lundi 6 avril 2015

Abavugishwa, Ubuhanuzi (5)

Ijambo ry'Imana ntidukwiye kurigira muri twebwe rigwiriye gusa, ariko dutegerezwa no kuryamizako umutima ijoro n'umurango. 
"Hahirwa umuntu atagendera mu nama z'ababi, aticarana n'abacokoranyi. Arikw'ibimuhimbara biri mu vyagezwe vy'Uhoraho, kandi ivyagezwe vyiwe nivyo ashirak'umutima ku murango no mw'ijoro.Zaburi 1:1-2
Mu gihe umuntu adashize umutima ku vyagezwe vy'Imana akanya ku kandi, ntamahirwe ashobora kugira kuko yama ajana n'ibije, akajuragirika. Mbega abo babi tubona ni bande? Ni babavugishwa b'ibinyoma, kandi ni nabo bacokoranyi kuko usanga banegura bakanasuzugura cane abakozi b'Imana. 
Benshi mu banyisirayeli bo mu gihe ca kera barajuragirika kuko muribo haraza abavugishwa benshi bakababwira ibi na biriya bamwe bakabura ico bafata n'ico bareka. Vyarabagora cane gutandukanya abavugishwa batumwe n'Imana vy'ukuri bo n'ab'ibinyoma.
Kugirango bashobore guhangana n'abo bavugishwa vyabaye ngombwa ko basubira mu vyagezwe vy'Uhoraho.
"Umuvugishwa azogira ico avuze mw'izina ry'Uhoraho, hanyuma ntikibe, ntigishike; ico kizoba kitāvuzwe n'Uhoraho: uwo muvugishwa azoba yahāngāye kucigenera: ntimuze mumutinye." Gusubira mu vyagezwe 18:22
Aha ijambo ry'Imana ritwereka ko tudakwiye kugira ubwoba ngo tubatinye. None bavuze ibintu bikaba duce duhuta kwizera ivyo bavuze?
Haba namba! Dukwiye gusuzuma ijambo ry'Imana neza tubifashijwemwo na Mpwemu Yera. Hari abavugishwa ibintu bikaba, ariko ku ruhande ugasanga bafise izindi nyigisho zidahuye n'ijambo ry'Imana. Mu gice gikurikira turabona uko twobamenya.


Turabe ico Ijambo ry'Imana ribivugako mu gice ca (6)

vendredi 3 avril 2015

Abavugishwa, Ubuhanuzi (4)

None twomenya dute abavugishwa n'Imana kw'ar'ab'ukuri?

"Iki abe arico kibamenyesha Mpwemu w'Imana; impwemu yose yatura Yesu Kristo ko yaje afise umubiri, iba yavuye ku Mana, kandi impwemu yose itatura Yesu irtyo ntiba yavuye ku Mana: Kandi iyo mpwemu iba ari iya Antikristo, iyo mwumvise ko izoza kandi iramaze gushika.1 Yohana 4:2-3

Aha muraraba neza! Naho abavugishwa bashobora kuza bitwaje izina rya Yesu Kristo, birakwiye ko tubasuzuma tukamenya koko ko iyo mpwemu ibarimwo iva ku Mana. Umuvugishwa w'ibinyoma ashobora kuvuga izina rya Yesu Kristu ariko ntashobora kwatura ko Yesu Kristu yaje afise umubiri ngaha mw'isi, akabambwa k'umusaraba kubera ivyaha vy'abantu, agapfa, akazuka intsinzi inyuma y'imisi itatu, hanyuma akaduga mw'Ijuru. None wewe nimba mwarahuye nabo uramaze kubasuzuma maze bakatura n'akanwa kabo ivyo tumaze kuvuga? Kandi kwatura ikintu ni ukuvuga ko umuntu ari yivugira ubwiwe. Ntabwo umubaza nawe ngo aze aravuga ngo Ego canke Oya. Ategerezwa kuvyiyaturira we nyene ubwiwe. 

Ico maze kubona co iyo ari impwemu mbi, uwo muntu aca ashavura, akagutega imisi, akakubwira ko utategerezwa kumubaza n'ikintu na kimwe ko uriko urapinga Imana. Ntuze ugire ubwoba Imana iratwemerera gusuzuma impwemu twisunze ijambo ry'imana. uwo ni umurongo canke akarimbi Imana yaciye (kwatura ko Yesu Kristo yaje afise umubiri) kandi Satani ntashobora kuwurenga. 

