jeudi 12 juillet 2018

Kugira Umutima wari Muri Yesu Kristo

Imana ishimwe ko itwongeye iyindi weekend. Kurya Yesu yagenda akora ineza, natwe turangwe no kugira neza. Aho Yesu kristu yaca hose yagenda agirira abantu neza (Ivyakozwe n'intumwa/Actes 10:38.) Nawe ugirire abantu bose neza; n'abo wita abansi bawe ubifurize ineza no kugaruka ku Mana.
Ivyo ukora urabihemberwa ukiri ngaha kw'isi, vyaba vyiza canke bibi. Tout se paye ici bas.
"Raba, umugororotsi azogererwa ibikwiranye na we mw'isi: None umunyakibi n'umunyavyaha ntibazorushiriza" Bibiliya, Imigani/Proverbes 11:31
"Voici, le juste reçoit sur la terre une rétribution; Combien plus le méchant et le pécheur!" Proverbes 11:31
Umuntu niyarondera kukugirira nabi, nturondere kwihora kuko impembo yiwe Imana irayitegekanya mu gihe atihanye ngo ave mu vyaha.

"N'attendez pas le jugement dernier - il a lieu tous les jours." Albert Camus

Yesu Kristu niwe Nzira, Ukuri, N'ubugingo, ntawuja kwa Data atamujanye. Utakiriye Yesu Kristu nk'Umwami n'Umukiza w'ubugingo bwawe biragoye kugirango ushobore GUSABIRA ABAGUHAMA, ABAKWANKA. Dushobozwa vyose na Yesu Kristu aduha inkomezi. TWAME TURABA NEZA ABANDI TUBAGIRIRA NEZA, N'ABANSI BACU BARIMWO.
Regarder l'autre avec le regard du Christ, c'est le regarder avec le regard qui espère, avec le regard plein de patience et de pardon, avec le regard qui redonne goût de vivre. Regarder l'autre avec le regard de Jésus c'est aussi se réjouir de ce qu'il réussit mieux que nous, autrement que nous.

Aucun commentaire: