"Abo nkunda, ntimwemere impwemu zose, ariko mugerageze impwemu ko zavuye
ku Mana: Kukw'abigira abavugishwa n'Imana benshi bādutse mw'isi." 1 Yohana 4:1
Bamwe mu bavugishwa ntibemera ko hari
ubabaza ibibazo na cane cane ushingiye kuri Bibiliya. Baca baterana ubwoba. Kandi abantu benshi usanga babatinya bakemera ivyo bababwiye vyose. Ariko turabonye neza ko Bibiliya idusaba gusuzuma kugirango tutagwa mu caha
kubera ukutamenya.
"Abantu banje baranduwe no kutagira ubwenge: Wewe ko wataye
ubwenge nanje nzoguta, ......ko wibagiye ivyagezwe vyanje, Imana yawe, nanje
nzokwibagira abana bawe". Hoseya 4:6
Aha rero duca tubona ko umukristu adashobora
gusuzuma ubuhanuzi mu gihe atazi ijambo ry'Imana. Abazi gusoma bogira umwete wo
gusoma Bibiliya bakayiheza; si ukuvuga ko bayifata ku mutwe, ariko Mpwemu Yera
iyo tugize amakenga canke twibagiye indanzi y'ijambo ry'Imana muri Bibiliya,
aca atwibutsa. Ariko umuntu yibutswa ikintu yigeze kumenya, kubona canke
kwumva. Iyo umukristo atitaho ijambo ry'Imana, ivyagezwe vy'Imana aba ameze nk'umuntu yahebwe kandi n'Imana turabona ko idaheza ngo yiteho ivyiwe. Nimba ushaka kutaranduka amiza ivyagezwe vy'Imana k'umutima wawe.
Aucun commentaire:
Enregistrer un commentaire