jeudi 19 juin 2014

Faire participer les autres et non faire suivre les autres


"Dites-moi et je risque d'oublier. Montrez-moi et j'aurai des chances de me souvenir. Faites-moi participer et je suis sûr de me souvenir!" proverbe chinois

Mbega aka gacamugani nkebuzo k'abashinwa kokwigisha iki Abarundi na cane cane abarongozi bo ku nzego zose?

Iyo nkebuzo ishaka kuvuga igihugu gikenera inguvu n'ishaka vya mwenegihugu wese kugira gitere imbere. Harya rero ngo ivya gusa bitera ubwenge buke. Iyo umuntu abwiwe ikintu canke akacerekwa gusa canke akagihabwa atagikorerye agifata minenerwe. Ariko iyo yagize ico akora kugira ngo ico kintu kiboneke agiha agaciro kandi akakibungabunga. 
Abarundi twese, nimba dushaka gutera imbere, dutegerezwa gukorera igihugu cacu atawusigaye inyuma umwe wese uko ashoboye. Harya ikintu cose umuntu akoranye n'umutima ubikunze ntikiba gito. 

Abatware bategerezwa gutwarira bose, abanyagihugu nabo bategerezwa kwubaha umuntu wese yahawe kuba umurongozi w'abandi. Iyo habaye ukutumvikana hagati y'abatwara n'abatwagwa ibintu ntibitera imbere na gato. 

Ijambo ry'Imana rirerekana yuko ubutegetsi bwose buva ku Mana (Romains 13:1).  Abantu bose baremwe n'Imana kandi mw'ishusho ryayo. Ijambo ry'Imana rica rivuga riti ubutegetsi bwose buriho buva ku Mana. Ivyo Imana yabihishuriye umusavyi wayo Paulo imaze kubona ko abantu wanashaka Abakristu benshi batari bacubaha ababaganza. Abategetsi rero iyo badatwaye uko Imana igomba niyo nyene ibabogoza. 

Umurongozi mwiza arangwa n'urukundo be n'ukwihanganira abo arongoye.

Mose atubera akarorero. Mose yari yashizweho n'Imana ngo arongore Abisrayeli ariko benshi muribo bakamugarariza bakagumura n'abandi Bisirayeli naho yabakunda akanabasengera. Nk'umurongozi mwiza ntiyashatse ngo abamarishe ibihano ariko yatakambiye Imana asabira ikigongwe abamugwanya Imana ikabaharira.

Mbega iyo abantu bagararije ubarongora yubaha Imana bigenda gute?

Naho Mose yasabira abamugwanya nticabujije ko Imana imigwanira ikamukura agasuzuguro.  Imana yarabanguye ukuboko irabahushura. Abakristu baribuka ivyabaye ku miryango ya Kora, Datani na Abiramu igihe isi yasamye ikabamira (Nombres 16:20-32). Kandi abagarariji Imana ibita "les méchants" canke ababisha.
Ivyo vyarashitse no kuri mushi wa Mose, Miriyamu, amaze kumusuzugura we yaciye agwara imibembe (lèpre). Mose yarwanijwe n'abavukanyi biwe. kumbure ko babona ko mukuvuga agigigmiza bakibwira bati mbega urya Imana yomurobanura gute. Imana ntirobanura ku butoni. Burya nico gituma Imana idashatse ko umurongozi avaho biba uko nyene naho abantu bosura imvumbi.

Mbega iyo uganza atwaye nabi bigenda gute

Hari umwami Bibiliya itwereka yitwa Nebukadineza yagararije Imana agategekesha igitugu hanyuma Imana iramuhana, amara imyaka itari mike arisha ivyatsi nk'ibikoko kandi ari mu gahinga. Abami bose batubashe Imana bahejeje nabi. 

Abantu bategrezwa kwubaha no kugamburukira ababaganza (Romains 13:1)

Hari n'igihe abaganza batwaza umukazo ugasanga batwaza bufuni na buhoro igihugu. Benshi baca bibaza bati none umuntu yoshirwa n'Imana akagaruka agakora nabi. Turabiye ku mwami yitwa Sawuli, turabona ko yari yarobanujwe amavuta n'Imana ariko ageze ku ngoma atwara nabi cane, ntiyitaho ivy'Imana, agasenga ibigigwamana, akifatanya n'amahanga asenga za bayali. Igihe carageze Imana yo nyene imuteza abansi baramwirahira. Dawidi niwe yaciye amusubirira. Na Dawidi nawe nyene atubera akarorero keza cane kuko naho umwami Sawuli yamuhiga ngo amwice ntiyashatse kwihora kuko yari yamaze kumenya ko Sawuli yashizweho n'Imana. Ntiyihuse ngo akoreshe inguvu n'ubuhizi ariko yavyeretse Imana. Aho woba uri hose rero ukwiye kumenya ko urya yashizwe hejuru ngo agutware yashizwe n'Imana. Ijambo ry'Imana rivuga ko ata kuganza kutava ku Mana, ukuriho kwagezwe n'Imana. Uri Umurundi na cane cane Abakristu bemera Bibiliya ko yahumetswe n'Imana, aho uri hose kw'isi gamburukira abakuganza.

Mbega umuntu yogamburukira abaganza muri vyose?

Inyishu ni oya.
Igikuru ca vyose ni ukubanza kumenya ivyo Imana yanka hamwe n'ivyo Imana ikunda.

Bimwe mu  vyo Imana yanka harimwo ibi:
Kwiba, kurya ibiturire, guca imanza za ngondagonde, kuraguza, gusambana, gusenga ibigigwamana...

Aho rero abantu bakwiye gutandukanya icatsi n'ururo. Ukuganza canke agutwara agukwegeye mu vyo ubona Imana yanka ntukwiye kuvyemera, kandi naho nyene ukabikora mu bwitonzi.

Ivyo Imana ikunda navyo ni ukugendera mu ngeso nziza. ukanka ivyo tumaze kubona ko Imana yanka.

Hari abatubereye akarorero nka: Daniel, Meshaki, Shadrake na Abudinego.
Abo bagabo turabona ko bubaha ababaganza mugabo hageze kubategeka gusenga ibishushanyo kandi Imana yabo ivyanka baciye barahira bararengwa ko batohemuka. Kandi kubera babikoranye ubwitonzi nta ngere Imana yarabakijije. Daniel yamukijije intambwe, barya batatu nabo ibakize itanure ry'umuriro.

Niwasuzugura ukuganza ukanka kugendera ku mategeko y'igihugu mu gihe Ijambo ry'Imana riterekana ayo mategeko nk'icaha uzohanwa n'amategeko. Muri bimwe umuntu atogararizamwo ni nko:


  • Gutanga ikori (taxes et impôts).  Harya umuntu adatanga ikori ntaba akunda igihugu ciwe. Abaganza nabo bahamagarirwa kubungabunga ayo makori akagaruka kubanyagihugu maze bimwe ngo "Iterambere riva ku mwene gihugu rikongera rikamugarukako" bica vyibonekeza.  Ariko iyo abatwara baciye barangwa n'ingeso yo kunyuruza ubutunzi bw'igihugu, igihugu ntigiheza ngo gitere imbere kandi abanyagihugu baca babaho nabi kuko ivyo bakora ata nyungu biheza ngo bibazanire. Abaganza bamwe bamwe baca bakoresha ubwo butunzi bw'abanyagihugu mu kwinezereza gusa. Abatware nkabo rero iyo bameze batyo ntibatunganye ivy'igihugu neza Imana irabahana. 
Abonona ubutunzi bw'igihugu bagahahaza nyarucari na ya makori ntihaboneke umwimbu Imana ibavugako ibi bikurikira:"Yemwe abahindura imanza zigacika umururazi, ukugororoka mukagushiburira hasi, .....nuko rero ko mwasiribanze umurushwa, mukamutoza utugano twiwe; amazu mwiyubakishirije amabuye abajwe, ntimuzoyabamwo; imirima myiza y'imizabibu mwateye, ntimuzonywa vino zayo. Kuko nzi ibicumuro vyanyu ingen'ar'ibikomeye, yemwe abahahaza umugororotsi, mukarya ingurire, mukazibiranya abakene mu manza...." Amosi 5:7-12 (Amos 5:7-12)

Umuntu yubaha Imana ntakwiye kwifatanya mu bibi n'uganza. Akwiye kuvyamirira kure mu bwitonzi ariko akavuga n'igituma atokora ico kintu. 
  • Gukora ibikorwa vy'iterambere rusangi ( nko mu Burundi bw'imbere ya 1993 hariho ivyasa n'ibi tubona ubu bita ibikorwa rusangi. Abantu baraja hamwe bagakora igikorwa c'akamaro kuri bose kandi utabikoze yarahanwa n'amategeko. Ubu mu gihugu c'Uburundi hariho ibikorwa rusangi gusa abatabikora nta bihano bijaho cane. Iyo yari imvugo ngereranyo yo gutanga akarorero kuvyo bibiliya yita kugamburukira abaganza.
  • ... Hari n'ibindi umuntu abab abona ko bidatandukanye n'ubugombe bw'Imana.

Mbega abantu barashobora guhitamwo nabi?

Inyishu ni ego.
Turavye sawuli ukuntu yagiyeho nukubera abantu bari banse kurongorwa n'Imana bagashaka ngo bagenze uko ayandi mahanga yarabakikije yarameze. Samweli arabiginga ati enda nimwemere kurongorwa n'Imana, nabo baranka. Ica ibashiriraho sawuli aca abatwaza umukazo, akabatwara abagore, abana, ivyo batunze vyose. Yaranyaga, akica agakiza.

Abarongozi bakwiye gukora iki?

Abarongozi bakwiye gutwarira abenegihugu bose ata mwana n'ikinono, ata na wandya wangura. Bakwiye kurangwa n'ibintu nyamukuru bitatu: Kwubaha Imana, kuba inyankamugayo, kutarenganya. 

None abantu bokora iki mu gihe babona ko batwazwa umukazo?

Imana iravuga iti uranyambaza mu gihe c'amagorwa, nanje nzogutabara ngukize, nawe uze umpeshe icubahiro (Zaburi 50:15; Psaumes50;15)
Nta yindi nzira tubona atari mugutabaza Imana no kugendera mu vyagezwe vyayo tugashira izina ryayo hejuru.

Ikiyago kizobandanya,....




Aucun commentaire: