vendredi 18 juillet 2014

Ubworōzi bw'inkwavu(1)

Mbega hari ubutunzi abantu batamenya kandi buri mu kwaha iwabo?

Birashoboka ko mu gihugu haba ubukene, inzara nayo iti nakubonye.
Mu shakashatsi mperutse kugira nasanze hariho ibintu abantu bokora kugirango bagwanye ubukene nko kworora inkoko, ingurube, impene, inkwavu, inka,...



Muri ivyo vyose tudondaguye hari ibiza imbere kurusha ibindi. Uko mubona bikurikirana ni nako birushanya kworoha kworora:




  • inkwavu 
  • inkoko
  • impene
  • ingurube
  • inka
  • ...
Inkwavu rero nasanze zoroha kworora kubera imvo zikurirkia:

  •  zifungura ibintu vyinshi kandi bidasaba kugurwa: icanda, amababi canke ibishihwa vy'ibijumbu, imitoto, ibiharage bihiye, umukate, amazi,....
  • nta ngwara zikunda kugira
  • zirondoka hato na hato: buri mezi abiri
Uravye rero inyungu urukwavu rufise ni nyinshi:

  • ku magara y'abantu: inyama y'urukwavu nta binure bibi twita Cholesterole igira kandi akanovera kayo wobeshera inkoko.
  • umwavu
  • amahera
Mbega urukwavu rurondoka gute?

Urukwavu rumwe rurashobora kuvyara utwana 6 canke zirenga buri mezi abiri mu gihe rufashwe neza. Urukwavu rumwe rushobora kuvyara incuro 6 mu mwaka . Ni ukuvuga ko ufise urukwavu rumwe gusa mu kwezi kwa mberekw'umwaka, umwaka uhera ufise inkwavu 30 ziyongereye. Kandi mu mezi atanu urukwavu ruba rugeze kuribwa.



Ufise inkwavu 30 zivyara, ushobora kuronka inkwavu 900 mu mwaka umwe gusa. Zishobora no kurenga.

Nk'Abarundi baba ruguru biroroha cane kuko hari ahantu henshi bashobora gukura ubwatsi bitagoranye. Umuntu ashobora no kurima umurima w'ibijumbu kugirango aronke arya mababi yavyo yo kuzigaburira.

Amaganga y'urukwavu arashobora gukoreshwa nk'umuti wica udukoko (inscticide).

Mbega urukwavu rugurishwa amahera angahe?

Tutarinze kuja mu biharuro vyo hejuru cane, reka urukwavu rumwe turuhe amahera 6000Fbu, ni ukuvuga ko ugukurishije inkwavu 900 kuri 6000Fbu rumwe rumwe uca uronka: 5 600 000Fbu!!!!!!

Aho ntitwavuze umwavu. Inkwavu zitanu zirashobora kuguha udufuko duvamwo isima turenga dutanu tw'umwavu mwiza cane mu mezi atarenga 5. Ca muharura inkwavu ijana mundabire.

Muri ino misi hari nkwavu za kijambere zatanzwa mu ntara za KIRUNDO eka n'ahandi usanga ari zinini cane, rumwe rwopima nka kg 5. urwo rero rushobora kugurwa amahera arenga 10000fbu



kera kworora inkwavu, imbeba canke n'inkoko wamengo n'igikorwa c'abana. Namwe mwirabire umuntu yoroye urukwavu inyungu rushobora kumuzanira yaba mu gihugu hagati canke mu gisagara. 

Mbega mu gisagara biroroshe gutunga inkwavu?

Ku baba mu bisagara nka Bujumbura, Gitega, Ngozi, Kirundo, n'izindi ntara novuga vyoroshe gutunga inkwavu kuko ukira kuzubakira aho ziba mu kigo. Nta n'umenya ko hari ikintu mu kigo. Ivyo rero bishobora gusahiriza mu ngo ku bijanye n'akanyama, umwavu wo gutera imboga nka lengalenga, ibigori ubona ko binazimvye mu gisagara. Kandi imboga nyinshi mu zo tugura mu bisagara usanga amazi bazivomeza atari meza na gato, baca bongeramwo ya myavu y'ikizungu usanga atari myiza ku buzima bw'abantu. Mu bihugu vyateye imbere ivyimburwa vyakujijwe n'umwavu kama usanga bifise agaciro kurusha ivyakujijwe n'umwavu w'ikizungu.

Aho duca twumva ko ahaciye ubworozi n'uburimyi burakurikira. 


Mbega kwororora inkwavu bisaba kuba ufise amahera?

Umuntu uwo ariwe wese ashobora kworora inkwavu. Ica mbere ni ukuronka inkwavu 2, ikigabo n'ikigore. Twabonye ko mu mwaka uba ufise inkwavu 30, mu mwaka ukurikira uba ufise izirenga 200 kuko zimwe muri zimwe zo mu mwaka wa mbere ziba zatanguye kuvyara nazo. 
Nk'uko twabibonye na ntaho nikora canke umukene ashobora gutunga inkwavu. Ico bisaba ni umwete no kubikunda. Ikindi ni ukugira agaparasera (parcelle). Nta na metero 20 kuri 20 (4 ares) bigusaba.

Mbega urwaruka n'abandi bantu birukira ibisagara bakaja gusamira isazi ku munwa bohakura ikihe cirwa?

Umwe niwe yavuze ati "birababaje kubona urwaruka rwiyerereza ngo ruja mu bisagara guca amahera, ariko ntirumenye ko itunga riryoshe rurisiga ku mazi y'iwabo".

Rwaruka mwirukira ibisagara, eka namwe Barundi mufise inguvu zo gukora, gerageza utwo mwahora mufata minenerwe muzoba mumbwira. 

Tuzobandanya twerekana inyungu zo kworora inkwavu ugereranije n'ibindi bitungwa nkuko twamaze kubivuga. Tuzoraba n'ibindi bitungwa uko bishobora kutugirira akamaro kanini. Eka no burimyi tuzorabira hamwe ukuntu abantu baba mu mpangu bashobora kwiyungunganya bagasahiriza ya mishara usanga itatumaza ukwezi.




Aucun commentaire: