Ijambo ry'Imana ntidukwiye
kurigira muri twebwe rigwiriye gusa, ariko dutegerezwa no kuryamizako umutima
ijoro n'umurango.
"Hahirwa umuntu atagendera mu nama z'ababi, aticarana
n'abacokoranyi. Arikw'ibimuhimbara biri mu vyagezwe vy'Uhoraho, kandi ivyagezwe
vyiwe nivyo ashirak'umutima ku murango no mw'ijoro." Zaburi 1:1-2
Mu gihe umuntu adashize umutima ku
vyagezwe vy'Imana akanya ku kandi, ntamahirwe ashobora kugira kuko yama ajana
n'ibije, akajuragirika. Mbega abo babi tubona ni bande? Ni babavugishwa
b'ibinyoma, kandi ni nabo bacokoranyi kuko usanga banegura bakanasuzugura cane
abakozi b'Imana.
Benshi mu banyisirayeli bo mu gihe ca kera
barajuragirika kuko muribo haraza abavugishwa benshi bakababwira ibi na biriya
bamwe bakabura ico bafata n'ico bareka. Vyarabagora cane gutandukanya
abavugishwa batumwe n'Imana vy'ukuri bo n'ab'ibinyoma.
Kugirango bashobore guhangana n'abo
bavugishwa vyabaye ngombwa ko basubira mu vyagezwe vy'Uhoraho.
"Umuvugishwa azogira ico avuze mw'izina ry'Uhoraho, hanyuma
ntikibe, ntigishike; ico kizoba kitāvuzwe n'Uhoraho: uwo muvugishwa azoba
yahāngāye kucigenera: ntimuze mumutinye." Gusubira mu vyagezwe 18:22
Aha ijambo ry'Imana ritwereka ko tudakwiye
kugira ubwoba ngo tubatinye. None bavuze ibintu bikaba duce duhuta kwizera ivyo
bavuze?
Haba namba! Dukwiye gusuzuma ijambo
ry'Imana neza tubifashijwemwo na Mpwemu Yera. Hari abavugishwa ibintu bikaba,
ariko ku ruhande ugasanga bafise izindi nyigisho zidahuye n'ijambo ry'Imana. Mu gice gikurikira turabona uko twobamenya.
Aucun commentaire:
Enregistrer un commentaire