mardi 31 mars 2015

Abavugishwa, Ubuhanuzi (1)

"Mwirinde abigira abavugishwa n'Imana; baza kuri mwebwe bambaye nk'intama, arikw imbere ari amabingira y'inkazi." (Matayo 7:15)

Ubu kw'isi hari abagenda bavuga ko bavugishwa n'Imana, ko bafitiye ubutumwa uyu canke uriya ndetse n'ibihugu. None nk'Abarundi b'Abakristo twemera ijambo ryahumetswe n'Imana dusanga muri Bibiliya ibihe nk'ivyo twovyifatamwo gute? Mbega twokwemera ubuhanuzi bwose uko tububwiwe? Mbega twogira amakenga? Twomenya uyu canke uriya ko avuga ukuri canke ibinyoma gute?

Reka turabire hamwe ico ijambo ry'Imana rivuga ku buhanuzi:

Ijambo ry'Imana riratwereka neza ko Abakristu badakwiye gukengera canke gufata minenerwe ivy'abavugishwa n'Imana.. Ariko kandi ijambo ry'Imana risaba Abakristu kugerageza gushishoza nimba koko ubwo buhanuzi buba bwavuye ku Mana, kugirango tutanyerera ku rurimi tukagwa ku mutima. 

"ntimugakengere ivy'abavugishwa n'Imana; mugerageze vyose, mugumye ivyiza, mwirinde icitwa ikibi cose".  (I Ab'I Tesalonike 5:20-22)

Mururimi rw'igifaransa ijambo kugerageza ikintu ni 'Examiner ou Tester'. Ni ukuvuga gusuzuma ko ikintu arico canke atarico.

Tuzobandanya twungurana ubumenyi mu gice kigira (2)




samedi 28 février 2015

Ubushobozi bwo gusenga no kwisonzesha

"Ariko ben'urya (umudayimoni) ntakurwamwo n'ikindi atar'ugusenga no kwisonzesha" (Matayo 17:21)


Kenshi mu buzima bw'umukristu hari ingorane ziba ziboneka nk'umusozi umubuza gutera aja imbere. Iyo rero hari ingorane zibonetse umukristu ategerezwa gusenga no kwisonzesha kugirango impwemu mbi ziba zateje izo ngorane zisendwe.

Mbega Murundi uriko urasoma iyi nkuru, hari ingorane canke amagorwa woba ubona abangamiye abandi canke igihugu cawe? Senga bifatanije no kwisonzesha bifatanije no gukenguruka kandi nturabe abantu ngo nibo bateza iki canke kiriya ariko uwubakoreramwo ariwe wa murwanizi Satani niwe abateza gukora ibibi. Umukristu akwiye gusenga akanisonzesha kugirango impwemu mbi ziba ziriko zirakorera mu bantu zihunge. Iyo hari ijwi rikubwira ngo naka ni mubi ca uribwira uti mvako Satani, kuko niwe se w'ibibi vyose.

Umukristu ntakwiye gutunga agatoke aba canke bariya, ariko akwiye gusenga kugirango Imana yirukane impwemu mbi ziba zateye imitima yabo.

Iyo satani adukoresheje mu kunegura tweruye abandi aba atunesheje, kuko umuntu ashobora gucumura mu gucira imanza abandi.

Iyo hari icaha tubona ko catse indaro dukwiye gusenga tukanisonzesha kugirango haboneke intsinzi.


mardi 20 janvier 2015

Intasho z'umwaka mushasha wa 2015

Barundi bavukanyi,

Ndabaramukije mw'izina ry'Umwami wacu Yesu Kristu.
Amahoro n'imigisha biva ku Mana bibabeko muri uno mwaka wa 2015.
Ndabifurije kwitondera ivyagezwe vy'Imana, mutandukane n'icaha cose, gusenga ibigigwamana n'ububi bwose bushingiye ku rwanko n'inzigo.

Ijambo ry'Imana riravuga riti: "None rero ni mwubahe Uhoraho, mumusabe mu vy'ukuri ata buryarya; mukūreho za mana ba sogokuruza bāsaba hakurya ya rwa ruzi no muri Egiputa, Uhoraho abe ari we musaba. Kandi namba mubona bibabangamiye gusaba Uhoraho, uyu musi ni mwitoranirize uwo muzosaba, namb'ari za mana ba sogokuruza bāsaba hakurya ya rwa ruzi, cank'imana z'Abamori ben'iki gihugu murimwo; ariko jeho n'abo mu rugo rwanje tuzokwama tugendanira UhorahoYosuwa 24:14-15

Gukorera Imana si agahato. Umuntu ahitamwo we nyene ubwiwe. Wewe uriko urasoma iri jambo ndakwifurije intango nshasha ya 2015. Uze ukubere umwaka wo gukirizwamwo wakire Yesu Kristu nk'Umwami n'umukiza wawe. Nimba warakijijwe ndakwifurije gukura no kwagukirwa mu vy'Imana.

Ntimurondere gushimwa canke gushimisha abantu, ariko murondere gushimwa no gushimisha Imana Rurema yaremye ijuru n'isi n'ibirimwo vyose. 

"Mbega ubu ni ishimwe ry'abantu ngomba, canke n'iry'Imana? canke se ndondera kunezereza abant, simba nd'umugurano wa KristoAbagalatiya 1:10

"Uku niko Uhoraho agize, at'aravumwe umuntu yishimira abantu, akizigira inkomezi z'abari n'umubiri, umutima wiwe ukava k'UhorahoYeremiya 17:5

Nimba hari ibikugoye (amashure, akazi, agakengere,...) ukwiye kuvyereka Imana. Abantu bo ni babarashukana. Turabona ko umuntu atagendera mu vyo Imana igomba ata ciza kimuzako namba. Yeremiya 17:6

Wibuke ko niwizera Imana ico uzokora cose kizogenda neza. Yeremiya 17:7-8Zaburi 1:1-3

Ng'izo rero imfunguzo zizokwugururira imiryango igushikana mu vyumba vy'imigisha iva ku Mana muri 2015 no kubaho kwawe kwose.

Imana ibahezagire. Amen

jeudi 25 septembre 2014

Ingendo ibereye Abantu b'Imana.

Barundi bavukanyi,
Nta numwe ayobewe amabi igihugu cacu cagiye gicamwo, ivyo bigatuma abantu benshi bankana urunuka kubera imvo iyi canke iriya. Kandi ayo mabi yaba igihugu ciharijwe ahanini n'abantu bitirirwa izina rya Kristu Yesu. Amabi igihugu caciyemwo yasize imiryango myinshi mu ngaratete, igihugu naco kirasubira inyuma mu mpande zose zigize ubuzima bwaco.
None ubu dukwiye gukora iki kugirango twisubize umutamana?
Ijambo ry'Imana riravuga riti:

Nuko rero, nk'uko bibereye abâtoranijwe n'Imana bakundwa na yo, mwambare umutima w'ikigongwe, n'ineza, n'ukwicisha bugufi, n'ugutekereza, n'ukwihangana, mwihanganirana, muharirana,iyo umuntu agize ico apfa n'uwundi. Nk'uko Umwami wacu yabahariye, namwe abe ariko muharirana. Ikigeretse kur'ivyo vyose mwambare urukundo, niwo mugozi uzana gutungana. (Abakorosayi 3:12-14)

Aha turabona ko ata kindi kintu cotuzanira ubutungane atari urukundo rushingiye ku Mana. Iyo tuvuze gutungana tuba tuvuze kugendera mu kuri ata kugoreka canke guhengamika ururimi. 
Kubemera Yesu Kristu murazi yuko yadusigiye ingabire ya Mpwemu Yera. Uwo nawe kimwe mu vyamwa yama Urukundo ruza imbere y'ibindi vyose (Abagalatiya 5:22). Umuntu rero iyo adafise Mpwemu Yera muri we biragoye kugira urukundo nk'urwo Imana yifuza. Arahushagurika.  
Umuntu rero atagira urukundo rushingiye kuri Mpwemu Yera usanga agerageza kunezereza abantu no mu gihe ivyo akora bidahimbara Imana. Ivyo bica vyitwa ubudaydya. Urukundo Imana idusaba rero ni rwo gusa ruzotuma Abarundi twogorora. Nta yindi nzira rero ihari yo gutungana atari iyo Umukiza Yesu Kristu yaduciriye maze Imana ikaturungikira Mpwemu Yera kugirango adushoboze kugendera mu butungane. 
Turamaze kubona rero ko Urukundo arirwo rufunguruzo kandi rukaba umugozi uzana gutungana.

Mu gice kizokurikira tuzorabira hamwe ibiranga urukundo Imana idusaba.

TUNGANIRA IMANA BARUNDI

lundi 21 juillet 2014

Tujajure: Canca imbwa yanje utabanje kuyiha igiturire!

Mbega ibikoko birarya igiturire?!

Umutama umwe yagiye gucandagisha imbwa yiwe hanyuma ageze ku muganga w'ibitungwa barayaga:

Muganga w'ibitungwa: Mwaramutse mutama
Nyene imbwa: Mwaramutse muganga
Muganga w'ibitungwa: Muje kuvuza iyo ntozo?
Nyene imbwa: Ndayizanye ku rucanco?
Muganga w'ibitungwa: Ko mbona umengo irakara reka mbanze ndayihe inyama ndayisamaze?
Nyene imbwa: IGORE UMPERE UMUTI IMBWA UTARINZE KUYIHA IGITURIRE

vendredi 18 juillet 2014

Ubworōzi bw'inkwavu(1)

Mbega hari ubutunzi abantu batamenya kandi buri mu kwaha iwabo?

Birashoboka ko mu gihugu haba ubukene, inzara nayo iti nakubonye.
Mu shakashatsi mperutse kugira nasanze hariho ibintu abantu bokora kugirango bagwanye ubukene nko kworora inkoko, ingurube, impene, inkwavu, inka,...



Muri ivyo vyose tudondaguye hari ibiza imbere kurusha ibindi. Uko mubona bikurikirana ni nako birushanya kworoha kworora:




  • inkwavu 
  • inkoko
  • impene
  • ingurube
  • inka
  • ...
Inkwavu rero nasanze zoroha kworora kubera imvo zikurirkia:

  •  zifungura ibintu vyinshi kandi bidasaba kugurwa: icanda, amababi canke ibishihwa vy'ibijumbu, imitoto, ibiharage bihiye, umukate, amazi,....
  • nta ngwara zikunda kugira
  • zirondoka hato na hato: buri mezi abiri
Uravye rero inyungu urukwavu rufise ni nyinshi:

  • ku magara y'abantu: inyama y'urukwavu nta binure bibi twita Cholesterole igira kandi akanovera kayo wobeshera inkoko.
  • umwavu
  • amahera
Mbega urukwavu rurondoka gute?

Urukwavu rumwe rurashobora kuvyara utwana 6 canke zirenga buri mezi abiri mu gihe rufashwe neza. Urukwavu rumwe rushobora kuvyara incuro 6 mu mwaka . Ni ukuvuga ko ufise urukwavu rumwe gusa mu kwezi kwa mberekw'umwaka, umwaka uhera ufise inkwavu 30 ziyongereye. Kandi mu mezi atanu urukwavu ruba rugeze kuribwa.



Ufise inkwavu 30 zivyara, ushobora kuronka inkwavu 900 mu mwaka umwe gusa. Zishobora no kurenga.

Nk'Abarundi baba ruguru biroroha cane kuko hari ahantu henshi bashobora gukura ubwatsi bitagoranye. Umuntu ashobora no kurima umurima w'ibijumbu kugirango aronke arya mababi yavyo yo kuzigaburira.

Amaganga y'urukwavu arashobora gukoreshwa nk'umuti wica udukoko (inscticide).

Mbega urukwavu rugurishwa amahera angahe?

Tutarinze kuja mu biharuro vyo hejuru cane, reka urukwavu rumwe turuhe amahera 6000Fbu, ni ukuvuga ko ugukurishije inkwavu 900 kuri 6000Fbu rumwe rumwe uca uronka: 5 600 000Fbu!!!!!!

Aho ntitwavuze umwavu. Inkwavu zitanu zirashobora kuguha udufuko duvamwo isima turenga dutanu tw'umwavu mwiza cane mu mezi atarenga 5. Ca muharura inkwavu ijana mundabire.

Muri ino misi hari nkwavu za kijambere zatanzwa mu ntara za KIRUNDO eka n'ahandi usanga ari zinini cane, rumwe rwopima nka kg 5. urwo rero rushobora kugurwa amahera arenga 10000fbu



kera kworora inkwavu, imbeba canke n'inkoko wamengo n'igikorwa c'abana. Namwe mwirabire umuntu yoroye urukwavu inyungu rushobora kumuzanira yaba mu gihugu hagati canke mu gisagara. 

Mbega mu gisagara biroroshe gutunga inkwavu?

Ku baba mu bisagara nka Bujumbura, Gitega, Ngozi, Kirundo, n'izindi ntara novuga vyoroshe gutunga inkwavu kuko ukira kuzubakira aho ziba mu kigo. Nta n'umenya ko hari ikintu mu kigo. Ivyo rero bishobora gusahiriza mu ngo ku bijanye n'akanyama, umwavu wo gutera imboga nka lengalenga, ibigori ubona ko binazimvye mu gisagara. Kandi imboga nyinshi mu zo tugura mu bisagara usanga amazi bazivomeza atari meza na gato, baca bongeramwo ya myavu y'ikizungu usanga atari myiza ku buzima bw'abantu. Mu bihugu vyateye imbere ivyimburwa vyakujijwe n'umwavu kama usanga bifise agaciro kurusha ivyakujijwe n'umwavu w'ikizungu.

Aho duca twumva ko ahaciye ubworozi n'uburimyi burakurikira. 


Mbega kwororora inkwavu bisaba kuba ufise amahera?

Umuntu uwo ariwe wese ashobora kworora inkwavu. Ica mbere ni ukuronka inkwavu 2, ikigabo n'ikigore. Twabonye ko mu mwaka uba ufise inkwavu 30, mu mwaka ukurikira uba ufise izirenga 200 kuko zimwe muri zimwe zo mu mwaka wa mbere ziba zatanguye kuvyara nazo. 
Nk'uko twabibonye na ntaho nikora canke umukene ashobora gutunga inkwavu. Ico bisaba ni umwete no kubikunda. Ikindi ni ukugira agaparasera (parcelle). Nta na metero 20 kuri 20 (4 ares) bigusaba.

Mbega urwaruka n'abandi bantu birukira ibisagara bakaja gusamira isazi ku munwa bohakura ikihe cirwa?

Umwe niwe yavuze ati "birababaje kubona urwaruka rwiyerereza ngo ruja mu bisagara guca amahera, ariko ntirumenye ko itunga riryoshe rurisiga ku mazi y'iwabo".

Rwaruka mwirukira ibisagara, eka namwe Barundi mufise inguvu zo gukora, gerageza utwo mwahora mufata minenerwe muzoba mumbwira. 

Tuzobandanya twerekana inyungu zo kworora inkwavu ugereranije n'ibindi bitungwa nkuko twamaze kubivuga. Tuzoraba n'ibindi bitungwa uko bishobora kutugirira akamaro kanini. Eka no burimyi tuzorabira hamwe ukuntu abantu baba mu mpangu bashobora kwiyungunganya bagasahiriza ya mishara usanga itatumaza ukwezi.




mardi 15 juillet 2014

Abakora urudandaza rw'abantu bagatanga n'ibimazi vy'abantu mu Burundi (Un gang des trafiquants d'être humains et donneurs de sacrifice humain au Burundi)

Mwari muzi ko mu bice bimwe vyo mu Burundi hari abadandaza abantu canke ibihimba vyabo vy'umubiri? Abenshi mu bageramiwe harimwo cane cane abana bakiri bato cane.

Mu misi iheze mwarumvise ko hari impwemu mbi zadutse mu bantu bakizera ko bakoresheje ibihimba vya ba nyamwema, abafise ubuhanza, ibinege mu bijanye n'ubufyitirizi, ibiheko bibazanira amahirwe mu buzima.
Ivyo abakristu barashigikije amasengesho ubwigoro Reta n'abanyagihugu bakoresheje biratsindwa.

Ubu hagezweho kunyuruza abana bakiri bato; bamwe batangwako ibimazi , ibihimba bimwe vy'imibiri yabo bikajanwa kudandazwa hirya no hino (trafic d'organes), abandi bakajanwa mu busambanyi (proxénétisme).

Hari n'abavuga ko n'abarovyi bamwe bamwe batanga ibimazi vy'utwana duto cane twoba tuconka bibazako baca baronka amasamaki menshi.

Mu Rumonge niho hagwiriye ako kabi kabishe, kandi abavyeyi bamwe baramaze kwamburwa abana babo.

Nk'Abakristu mwibaza ko ari igiki kiri inyuma y'ako kaga? Abarundi bomenya iki? Bokora iki?

Inyishu tuyisanga muri Bibiliya, Ijambo ry'Imana.

Yesu avuga ati: "Igisuma ntikizanwa n'ikindi, atar'ukwiba, n'ukwica, n'ugutikiza; nanje jeho nazanywe no kugirango intama zironke ubugingo, kandi ngo ziburonke bucagutse" Yohana 10:10

Aho nk'Abakristu duca tubona ko Satani ariwe atuma ivyo vyose biba agateza abantu gukora ivyo Imana yanka kandi ibona ko ari bibi. 

Imana iravuga iti: "Batavye ibitabo i Tofeti, ahahanamiye umwonga wa mwene Hinomu, ngo bahosereze abahungu n'abakobwa babo mu muriro, babatanze kw'ibimazi; ari ikintu ntābageze, kitigeze kuza no mu mutima wanje" Yeremiya 7:31

Soma no muri Yeremiya 32:35

Aha rero abarundi bose (abari mu gihungu n'abari mu mahanga)  bomenya ko Imana itigeze ishigikira ko abantu batangwako ibimazi (Kafala ou  les sacrifices humains), ngo abantu bicwe. 

None dukore iki ngo dukire?

Nimba hari abemeranya nanje ko ayo ari amagorwa ku Barundi, ntawundi wo kuyadukurako atari Imana yaremye ijuru n'isi n'ivyuzuyemwo vyose. Imana iravuga iti: "Uz'unyambaze ku musi w'amagorwa, Nzogukiza, nawe uzompesha icubahiro" (Zaburi 50:15)

Abarundi bayoboka Yesu Kristu dukwiye kwambaza Imana duhuje imitima kugirango izo Mpwemu mbi z'ubwicanyi n'ubusambanyi zisendwe kuko duzifiseko ubushobozi ijana kw'ijana. 

Ijambo ry'Imana rivuga riti:"Ahamagara abigishwa cumi na babiri, abaha ububasha ku mpwemu zihumanye n'ubwo kuzisenda, no gukiza indwara zose n'ubumuga bgose. ...Mukize abarwaye, muzure abapfuye, mukize abanyamibembe, musende abadayimoni" Matayo 10:1,8

Barundi Bakristu benewacu, murumva ko ububasha bwo gusenda abadayimoni twabuhawe n'Umwami wacu Yesu Kristu. Ubwo bushobozi tubukoreshe dushize umutima hamwe kandi Imana izotwumva iri mw'Ijuru itwishure. 

Ivyo kugira bikunde ni uko natwe tuboneka imbere y'Imana ata gasembwa, twiyeze tuvavanure n'icaha.

Duhiriwe duhishije n'igihugu cacu c'Uburundi kiriyamiriza ako kabi kabishe kandi carahagurukiye abahemu mu kubafatira ibihano bibabereye mu gihe bafashwe.
None nk'Abakristu dukwiye gusenga kuko abo bantu bakoreshwa n'Impwemu mbi ziva kuri wa mugwanizi ariwe se w'ibibi vyose, Satani. Aho tuzoba turiko turafasha igihugu cacu ngo gitere imbere kuko nta gihugu cotera imbere ngo kigire amahoro arama mu gihe abantu batubaha Imana ngo bagendere mu vyagezwe vyayo. 

Ndateye rero abasenzi basengere igihugu cacu. Kandi ukwo gusenga si ukuvuza inzamba, senga mw'ibanga hanyuma Imana izotwishura. (Matayo 6:5-8)

Dusomye no mu gitabu c'Ikorawani (Coran) turabona ko Yesu Kristu ariwe wenyene mw'ijiuru no mw'isi yahawe ubwo bubasha bwo gusenda abadayimoni:

Soma Ikorowani (Coran) urabe ububasha Yesu Kristu yahawe:"45. (Rappelle-toi,) quand les Anges dirent : "Ô Marie, voilà qu'Allah (Dieu) t'annonce une parole de Sa part : son nom sera "al-Masih" "Hissa", fils de Marie, illustre ici-bas comme dans l'au-delà, et l'un des rapprochés d'Allah" .


