mercredi 8 avril 2015

Abavugishwa, Ubuhanuzi (6)

Mbega Abavugishwa bavuze ibintu bigashika uko babivuze twoca tubizera ko ar'ab'ukuri?
"Muri mwebwe nihāduka umuvugishwa cank'umurōsi, akabaha ikimenyamenya cank'akababarira igitangaza, ico kimenyamenya canke ico gitangaza kigashika, ico yababariye, ati nicashika tuze tugendanire izindi mana, tuzisabe; kand'ar'imana mutigeze kumenya; ntimuze ntimuze mwemere amagambo y'uwo muvugishwa canke y'uwo murōsi, kuko Uhoraho Imana yanyu azoba abagerageza, ngw'amenye yuko mumukundisha imitima yanyu yose n'ubugingo bwanyu bwose.Gusubira mu vyagezwe 13:2-3
Aha turabona ko bashobora kuvugishwa canke kurōta ibintu bigashika. Ariko dukwiye gusuzuma ko uyu muntu adasenga izindi mana. Ivyo iyo twitonze tukagenzura abo bantu usanga bimwe mu bikorwa bakora canke mu vyo bavuga biri kubiri n'ivyagezwe vy'Imana. Mu bihe vya kera abantu nk'abo baca babica kandi n'uno musi hariho amadini yemera ko wishe umuntu afise izindi nyigisho zitandukanye n'ivyo wemera ko akwiye kwicwa, ariko kubera ubuntu bw'Umwami wacu Yesu Kristo urubanza rwo gupfa yarukuyeho. 
Hariho nk'abagabo babwira abakobwa ngo bajane mu cumba c'amasengesho basengereyo babambaye amenya , ubusa bakabatota imiti ngo bariko baraboza ivyaha. Biranashika bakababwira ko Imana yababwiye ko bategerezwa kuryamana nabo kugirango babakure umuvumo w'icaha c'ubusambanyi baba baraciyemwo. Kandi abatari bake baramaze kugwa muri bene iyo mitego. Eka hari n'ababwira abagore canke abagabo bubatse ingo zabo canke abacaguranye ko ataribo Imana yabageneye ugasanga barasambanye n'abo biyita abavugishwa. Mu bisanzwe baba bariko bakorera izindi mana atari Imana Rurema yaremye Ijuru n'isi n'ivyuzuyemwo vyose. Abandi usanga buzuye imvugo z'amacakubiri n'izingo y'akazikira. Abandi nabo usanga bahimiriza cane abantu gutanga ivyabo ko ariho kugirango babasengere. Utagize ico atanga ntibamusengera. Abakristo benshi rero birabagora kubahinyura kuko baba bakoreye ibitangaza imbere y'amaso yabo canke bakababwira ivy'ubuzima bwabo bwose, n'ivyo umuntu yari yibaza ko ari we wenyene abizi. Dukwiye kumenya ko Satani azi ivyacu vyose ducamwo mu buzima bwacu bwo ngaha kw'isi. 
Woba umaze kubibona aho ubaye? Nimba uzazaniwe uri umukrito kubera inyigisho z'Abavugishwa ukabura ico ufata n'ico ureka, urasoma igice ca (7) uzoronka inyishu.

Bandaniriza ku gice ca (7)





Aucun commentaire: