vendredi 8 juin 2018

ICO UMUNTU YOKWIRATA: KUMENYA IMANA

Abantu nka bose baravuga cane izina ry'Imana. Ikintu nyamukuru co kwibaza ni iki:
Mbega Imana igomba iki ku bana b'abantu?
Twishimikije ijambo ry'Imana dusoma muri Bibiliya Yera, dusanga ico Imana igomba ku bantu ari:
Kuyimenya, Kuyitahura, ko igira imbabazi kando ko, ica imanza zigorortse mw'isi , (Bibiliya, Yohana 9:23-24)
Kugirango uvuge ko uzi umuntu bisabwa ko uba uzi ivyo yanka n'ivyo akunda. bitagenze uko uwo muntu ntimushobora kubana. Na kare ngo babiri ntibojana bataragaanye. 
Kumenya Imana nibwo bugingo buhoraho. Ninaco tubona conyene umuntu yokwishimira: KUBA YARAMENYE IMANA.
Yesu Kristo mu vyamuzanye kwari kwigisha ivy'Ubwami bw'Imana kugirango abantu batahure itandukanira hagati y'Imana Rurema n'ibikorwa vya Satani:
"Ubu nibwo bugingo buhoraho, ko bakumenya ko ari wewe Mana y'ukuri yonyene, kumenya Yesu Kristo yatumwe n'Imana (Bibiliya, Yohana 17:3)
Ntushobora kumenya Imana utabanje kugira inzara n'inyota vyo kuyimeya, kuyitahura, no kumenya ko igira imbabazi kandi ko ica izigororotse mw'isi. Burya ngo uja mw'ishamba utazi ugaca inkoni utazi canke izira. Ivyo rero bishoboka mu gihe umuntu yakiriye Yesu Kristo mu bugingo bwiwe nk'Umwami n'Umukiza wiwe, akemera kurongorwa na Mpwemu Yera w'Imana yabonetse biciye muri Yesu Kristo. Nta rindi zina abantu bahawe musi y'ijuru bakirizwamwo ivyaha atari Izina rya Yesu Kristo.
Umuntu rero amaze kwakira Yesu Kristo mu bugingo bwiwe ategerezwa guhindura ingendo n'inyifato (Bibiliya, 2 Korinto 5:17). Bimwe mu vyo tubona abantu bajakariya harimwo: Ubusambanyi, ubusuma, ubukunzi bw'amahera, uburozi, kuraguza, amacakubiri y'uburyo bwinshi, ishari, inzigo, akaborerwe, kurya no gutanga ruswa canke ibiturire. Umuntu atarakira Umwami Yesu Kristo abona ko ivyo tuvuze ari ibisanzwe kuko aba meze nk'impumyi, ikitazi. Hari n'ibindi vyinshi Mpwemu Yera agenda ahishurira umuntu kuko ntuba ugikora ivyo wigombeye.
Ubwenge bw'umwana w'umuntu burasukana, ariko ubwenge buva ku Mana n'umugisha, buratungisha.
Kugirango umenye Imana, uyitahure biragusaba kwama witwarraritse Ijambo ryayo ukaribika mu mutima. Ivyo bigufasha kwiyubara iyo ugeze mumayira abiri. Uca umenya ikibereye n'ikitabereye. Dawidi aravuga ati :"Nabitse Ijambo ryawe mu mutima wanje ngo noye kugucumurako", Bibiliya, Zaburi 119:11
Kenshi abantu bacumura ku Mana kubera birengagije kuzirikana Ijambo ryayo akanya kose, umurango n'ijoro. Ushaka rero kuba umuhirwe uca wirinda kugendana n'abantu b'ingeso mbi, ukagira Ijambo ry'Imana rigwiriye muri wewe (Bibiliya, Ab'Ikolosayi 3:16; Zaburi 1:1-4). Ivyo bica binatuma umuntu abana n'abandi neza. 
Iyo rero tugendeye muri kameremere tuba tugiye kubiri n'ubugombe bw'Imana (Ab'Ikolosayio 5:19-21). Ivyo dukora vyose turasabwa rero kubikora mw'Izina ry'Umwami wacu Yesu Kristo. ( Ab'Ikolosayi 3:17).
Tandukana n'ibibi ukore ivyiza.

Niwakira Yesu Kristo mu bugingo bwawe, ukamenya Imana n'imigambi igufiseko ntuzokwicuza.

Aucun commentaire: