None twomenya dute abavugishwa n'Imana kw'ar'ab'ukuri?
"Iki abe arico kibamenyesha Mpwemu w'Imana;
impwemu yose yatura Yesu Kristo ko yaje afise umubiri, iba yavuye ku Mana,
kandi impwemu yose itatura Yesu irtyo ntiba yavuye ku Mana: Kandi iyo mpwemu
iba ari iya Antikristo, iyo mwumvise ko izoza kandi iramaze gushika." 1 Yohana 4:2-3
Aha muraraba neza! Naho abavugishwa
bashobora kuza bitwaje izina rya Yesu Kristo, birakwiye ko tubasuzuma tukamenya
koko ko iyo mpwemu ibarimwo iva ku Mana. Umuvugishwa w'ibinyoma ashobora kuvuga
izina rya Yesu Kristu ariko ntashobora kwatura ko Yesu Kristu yaje afise
umubiri ngaha mw'isi, akabambwa k'umusaraba kubera ivyaha vy'abantu, agapfa,
akazuka intsinzi inyuma y'imisi itatu, hanyuma akaduga mw'Ijuru. None wewe
nimba mwarahuye nabo uramaze kubasuzuma maze bakatura n'akanwa kabo ivyo tumaze
kuvuga? Kandi kwatura ikintu ni ukuvuga ko umuntu ari yivugira ubwiwe. Ntabwo
umubaza nawe ngo aze aravuga ngo Ego canke Oya. Ategerezwa kuvyiyaturira we
nyene ubwiwe.
Ico maze kubona co iyo ari impwemu mbi,
uwo muntu aca ashavura, akagutega imisi, akakubwira ko utategerezwa kumubaza
n'ikintu na kimwe ko uriko urapinga Imana. Ntuze ugire ubwoba Imana
iratwemerera gusuzuma impwemu twisunze ijambo ry'imana. uwo ni umurongo canke
akarimbi Imana yaciye (kwatura ko Yesu Kristo yaje afise umubiri) kandi
Satani ntashobora kuwurenga.
Ariko rero hariho n'abandi bantu ivyo vyose bavyatura bakoresheje ubwenge bwabo ariko ari indyadya kandi kubera baba bironderera amaronko. Abo nabo rero tubasanga mu gitabo c'Abaroma . Bareruye basa n'abantu bahebwe n'Imana kuko biyemeje kugendera mu bu dyadya, bakaba ba mpemuke ndamuke. Abo rero uca ubamenyera ku vyo bama. Abantu nk'abo ntaco baba bacera, ivyagezwe vy'Imana babirenga babibona.
"Kandi nk'uko banse kumenya Imana mu mitima yabo, niko Imana yabahevye ngo bagire imitima y'akāhebwe, bakore ibitabereye,...Abo, naho bāmenye urubanza Imana ica, yukw'abakora ibisa birtyo bakwiye gupfa, ntibabikora gusa, ariko batako bagashima n'ababikora". Abaroma 1:28,32

Abavuzi canke abaganga bafasha abagwayi bo
mu mutwe canke bafise ingorane z'imibano usanga bafise ubuhinga (methodes)
butandukanye bwo kumenya ingorane umuntu afise bagaca bamenya uko batorera
inyishu ingorane uwo muntu aba afise. Iyo bisunze ubuhinga bumwe gusa usanga
ataco bashobora gufasha abagwayi. Natwe rero nk'Abakristo turakwiye kugira
ijambo ry'Imana rigwiriye muri twebwe, kuko iyo dufatiye ku murongo umwe gusa
wa Bibiliya usanga dushobora guhendwa vyoroshe. Ni vyiza rero ko tugira ijambo
ry'Imana rigwiriye muri twebwe.
Muri Hoseya 4:6 turabona ko Imana ivuga
ko abantu baranduka canke bahona kubera kutagira ubwenge. Ubwenge ni ukuvuga
Ijambo ry'Imana. Umuntu iyo amaze guta ubwenge aca akora ibitaroranye.
Kugirango umenye umukristo yataye ubwenge mu buryo bw'impwemu nuko uba uzi
Ijambo ry'Imana, ukumvira Mpwemu Yera kuko ariwe adufasha kuritahura.
Abakristu duhimirizwa cane kwitaho kumenya ijambo ry'Imana kuko nico kirwanishwa gikomeye gituma umwansi atotuvogera uko yishakiye. Iyo Umukristo atazi ijambo ry'Imana aravogerwa cane n'inyigisho z'ibinyoma. Abakristo dutegerezwa kwamiza Ijambo ry'Imana mu mitima yacu na ntaryo kugirango inyigisho turonka tumenya nimba zihuye n'ivyo Imana igomba.
Aucun commentaire:
Enregistrer un commentaire