Ariko rero hariho n'abandi bantu ivyo vyose bavyatura bakoresheje ubwenge bwabo ariko ari indyadya kandi kubera baba bironderera amaronko. Abo nabo rero tubasanga mu gitabo c'Abaroma . Bareruye basa n'abantu bahebwe n'Imana kuko biyemeje kugendera mu bu dyadya, bakaba ba mpemuke ndamuke. Abo rero uca ubamenyera ku vyo bama. Abantu nk'abo ntaco baba bacera, ivyagezwe vy'Imana babirenga babibona.

"Kandi nk'uko banse kumenya Imana mu mitima yabo, niko Imana yabahevye ngo bagire imitima y'akāhebwe, bakore ibitabereye,...Abo, naho bāmenye urubanza Imana ica, yukw'abakora ibisa birtyo bakwiye gupfa, ntibabikora gusa, ariko batako bagashima n'ababikora". Abaroma 1:28,32 

Abavuzi canke abaganga bafasha abagwayi bo mu mutwe canke bafise ingorane z'imibano usanga bafise ubuhinga (methodes) butandukanye bwo kumenya ingorane umuntu afise bagaca bamenya uko batorera inyishu ingorane uwo muntu aba afise. Iyo bisunze ubuhinga bumwe gusa usanga ataco bashobora gufasha abagwayi. Natwe rero nk'Abakristo turakwiye kugira ijambo ry'Imana rigwiriye muri twebwe, kuko iyo dufatiye ku murongo umwe gusa wa Bibiliya usanga dushobora guhendwa vyoroshe. Ni vyiza rero ko tugira ijambo ry'Imana rigwiriye muri twebwe.

"Ijambo rya Kristo ribe muri mwebwe rigwiriye, ririmwo ubwenge bwoseAb'I Kolosayi 3:16

Muri Hoseya 4:6 turabona ko Imana ivuga ko abantu baranduka canke bahona kubera kutagira ubwenge. Ubwenge ni ukuvuga Ijambo ry'Imana. Umuntu iyo amaze guta ubwenge aca akora ibitaroranye. Kugirango umenye umukristo yataye ubwenge mu buryo bw'impwemu nuko uba uzi Ijambo ry'Imana, ukumvira Mpwemu Yera kuko ariwe adufasha kuritahura. 

Abakristu duhimirizwa cane kwitaho kumenya ijambo ry'Imana kuko nico kirwanishwa gikomeye gituma umwansi atotuvogera uko yishakiye. Iyo Umukristo atazi ijambo ry'Imana aravogerwa cane n'inyigisho z'ibinyoma. Abakristo dutegerezwa kwamiza Ijambo ry'Imana mu mitima yacu na ntaryo kugirango inyigisho turonka tumenya nimba zihuye n'ivyo Imana igomba.

Tubandanye mu gice ca (5)


jeudi 2 avril 2015

Abavugishwa, Ubuhanuzi (3)

"Kuko hazokwaduka abigira Kristo n'abigira abavugishwa n'Imana, bagakora ibimenyetso bihambaye n'ibitangaza, kugirango bazimize n'abatoranijwe nivyashoboka". Matayo 24:24

Mbega abavugishwa twokwemera ivyo bavuga kubera ibitangaza vy'akumiza bakora?

Ihibambewe! Ntitwohuta twemera ivyo bavugishijwe kubera batubwiye ivyacu canke bakoze ibiboneka nk'ibitangaza nko gusengera abagwayi, kuzura abapfuye, gusenda abadayimoni,...kandi bakabikora mw'izina rya Yesu. 

Abakristo batari bake bumvise umuntu avuga izina rya Yesu wese baca bibaza ko bari kumwe. Bizera ko atawukoreshwa n'impwemu mbi yovuga izina rya Yesu. Ariko Yesu aragabisha Abakristo biciye mw'Ijambo ry'Imana muri Bibiliya:

"Kuko benshi bazoza mw'izina ryanje, bati Ni jewe Kristo, kandi bazozimiza benshi". Matayo 24:5

Ijambo ry'Imana rirerekana ko bazoza ari benshi. Mbega aho uherereye hari abavuga ko ari abavugishwa umaze kubona? Wahise wizera ivyo bavuga kubera ibitangaza ubona bakora canke waragize amakenga urasuzuma? 

Bandanya usoma igice ca (4) kugirango umenye

mercredi 1 avril 2015

Abavugishwa, Ubuhanuzi (2)

"Abo nkunda, ntimwemere impwemu zose, ariko mugerageze impwemu ko zavuye ku Mana: Kukw'abigira  abavugishwa n'Imana benshi bādutse mw'isi.1 Yohana 4:1


Bamwe mu bavugishwa ntibemera ko hari ubabaza ibibazo na cane cane ushingiye kuri Bibiliya. Baca baterana ubwoba. Kandi abantu benshi usanga babatinya bakemera ivyo bababwiye vyose. Ariko turabonye neza ko Bibiliya idusaba gusuzuma kugirango tutagwa mu caha kubera ukutamenya.

"Abantu banje baranduwe no kutagira ubwenge: Wewe ko wataye ubwenge nanje nzoguta, ......ko wibagiye ivyagezwe vyanje, Imana yawe, nanje nzokwibagira abana bawe". Hoseya 4:6

Aha rero duca tubona ko umukristu adashobora gusuzuma ubuhanuzi mu gihe atazi ijambo ry'Imana. Abazi gusoma bogira umwete wo gusoma Bibiliya bakayiheza; si ukuvuga ko bayifata ku mutwe, ariko Mpwemu Yera iyo tugize amakenga canke twibagiye indanzi y'ijambo ry'Imana muri Bibiliya,  aca atwibutsa. Ariko umuntu yibutswa ikintu yigeze kumenya, kubona canke kwumva. Iyo umukristo atitaho ijambo ry'Imana, ivyagezwe vy'Imana aba ameze nk'umuntu yahebwe kandi n'Imana turabona ko idaheza ngo yiteho ivyiwe. Nimba ushaka kutaranduka amiza ivyagezwe vy'Imana k'umutima wawe.

Ukeneye kumenya vyinshi ubisanga mu gice ca (3)

mardi 31 mars 2015

Abavugishwa, Ubuhanuzi (1)

"Mwirinde abigira abavugishwa n'Imana; baza kuri mwebwe bambaye nk'intama, arikw imbere ari amabingira y'inkazi." (Matayo 7:15)

Ubu kw'isi hari abagenda bavuga ko bavugishwa n'Imana, ko bafitiye ubutumwa uyu canke uriya ndetse n'ibihugu. None nk'Abarundi b'Abakristo twemera ijambo ryahumetswe n'Imana dusanga muri Bibiliya ibihe nk'ivyo twovyifatamwo gute? Mbega twokwemera ubuhanuzi bwose uko tububwiwe? Mbega twogira amakenga? Twomenya uyu canke uriya ko avuga ukuri canke ibinyoma gute?

Reka turabire hamwe ico ijambo ry'Imana rivuga ku buhanuzi:

Ijambo ry'Imana riratwereka neza ko Abakristu badakwiye gukengera canke gufata minenerwe ivy'abavugishwa n'Imana.. Ariko kandi ijambo ry'Imana risaba Abakristu kugerageza gushishoza nimba koko ubwo buhanuzi buba bwavuye ku Mana, kugirango tutanyerera ku rurimi tukagwa ku mutima. 

"ntimugakengere ivy'abavugishwa n'Imana; mugerageze vyose, mugumye ivyiza, mwirinde icitwa ikibi cose".  (I Ab'I Tesalonike 5:20-22)

Mururimi rw'igifaransa ijambo kugerageza ikintu ni 'Examiner ou Tester'. Ni ukuvuga gusuzuma ko ikintu arico canke atarico.

Tuzobandanya twungurana ubumenyi mu gice kigira (2)




samedi 28 février 2015

Ubushobozi bwo gusenga no kwisonzesha

"Ariko ben'urya (umudayimoni) ntakurwamwo n'ikindi atar'ugusenga no kwisonzesha" (Matayo 17:21)


Kenshi mu buzima bw'umukristu hari ingorane ziba ziboneka nk'umusozi umubuza gutera aja imbere. Iyo rero hari ingorane zibonetse umukristu ategerezwa gusenga no kwisonzesha kugirango impwemu mbi ziba zateje izo ngorane zisendwe.

Mbega Murundi uriko urasoma iyi nkuru, hari ingorane canke amagorwa woba ubona abangamiye abandi canke igihugu cawe? Senga bifatanije no kwisonzesha bifatanije no gukenguruka kandi nturabe abantu ngo nibo bateza iki canke kiriya ariko uwubakoreramwo ariwe wa murwanizi Satani niwe abateza gukora ibibi. Umukristu akwiye gusenga akanisonzesha kugirango impwemu mbi ziba ziriko zirakorera mu bantu zihunge. Iyo hari ijwi rikubwira ngo naka ni mubi ca uribwira uti mvako Satani, kuko niwe se w'ibibi vyose.

Umukristu ntakwiye gutunga agatoke aba canke bariya, ariko akwiye gusenga kugirango Imana yirukane impwemu mbi ziba zateye imitima yabo.

Iyo satani adukoresheje mu kunegura tweruye abandi aba atunesheje, kuko umuntu ashobora gucumura mu gucira imanza abandi.

Iyo hari icaha tubona ko catse indaro dukwiye gusenga tukanisonzesha kugirango haboneke intsinzi.


mardi 20 janvier 2015

Intasho z'umwaka mushasha wa 2015

Barundi bavukanyi,

Ndabaramukije mw'izina ry'Umwami wacu Yesu Kristu.
Amahoro n'imigisha biva ku Mana bibabeko muri uno mwaka wa 2015.
Ndabifurije kwitondera ivyagezwe vy'Imana, mutandukane n'icaha cose, gusenga ibigigwamana n'ububi bwose bushingiye ku rwanko n'inzigo.

Ijambo ry'Imana riravuga riti: "None rero ni mwubahe Uhoraho, mumusabe mu vy'ukuri ata buryarya; mukūreho za mana ba sogokuruza bāsaba hakurya ya rwa ruzi no muri Egiputa, Uhoraho abe ari we musaba. Kandi namba mubona bibabangamiye gusaba Uhoraho, uyu musi ni mwitoranirize uwo muzosaba, namb'ari za mana ba sogokuruza bāsaba hakurya ya rwa ruzi, cank'imana z'Abamori ben'iki gihugu murimwo; ariko jeho n'abo mu rugo rwanje tuzokwama tugendanira UhorahoYosuwa 24:14-15

Gukorera Imana si agahato. Umuntu ahitamwo we nyene ubwiwe. Wewe uriko urasoma iri jambo ndakwifurije intango nshasha ya 2015. Uze ukubere umwaka wo gukirizwamwo wakire Yesu Kristu nk'Umwami n'umukiza wawe. Nimba warakijijwe ndakwifurije gukura no kwagukirwa mu vy'Imana.

Ntimurondere gushimwa canke gushimisha abantu, ariko murondere gushimwa no gushimisha Imana Rurema yaremye ijuru n'isi n'ibirimwo vyose. 

"Mbega ubu ni ishimwe ry'abantu ngomba, canke n'iry'Imana? canke se ndondera kunezereza abant, simba nd'umugurano wa KristoAbagalatiya 1:10

"Uku niko Uhoraho agize, at'aravumwe umuntu yishimira abantu, akizigira inkomezi z'abari n'umubiri, umutima wiwe ukava k'UhorahoYeremiya 17:5

Nimba hari ibikugoye (amashure, akazi, agakengere,...) ukwiye kuvyereka Imana. Abantu bo ni babarashukana. Turabona ko umuntu atagendera mu vyo Imana igomba ata ciza kimuzako namba. Yeremiya 17:6

Wibuke ko niwizera Imana ico uzokora cose kizogenda neza. Yeremiya 17:7-8Zaburi 1:1-3

Ng'izo rero imfunguzo zizokwugururira imiryango igushikana mu vyumba vy'imigisha iva ku Mana muri 2015 no kubaho kwawe kwose.

Imana ibahezagire. Amen