Mbega woba urushe uremerewe n'ivyaha bo n'imyitwarariko y'ubuzima? Bibwire Yesu Kristu urakira (Matayo 11:28). Yesu niwe nzira n'ukuri n'ubugingo (Yohana 14:6). Subiramwo aya majambo wature ivyaha vyawe urakira:
1. Mukiza,
numvis’ijwi
Ryawe
ry’imbabazi
Rimpamagara
ngo nozwe
N’amaraso
yawe.
Nditavye Yesu,
Ndaje Mukiza ;
Ngw’amaraso wavuye
Anyoz’antunganye.
2. Ndazi
ko mfis’ivyaha
Vyinshi
mu mutima ;
Vyose
ndabikuzaniye ;
Naw’ubinkureko.
3. Kand’uramp’umutima
Wuzuy’urukundo,
Wuzuy’ukwizera
kwose
N’amahoro
menshi.
4. Ndazi
k’uzomfashisha
Imbabazi
nyinshi,
Ivyo
wansezeraniye
Bizoshika
vyose.
5. Nshim’amaraso
yawe
Ankuyekw’ivyaha,
Mpimbazwa
n’ubushobozi
Bunkiz’intege
nke. AMEN
Dukwiye kumenya rero ko inyuma y'ubu buzima bwo kw'isi hariho ubundi buzima tuzobaho. Kubizeye Umwami Yesu Kristo bagatandukana n'icaha bazoja mw'Ijuru. Abanse kwihana nabo bazoja mu muriro. Tandukana n'ingeso mbi za kera urangwe n'ubuzima busha. Zimwe mu ngeso mbi ni nk'izi: Ubusambanyi, ubwicanyi, ishari, amacakubiri, igono, kuraguza, kuroga, ubumaji, ibiturire, ubusuma (Ab'I Galatiya 5:19-21). Gira inyota yo kwuzura Mpwemu Yera kuko niwe azogushoboza kwama ivyamwa vy'agakiza, agushoboze gutahura ijambo ry'Imana.
Ushobora gusoma Bibiliya ahakurikira kugirango ufashwe mu nzira y'agakiza: Yohana 3:16; 1 Yohana 1:9, Zaburi 103:12; Zaburi 51; Zaburi 50:15-21, Zaburi 1:1-6.
Ndakwifurije gutangura umwaka wa 2016 uri mu gakiza kabonekera mu Mwami wacu Yesu Kristo.
Ushobora gusoma Bibiliya ahakurikira kugirango ufashwe mu nzira y'agakiza: Yohana 3:16; 1 Yohana 1:9, Zaburi 103:12; Zaburi 51; Zaburi 50:15-21, Zaburi 1:1-6.
Ndakwifurije gutangura umwaka wa 2016 uri mu gakiza kabonekera mu Mwami wacu Yesu Kristo.
Aucun commentaire:
Enregistrer un commentaire