse.

"Aho ntihaba Umugiriki cank'Umuyuda, uwakebwe canke ūtakebwe, ūdebagura cank'Umusikiti, umugurano cank'uwidegemvya; ariko Kristo ni vyose, kand'ari muri bose." Ab'I Kolosayi 3:11

Ivyo dusomye aho hejuru rero kugirango umuntu abibone nuko aba yahinduwe musha akagira ubwenge bwo gutahura ivyo Imana igomba (Kolosayi 3:9-10). Umuntu amaze guhinduka akakira Yesu Kristo nk'Umwami n'Umukiza wiwe aca abona ko abantu bose baba Umwe mu gihe bahujwe na Yesu Kristo. Agatima ko kunenana karahava, ntawuboneka ko ari ikivuma canke ngo atera umukoshi.

"...; kuko mwese mur'umwe muri Kristo Yesu." Ab'I Galatiya 3:28 

Kenshi rero ivy'amacakubiri biva kuri Satani yinjira mu bantu urukundo rugahunga, maze abantu bagasigara biganziwe n'agatima ko kwikunda no guhahamira ubutunzi. Yakobo yarabonye ko imitongano canke gushwana mu bantu biva ku nyungu zabo bwite baba barondera. Ivyo bishobora no kugera aho intambara zaduka zihishije inyuma y'ico umuntu ari kandi vyukuri aba ari guhahamira amaronko:

"Muri mwebwe intambara ziva hehe, n'imitongano iva hehe? Mbega ntibiva mu bibahimbara birwanira mu ngingo zanyu?" Yakobo 4:1

Iyo rero hari amacakubiri abantu ntibakundane, usanga babayeho nabi, mu bwoba, mu bukene, ivyo basaba Imana ntibumva kuko baba bashaka ibibahimbara gusa (Yakobo 4:2-3)

Abantu rero bakwiye gukundana, kandi turabona ko bigoye cane ko haba urukundo nyarwo, rudashingiye ku maronko mu gihe abantu badahujwe n'Ijambo ry'Imana. Abarundi nibo bayamaze bati 'Ibigiye inama bigira Imana'. Abantu bashobora kuba umwe mu gihe bahujwe n'umusaraba wa Yesu Kristo bakakira agakiza bakarangwa n'urukundo AGAPE, urwo ntirufatira ku maronko.

Imana rero ikunda abantu bose kandi dutegerezwa natwe kugendera mu bugombe bw'Imana. Umuntu uwo ari wese atubaha Imana, naho yoba uwo muvukana mu nda arakubera umwansi. Ariko iyo muhujwe n'Umusaraba wa Yesu vyose bigenda neza naho mu buryo bw'umubiri, intara, agatumba muba mudasangiye na kimwe. Iyo rero umuntu atinya Imana asabwa no kugirira neza abo yibaza ko ari abansi (Matayo 5:44). Ivyo rero umuntu abishobozwa na Mpwemu Yera abonekera muri Yesu Kristu kuko ariwe aduha inkomezi akadushoboza vyose (Ab'I Filipi 4:13).


Fyonda kuri (1) usome igice ca mbere

lundi 31 août 2015

Se tenir à la brèche pour l'oeuvre de Dieu


Dieu dit: "Je cherche parmi eux quelqu’un qui construise un mur, qui se tienne à la brèche devant moi en faveur du pays, pour que je ne le détruise pas, ..."  Ézéchiel 22:30

ça commence par moi, ça commence par toi, peux-tu faire un pas et te porter candidat et marcher selon le plan de Dieu pour voir la justice de Dieu s'accomplir en notre faveur?

Pouvons-nous être comme Esaie qui accepta d’être utilisé par Dieu tel qu'il était: "J'entendis la voix du Seigneur, disant: Qui enverrai-je, et qui marchera pour nous? Je répondis:Me voici, envoi-moi." (Ésaïe 6:8)

Péchés des chefs et du peuple d'Israël:

Chaque peuple ou individu qui se détourne des préceptes de Dieu est voué à la malédiction:

"La parole de l'Eternel m’a été adressée: «Fils de l’homme, dis à Jérusalem: ‘Tu es une terre non purifiée, non trempée par la pluie un jour de colère.’
Ses prophètes conspirent au milieu d’elle. Pareils à des lions rugissants qui déchirent leur proie, ils dévorent des vies, ils s'emparent des richesses et de biens précieux, ils multiplient les veuves au milieu d’elle. Ses prêtres font violence à ma loi et profanent ce qui m’est consacré. Ils ne distinguent pas ce qui est saint de ce qui est profane, ils ne font pas connaître la différence entre ce qui est impur et ce qui est pur, ils ferment les yeux sur mes sabbats et je suis déshonoré au milieu d'eux. Ses chefs sont, à l’intérieur d’elle, pareils à des loups qui déchirent leur proie: ils versent le sang, ils font disparaître des vies afin de faire des profits malhonnêtes. Ses prophètes recouvrent tout cela de crépi, par leurs fausses visions et leurs prédictions mensongères. Ils affirment: ‘Voici ce que dit le Seigneur, l'Eternel’ alors que l'Eternel n’a pas parlé. Quant à la population du pays, elle pratique l’exploitation, elle commet des extorsions, elle opprime le malheureux et le pauvre, elle exploite l'étranger au mépris de toute justice. Je cherche parmi eux quelqu’un qui construise un mur, qui se tienne à la brèche devant moi en faveur du pays, pour que je ne le détruise pas, mais je ne trouve pas. Je déverserai mon indignation sur eux, je les achèverai par le feu de ma fureur. Je ferai retomber leur conduite sur leur tête, déclare le Seigneur, l'Eternel." (Ézéchiel 22:23-31).
MESSAGE D'ESPOIR/ HARACARI IVYIZIGIRO 

Si votre Esprit vous convainc que vous marchez selon le plan de Dieu, n'ayez pas peur, le sort réservé à ceux qui ne marchent pas selon la volonté de Dieu vous est épargné. 
"L'âme qui pèche, c'est celle qui mourra. Le fils ne portera pas l'iniquité de son père, et le père ne portera pas l'iniquité de son fils. La justice du juste sera sur lui, et la méchanceté du méchant sera sur lui. Si le méchant revient de tous les péchés qu'il a commis, s'il observe toutes mes lois et pratique la droiture et la justice, il vivra, il ne mourra pas. Toutes les transgressions qu'il a commises seront oubliées; il vivra, à cause de la justice qu'il a pratiquée.Ce que je désire, est-ce que le méchant meure? dit le Seigneur, l'Éternel. N'est-ce pas qu'il change de conduite et qu'il vive?" (Ezéchiel 18:20-23)
Ne dis pas que tes péchés sont nombreux et qu'ils sont impardonnables, Dieu est prêt à te pardonner aussitôt que tu confesses de ta propre bouche. Il n'y a pas de péchés impardonnables sauf ceux qui ne sont pas confessés suite au refus d’obtempérer à la voix de Dieu à travers son Esprit Saint. (Matthieu 12:31)

DIEU CHANGE FACILEMENT SON PLAN, REVIENS SUR SA DECISION SI QUELQU'UN SE REPENT ET RENONCE AU PECHE.

"Lorsque je dis au méchant: Tu mourras! s'il revient de son péché et pratique la droiture et la justice, s'il rend le gage, s'il restitue ce qu'il a ravi, s'il suit les préceptes qui donnent la vie, sans commettre l'iniquité, il vivra, il ne mourra pas.Tous les péchés qu'il a commis seront oubliés; il pratique la droiture et la justice, il vivra." (Ezéchiel 33:14-15)
Chers frères et soeurs, Dieu cherche des burundais qui peuvent se tenir à la brèche et proclamer le  Nom Puissant de Jésus Christ, marcher selon sa volonté puisque c'est Lui qui donne la paix réelle, pas celle que le monde donne. Dieu ne mélange point sa bénédiction avec l'amertume. (Proverbes 10:22)

Dieu l'a fait pour moi, NiniveSaul-Paul le persécuteur, le malfaiteur-brigand sur  la croix, Simon le magicien et bien pour d'autres , et Il le fera pour toi.
Tiens-toi à la brèche et réponds à l'appel de Dieu comme le fit Esaie: "Me voici, envoi-moi."

Glossaire: Se tenir à la brèche:Avoir du souci, être actif, être concerné par quelque chose.

jeudi 30 juillet 2015

Inkomezi z'abubaha Imana ku gihugu c'Uburundi

Barundi Barundikazi, ntidusinzire: Dusengere Inamanshingamateka y'Uburundi kuko nirwo ruganda rufatirwamwo ingingo n'amategeko biraba ubuzima bw'igihugu. Dusengere inzego zose z'igihugu.
Dusenge cane kugirango indongozi ziriko ziratorwa zize zirangwe n'ibi:"bashoboye guca imanza zibereye, bubaha Imana, b'abanyakuri, inyankamugayo, banka ingurire(igiturire)". Kuvayo/Exode 18:21
Uravye ijambo ry'Imana ryerekana ko ari kuva ku ndongozi zo hejuru gushika kuzo hasi nka ba  nyumba kumi:"...uheze ubakuze, babe bakuru bo kuganza abantu, bamwe igihumbi-igihumbi, ...abandi cumi cumi(nyumbakumi).
Mukristu, wibuke ko twahawe ububasha, mugihe duhimbaye Imana, ko ico tuboshe mw'isi no mw'Ijuru kiba kiboshwe, kandi ico tubohoye mw'isi no mw'Ijuru kiba kibohowe; kandi ico dusaba cose duhuje imitima Imana irakidukorera (Matayo 18:18-19). Ikindi naco tumenye ko twahawe ibango ryo guserukira Ijuru aha mw'isi, turi aba 'Ambassaderi', utugena muri ayo mabanga nawe ni Yesu Kristu. 2 Korinto 5:20 . 
Twirinde ntitube inyankaguhanwa, ntidute ijambo ry'Imana, ntitwifatanye na bandanyangu, abasuma, n'abasambanyi, twirinde amajambo mabi yo gutukana, kuvuga nabi abandi, kurementanya. Zaburi 50:16-20

Turabe rero mission Imana iduha ntitwivange ngo twifate uko tutari tugata intumbero y'Ijuru. Ivyo dukora vyose rero tubikore mw'Izina ry'Umwami n'Umukiza wacu Yesu Kristu. AMEN