46. Il (Jesus Christ) parlera aux gens, dans le berceau et en son âge mûr et il sera du nombre des gens de bien".

47. - Elle dit : "Seigneur! Comment aurais-je un enfant, alors qu'aucun homme ne m'a touchée? " - "C'est ainsi! " dit-Il. Allah crée ce qu'Il veut. Quand Il décide d'une chose, Il lui dit seulement : "Sois"; et elle est aussitôt.

48. "Et (Allah) lui enseignera l'écriture, la sagesse , la Thora et l'Évangile,

49. et Il sera le messager aux enfants d'Israël, [et leur dira]: "En vérité, je viens à vous avec un signe de la part de votre Seigneur. Pour vous, je forme de la glaise comme la figure d'un oiseau, puis je souffle dedans : et, par la permission d'Allah, cela devient un oiseau. Et je guéris l'aveugle-né et le lépreux, et je ressuscite les morts, par la permission d'Allah. Et je vous apprends ce que vous mangez et ce que vous amassez dans vos maisons. Voilà bien là un signe, pour vous, si vous êtes croyants!


50. Et je confirme ce qu'il y a dans la Thora révélée avant moi, et je vous rends licite une partie de ce qui était interdit. Et j'ai certes apporté un signe de votre Seigneur. Craignez Allah donc, et obéissez-moi.

51. Allah est mon Seigneur et votre Seigneur. Adorez-Le donc : voilà le chemin droit."

52. Puis, quand Jésus ressentit de l'incrédulité de leur part, il dit : "Qui sont mes alliés dans la voie d'Allah? " Les apôtres dirent : "Nous sommes les alliés d'Allah. Nous croyons en Allah. Et sois témoin que nous Lui sommes soumis.

53. Seigneur! Nous avons cru à ce que Tu as fait descendre et suivi le messager. Inscris-nous donc parmi ceux qui témoignent" . Surati Ali Imran 


None ko tubonye ko Yesu Kristu ariwe wenyene yahawe ububasha bwo gusenda Impwemu mbi haba muri Bibiliya no muri Korowani. Enda nimuze twambaze izina rya Yesu Kristu kugirango tubifashijwe nawe, kuko ari wenyene abifitiye uburenganizira, dusende abadayimoni bateze ivyago mu gihugu. Tubasende mw'Izina rihambaye rya Yesu Kristu. AMEN 

Kubizera rero izina rya Yesu Kristu ntaho vyabonetse ko yigisha abantu gutanga ibimazi vy'abantu kuko wenyene yaramaze kutubera ikimazi ku musaraba i Gorogota.


Dieu considère la pratique du sacrifice humain comme une abomination.

Dieu déclare  : « Ils ont bâti des hauts lieux à Topheth dans la vallée de Ben-Hinnom, pour brûler au feu leurs fils et leurs filles: Ce que je n’avais point ordonné, ce qui ne m’était point venu à la pensée ». (Jérémie 7:31)

Lisez également (Jérémie 32:35). 

La mission de Satan est de voler, tuer et détruire (Jean 10:10). Satan est à l'oeuvre dans notre pays. Hier c’était les albinos, les kipara et les enfants uniques (ibinege).

Les chrétiens dont le pouvoir de chasser les mauvais esprits (démons), qui sont derrières ces turpitudes (trafic d’être humains), leur sont octroyé par Jésus Christ Notre Sauveur, devraient se mettre à l'oeuvre pour exorciser ce genre d'esprits impurs et les envoyer dans leur demeure, l'enfer.

Appuyons les efforts de la police et des activistes des droits humains par des prières sincères.

Matthieu 10 Louis Segond (LSG)

10 Puis, ayant appelé ses douze disciples, il leur donna le pouvoir de chasser les esprits impurs, et de guérir toute maladie et toute infirmité.

8 Guérissez les malades, ressuscitez les morts, purifiez les lépreux, chassez les démons. Vous avez reçu gratuitement, donnez gratuitement.

Abo tugwana s'ab'inyama n'amaraso ariko tugwana n'impwemu mbi zihumanye ziri mu kirere no kw'isi. Abari muri Yesu Kristu bakagira ububasha bwo gusenda abadayimoni, nibo gusa bashobora kugwana n'izo Mpwemu zihumanye.