mardi 3 juin 2014

Mbega Bibiliya ivuga iki ku giturire, ubutungane?

Mu Burundi ibice vyinshi cane bigizwe n'abakristu. Ariko igiturire n'akarenganyo biza gute mu mitima y'abantu? Abantu kenshi usanga bahahamiye amaronko bigatuma ataco bagera umutwe ngo bagisonere. Muri ico gihe amategeko yashizweho mu gihugu ntaba acubahirizwa. Ariko ijambo ry'Imana rirerekana yuko abarya  igiturire bo n'abagitanga barahinduka imitima bagasigara bameze nk'ibikoko. Uwo biketse wese ko yobabangamira baca bamuturubika cane eka no kwicwa ashobora kwicwa.

Iyo hageze nk'ibijanye n'amasoko hakabamwo gutanga igiturire kugirango uyu canke uriya atsindire iyo soko, uca usanga ibigugwa atagaciro (qualité) bitanganywe kuko umwe yatanga igiturire aba ashaka kugaruza ayo yatanze. Muri ico gihe bamwe bakira igiturire baba bamaze guhuma amaso, ubwenge bwabo bwo gukora ibigorortse buba bwahengamye.

Soma Kuvayo 23 (Exode 23)

23 Tu ne répandras point de faux bruit. Tu ne te joindras point au méchant pour faire un faux témoignage. (akarenganyo gafatiye kububeshi gasasirwa indava)
Tu ne suivras point la multitude pour faire le mal; et tu ne déposeras point dans un procès en te mettant du côté du grand nombre, pour violer la justice. (Kurementaniriza umuntu agakorerwa inkono ishushe kubera ivyabona vy'ibinyoma)
Tu ne favoriseras point le pauvre dans son procès. (Aka mwana wa mama)
Si tu rencontres le boeuf de ton ennemi ou son âne égaré, tu le lui ramèneras.
Si tu vois l'âne de ton ennemi succombant sous sa charge, et que tu hésites à le décharger, tu l'aideras à le décharger. (umwe wese yibako ntihagire ubabara uwundi 'chacun pour soi et Dieu pour tous)
Tu ne porteras point atteinte au droit du pauvre dans son procès. (umukene ntaba akigira ijambo)
Tu ne prononceras point de sentence inique, et tu ne feras point mourir l'innocent et le juste; car je n'absoudrai point le coupable. (Kurenganya)
Tu ne recevras point de présent; car les présents aveuglent ceux qui ont les yeux ouverts et corrompent les paroles des justes.

Iki gice cerekana ko igiturire gihuma amaso y'ukirya kandi kigacurika ivyiyumviro vyiwe maze ururimi rwiwe rukarangwa n'ibinyoma n'akarenganyo.

Igiturire kiratuma abashoboye kugitanga aribo batunganirizwa haba mu bucamanza, mu rudandazwa, mu buzi eka n'ibindi vyose bigize ubuzima bw'igihugu n'abakibamwo. Haca haba umwana n'ikinono.

Iyo abantu bitandukanije n'izo nzira mbi igihugu kiratera imbere, ubutungane bukigenga, akamwana wa mama ntikaba kakivugwa.

Ivyo bishoboka iyo abatwara igihugu bajejwe amabanga ahambaye y'igihugu bafashije amategeko akubahirizwa. 

Aucun commentaire: