mercredi 14 septembre 2016

Ihane ivyaha ugifise umwanya

Abarundi barayamaze bati: 
  • Inyankakubwirwa yabwiwe n'amaso gutukura
  • Ingumbiri y'umwungu yinjiranye uruguma mu nkono
  • Agasozi k'intahanurwa kahiye abagabo barorera
  • ...
Ijambo ry'Imana riravuga riti: "Upfukapfuka ibigabitanyon vyiwe ntazoronka umugisha, arik'uvyihana akabireka azogirirwa ikigongwe" Imigani 28:13
Ijambo ry'Imana rirerekana ko umuntu yanka inyungu mbi azoramba (Imigani 28:16b). 
Tirabona rero ko umuhirwe ari umuntu yiyubara akirinda gukora ibibi.
"Hahirwa umuntu yama yiyubara, arik'uwikomantaza umutima azogwa mu vyago." (28:14)
Abantu benshi bihutira gutunga ariko bakibagira ko "imiraguzi y'ubushushe itamenya ko ubuhoze buryoha". Uwihutira kuba umutunzi ntazobura guhanwa (28:20b)
Hari abantu bamwe berekana ko bafise ukwubaha Imana, eka n'ijambo ry'Imana baryamiza mu kanwa ariko bakifatanya n'abakora ibibi. 
"Arik'umunyakibi Imana iramubaza, iti wiruhiriza iki kubarira abandi amabwirizwa yanje, ugashira isezerano ryanje mu kanwa kawe? Iy'ubonye umusuma, wemeranya nawe, kandi wifatanya n'abasambanyi. ..." Zaburi 50:16-17
Ahandi ijambo ry'Imana riravuga riti: "Indya z'ibinyoma ziraryohera umuntu, ariko hanyuma zikamuhindukira urusekebuye mu kanwa" Imigani 20:17
Ivyo vyaha rero (ubusuma, kurya no gutanga ibiturire,...) ubikore uzi ko uzobona ibara. Iga kubumbwa n'umugisha uva ku Mana., ivyo ufise bikubumbe.
Naho vyoba vyarakugoye ukagendera mu ngeso mbi zo kwiba, ko ugihumeka, Yesu aguteze ibiganza ngo akubabarira niwatura ivyaha vyawe urakira.

Yesu ni inzira, Ukuri, Ubugingo.




Aucun commentaire: