lundi 14 mars 2016

Kugunga Imana ivyayo (2)

"Mwaziga vyinshi, mugize murtya musanga ni bike; kandi niyo mubizanye muhira ndabitūvya".(Hagayi 1:9)

Iryo jambo Imana yaribwiye Ab'Isirayeli igihe yari yabasavye kwubaka ingoro y'Uhoraho nabo bakanka, ahubwo bakihutira kwubaka amazu yabo, barareka ingoro y'Imana irahomvagurika. Umuntu atubaha Imana ngo akore ivyo igomba ntabwo yigera ahaga, yamana umwina w'ivy'isi.

Imana ica ibabwira ko igituma bama bavomera mu kiva ar'uko bafashe minenerwe igikorwa c'Imana, bibagira ko bazibiye iyo biva. Imana ica inababwira ko ari naco gituma ata n'imvura bakironka yo kuvomera imirima yabo, bigatuma babura umwimbu kandi barimye. (Hagayi 1:11)

Umuntu rero arashobora kubonwa ko umengo afise ubutunzi ariko kubera atubaha Imana ngo ayikorere ugasanga vy'ukuri mu buzima bwiwe yamana umwitwarariko, ntatore agatiro, canke yaryama akama arota nabi kubera yama yitwararitse ivy'isi kurusha ivy'Imana (Umusiguzi 5:3).

Korera Imana rero ugifise uburyo, kuko ivyo ufise vyose Imana yabiguhaye kugirango ubashe gukora igikorwa cayo. Imigisha rero Imana iha abayikorera mu buryo bw'amashikanwa n'ibigiracumi kandi bakabikora n'imitima ikunze, itabagiriza icaha ni myinshi. Ntabwo Imana ivuga ngo nzoguha inzu, imodoka,..ivuga ngo nzoguncuncuburira umugisha ubure aho uwukwiza. Imana ishobora kuguha kunezererwa no kwama ubumbwa n'ivyo ufise uko biba biri kwose, maze uwo munezero ukaba mwinshi, Imana ishobora kuguha kwihanganira amageragezwa ntaguteshe urugendo ruja mw'Ijuru. Ikintu gikomeye rero ni ukwifuza kugira iherezo ryiza, tukazoragwa Ubwami bw'Imana (Ab'I Kolosayi 3:24).