
"N'ukuri ni ho
nkimenya yukw'Imana itarobanura abantu ku butoni, ariko mu mahanga yose ūyubaha
, agakora ivy'ukugororoka, iramwemera." Ivyak/Actes 10:34-35
Abantu bose Yesu Kristo yarababambiwe ku Musaraba kugirango
umwizera wese ntaze apfe rubi ariko ahabwe ubugingo budashira. Abari muri Yesu
Kristo baba babaye umuryango umwe utaravye amoko, intara canke amamuko yabo.
Mu gihe Paulo yarukiye wasanga abantu banenana badashobora kwicarana ngo basangire canke ngo baramukanye bivanye n'amoko yabo. Bamwe bibaza ko aribo Imana ikunda, bakabona ko abandi ari ibizira. Paulo rero amaze kwakira Yesu Kristu nk'Umwami n'Umukiza wiwe yaciye yandikira abagalatiya n'Abakolosayi kugirango abamenyeshe ko abari muri Yesu baba bari umwe, ko umuzi wo kunenana no kwinubana uba ucitse.
"Aho ntihaba Umugiriki
cank'Umuyuda, uwakebwe canke ūtakebwe, ūdebagura cank'Umusikiti, umugurano cank'uwidegemvya;
ariko Kristo ni vyose, kand'ari muri bose." Ab'I Kolosayi 3:11
Ivyo dusomye aho hejuru rero kugirango umuntu abibone nuko
aba yahinduwe musha akagira ubwenge bwo gutahura ivyo Imana igomba (Kolosayi 3:9-10). Umuntu amaze
guhinduka akakira Yesu Kristo nk'Umwami n'Umukiza wiwe aca abona ko abantu bose
baba Umwe mu gihe bahujwe na Yesu Kristo. Agatima ko kunenana karahava, ntawuboneka
ko ari ikivuma canke ngo atera umukoshi.
Kenshi rero ivy'amacakubiri biva kuri Satani yinjira mu bantu
urukundo rugahunga, maze abantu bagasigara biganziwe n'agatima ko kwikunda no
guhahamira ubutunzi. Yakobo yarabonye ko imitongano canke gushwana mu bantu
biva ku nyungu zabo bwite baba barondera. Ivyo bishobora no kugera aho
intambara zaduka zihishije inyuma y'ico umuntu ari kandi vyukuri aba ari
guhahamira amaronko:
"Muri mwebwe intambara ziva hehe, n'imitongano iva
hehe? Mbega ntibiva mu bibahimbara birwanira mu ngingo zanyu?" Yakobo 4:1
Iyo rero hari amacakubiri abantu ntibakundane, usanga
babayeho nabi, mu bwoba, mu bukene, ivyo basaba Imana ntibumva kuko baba
bashaka ibibahimbara gusa (Yakobo 4:2-3)
Abantu rero bakwiye gukundana, kandi turabona ko bigoye
cane ko haba urukundo nyarwo, rudashingiye ku maronko mu gihe abantu badahujwe
n'Ijambo ry'Imana. Abarundi nibo bayamaze bati 'Ibigiye inama bigira Imana'.
Abantu bashobora kuba umwe mu gihe bahujwe n'umusaraba wa Yesu Kristo bakakira
agakiza bakarangwa n'urukundo AGAPE, urwo ntirufatira ku maronko.
Imana rero ikunda abantu bose kandi dutegerezwa natwe
kugendera mu bugombe bw'Imana. Umuntu uwo ari wese atubaha Imana, naho yoba uwo
muvukana mu nda arakubera umwansi. Ariko iyo muhujwe n'Umusaraba wa Yesu vyose
bigenda neza naho mu buryo bw'umubiri, intara, agatumba muba mudasangiye na
kimwe. Iyo rero umuntu atinya Imana asabwa no kugirira neza abo yibaza ko ari
abansi (Matayo 5:44). Ivyo rero umuntu abishobozwa na Mpwemu Yera
abonekera muri Yesu Kristu kuko ariwe aduha inkomezi akadushoboza vyose (Ab'I Filipi 4:13).
Aucun commentaire:
Enregistrer un commentaire