lundi 6 avril 2015

Abavugishwa, Ubuhanuzi (5)

Ijambo ry'Imana ntidukwiye kurigira muri twebwe rigwiriye gusa, ariko dutegerezwa no kuryamizako umutima ijoro n'umurango. 
"Hahirwa umuntu atagendera mu nama z'ababi, aticarana n'abacokoranyi. Arikw'ibimuhimbara biri mu vyagezwe vy'Uhoraho, kandi ivyagezwe vyiwe nivyo ashirak'umutima ku murango no mw'ijoro.Zaburi 1:1-2
Mu gihe umuntu adashize umutima ku vyagezwe vy'Imana akanya ku kandi, ntamahirwe ashobora kugira kuko yama ajana n'ibije, akajuragirika. Mbega abo babi tubona ni bande? Ni babavugishwa b'ibinyoma, kandi ni nabo bacokoranyi kuko usanga banegura bakanasuzugura cane abakozi b'Imana. 
Benshi mu banyisirayeli bo mu gihe ca kera barajuragirika kuko muribo haraza abavugishwa benshi bakababwira ibi na biriya bamwe bakabura ico bafata n'ico bareka. Vyarabagora cane gutandukanya abavugishwa batumwe n'Imana vy'ukuri bo n'ab'ibinyoma.
Kugirango bashobore guhangana n'abo bavugishwa vyabaye ngombwa ko basubira mu vyagezwe vy'Uhoraho.
"Umuvugishwa azogira ico avuze mw'izina ry'Uhoraho, hanyuma ntikibe, ntigishike; ico kizoba kitāvuzwe n'Uhoraho: uwo muvugishwa azoba yahāngāye kucigenera: ntimuze mumutinye." Gusubira mu vyagezwe 18:22
Aha ijambo ry'Imana ritwereka ko tudakwiye kugira ubwoba ngo tubatinye. None bavuze ibintu bikaba duce duhuta kwizera ivyo bavuze?
Haba namba! Dukwiye gusuzuma ijambo ry'Imana neza tubifashijwemwo na Mpwemu Yera. Hari abavugishwa ibintu bikaba, ariko ku ruhande ugasanga bafise izindi nyigisho zidahuye n'ijambo ry'Imana. Mu gice gikurikira turabona uko twobamenya.


Turabe ico Ijambo ry'Imana ribivugako mu gice ca (6)

Aucun commentaire: