jeudi 30 avril 2015

Abavugishwa, ubuhanuzi (7)

Tumaze imisi twungurana ubumenyi kubijanye n'Abavugishwa, kandi twarize vyinshi bijanye n'ukuntu umukristo yokwifata mu gihe yumvise ubuhanuzi.

Ariko rero, birashika ugasanga wewe wagiriwe amahirwe yo gusangira nanje Ijambo ry'Imana kubijanye n'ubuvugishwa ukaba udasobanukirwa neza canke bikanashika ukaba warasobanukiwe n'ico ijambo ry'Imana rivuga. Naho bir'uko, ejo urashobora gushikirwa n'izindi nyigisho, hamwe ukumva nizo ahandi ukagira amakenga. None mur'ico gihe Ijambo ry'Imana riduhanura iki?

"Kuko ariko Uhoraho abariye inzu ya Isirayeli, ati Abe ari jewe musiguza, kugirango mubone kubaho"  (Amosi 5:4)

Mbega iyo uzazaniwe ubaza nde? Ubandanije usoma urabona ko abantu benshi ico gihe baja kubaza ibijanye n'ibihe ba kamenyi i Beteli, Girugali (Amosi 5:4-6). Kenshi barajuragizwa bakabura ico bakora n'ico bareka. Hari abantu benshi bigira abavugishwa n'Imana ariko vy'ukuri baba bagamije kuzimiza ubwoko bw'ab'Abisirayeli. Muri kino gihe abantu bizera cane ivyo babwiye n'Abavugishwa kandi bakanatako bakabishira mu ngira, ata makenga, ata no gusiguza Imana.

None ko Imana itwemerera kuyisiguza, kuber'iki tuguma tujuragirika ngo Abavugishwa bavuze ibi canke biriya. Kandi no mur'abo nyene twita Abavugishwa baravuguruzanya bati uriya nta kuri agira canke ngo ntiyatumwe n'Imana, umwe wese agashaka ko ivyiwe arivyo vy'ukuri.

Icitonderwa: Niba ufite inyota yo kugendera mu muco, wame wiyeza, wihane ivyaha ninaho ushobora gusiguza Imana ikakwishura.

Niwaba naho utarakira Yesu Kristo nk'Umukiza n'Umwami w'Ubugingo bwawe, bikore uyu musi kuko ejo ni kera.

Ndizera ko ivyo ijambo ry'Imana ryatwibukije kubijanye n'ubuhanuzi canke Abavugishwa bigiye kudufasha mu kwirinda kugwa mu mutego wa Satani, atakindi arota atari Kwiba, Kwica no Gusambura. 

SIGUZA IMANA

Aucun commentaire: