"Kuko hazokwaduka abigira Kristo n'abigira abavugishwa
n'Imana, bagakora ibimenyetso bihambaye n'ibitangaza, kugirango bazimize
n'abatoranijwe nivyashoboka". Matayo 24:24
Mbega abavugishwa twokwemera ivyo bavuga kubera ibitangaza vy'akumiza bakora?
Ihibambewe! Ntitwohuta twemera ivyo bavugishijwe kubera batubwiye ivyacu canke bakoze ibiboneka nk'ibitangaza nko gusengera abagwayi, kuzura abapfuye, gusenda abadayimoni,...kandi bakabikora mw'izina rya Yesu.
Abakristo batari bake bumvise umuntu avuga
izina rya Yesu wese baca bibaza ko bari kumwe. Bizera ko atawukoreshwa n'impwemu
mbi yovuga izina rya Yesu. Ariko Yesu aragabisha Abakristo biciye mw'Ijambo
ry'Imana muri Bibiliya:
Ijambo ry'Imana rirerekana ko bazoza ari
benshi. Mbega aho uherereye hari abavuga ko ari abavugishwa umaze kubona?
Wahise wizera ivyo bavuga kubera ibitangaza ubona bakora canke waragize amakenga urasuzuma?
Aucun commentaire:
Enregistrer un commentaire