vendredi 3 avril 2015

Abavugishwa, Ubuhanuzi (4)

None twomenya dute abavugishwa n'Imana kw'ar'ab'ukuri?

"Iki abe arico kibamenyesha Mpwemu w'Imana; impwemu yose yatura Yesu Kristo ko yaje afise umubiri, iba yavuye ku Mana, kandi impwemu yose itatura Yesu irtyo ntiba yavuye ku Mana: Kandi iyo mpwemu iba ari iya Antikristo, iyo mwumvise ko izoza kandi iramaze gushika.1 Yohana 4:2-3

Aha muraraba neza! Naho abavugishwa bashobora kuza bitwaje izina rya Yesu Kristo, birakwiye ko tubasuzuma tukamenya koko ko iyo mpwemu ibarimwo iva ku Mana. Umuvugishwa w'ibinyoma ashobora kuvuga izina rya Yesu Kristu ariko ntashobora kwatura ko Yesu Kristu yaje afise umubiri ngaha mw'isi, akabambwa k'umusaraba kubera ivyaha vy'abantu, agapfa, akazuka intsinzi inyuma y'imisi itatu, hanyuma akaduga mw'Ijuru. None wewe nimba mwarahuye nabo uramaze kubasuzuma maze bakatura n'akanwa kabo ivyo tumaze kuvuga? Kandi kwatura ikintu ni ukuvuga ko umuntu ari yivugira ubwiwe. Ntabwo umubaza nawe ngo aze aravuga ngo Ego canke Oya. Ategerezwa kuvyiyaturira we nyene ubwiwe. 

Ico maze kubona co iyo ari impwemu mbi, uwo muntu aca ashavura, akagutega imisi, akakubwira ko utategerezwa kumubaza n'ikintu na kimwe ko uriko urapinga Imana. Ntuze ugire ubwoba Imana iratwemerera gusuzuma impwemu twisunze ijambo ry'imana. uwo ni umurongo canke akarimbi Imana yaciye (kwatura ko Yesu Kristo yaje afise umubiri) kandi Satani ntashobora kuwurenga. 

Ariko rero hariho n'abandi bantu ivyo vyose bavyatura bakoresheje ubwenge bwabo ariko ari indyadya kandi kubera baba bironderera amaronko. Abo nabo rero tubasanga mu gitabo c'Abaroma . Bareruye basa n'abantu bahebwe n'Imana kuko biyemeje kugendera mu bu dyadya, bakaba ba mpemuke ndamuke. Abo rero uca ubamenyera ku vyo bama. Abantu nk'abo ntaco baba bacera, ivyagezwe vy'Imana babirenga babibona.

"Kandi nk'uko banse kumenya Imana mu mitima yabo, niko Imana yabahevye ngo bagire imitima y'akāhebwe, bakore ibitabereye,...Abo, naho bāmenye urubanza Imana ica, yukw'abakora ibisa birtyo bakwiye gupfa, ntibabikora gusa, ariko batako bagashima n'ababikora". Abaroma 1:28,32 

Abavuzi canke abaganga bafasha abagwayi bo mu mutwe canke bafise ingorane z'imibano usanga bafise ubuhinga (methodes) butandukanye bwo kumenya ingorane umuntu afise bagaca bamenya uko batorera inyishu ingorane uwo muntu aba afise. Iyo bisunze ubuhinga bumwe gusa usanga ataco bashobora gufasha abagwayi. Natwe rero nk'Abakristo turakwiye kugira ijambo ry'Imana rigwiriye muri twebwe, kuko iyo dufatiye ku murongo umwe gusa wa Bibiliya usanga dushobora guhendwa vyoroshe. Ni vyiza rero ko tugira ijambo ry'Imana rigwiriye muri twebwe.

"Ijambo rya Kristo ribe muri mwebwe rigwiriye, ririmwo ubwenge bwoseAb'I Kolosayi 3:16

Muri Hoseya 4:6 turabona ko Imana ivuga ko abantu baranduka canke bahona kubera kutagira ubwenge. Ubwenge ni ukuvuga Ijambo ry'Imana. Umuntu iyo amaze guta ubwenge aca akora ibitaroranye. Kugirango umenye umukristo yataye ubwenge mu buryo bw'impwemu nuko uba uzi Ijambo ry'Imana, ukumvira Mpwemu Yera kuko ariwe adufasha kuritahura. 

Abakristu duhimirizwa cane kwitaho kumenya ijambo ry'Imana kuko nico kirwanishwa gikomeye gituma umwansi atotuvogera uko yishakiye. Iyo Umukristo atazi ijambo ry'Imana aravogerwa cane n'inyigisho z'ibinyoma. Abakristo dutegerezwa kwamiza Ijambo ry'Imana mu mitima yacu na ntaryo kugirango inyigisho turonka tumenya nimba zihuye n'ivyo Imana igomba.

Tubandanye mu gice ca (5)


Aucun commentaire: