vendredi 29 mai 2015

Ushigikiwe n'intare aravoma.

Urashaka gukira imyampi y'abansi bagusugereje? Ihane uve mu vyaha. Maze ureke Intare yo mu muryango wa Yuda ikugwanirire, uwo ni Yesu Kristu. Zaburi 28:7

Hari igihe umuntu asugerezwa nka kumwe umwami dawidi vyaza biramubako, ariko kubera yari yegamiye umugabo akomeye, Imana, yaguma anesha abansi biwe. 

Ehe nawe raba muri (2 Samweli 22) uko ashimira Imana kubera yamutabaye. abansi biwe bari bamukikije kurya ijuru ridukikije ariko Imana yaramugwaniriye kubera yayihimbaye (2 Samweli 22:21).  

Mbega umuntu ahimbara Imana gute? 

Umuntu wese iyo yitandukanije n'icaha agakora ineza ku bantu bose akarenganura impahazwa aba ahimbaye Imana. Nta muntu rero ahimbara Imana ngo nayo imutererane. (Psaumes 1:1-3), (Daniyeli 4:27)

Barundi bavukanyi ntayindi nzira iriho yo gukira imyampi y'umwansi Satani n'abakozi bayo atari guhungira muri Yesu Kristu tukozwa n'amaraso yiwe.

Aucun commentaire: