mercredi 9 juillet 2014

MBEGA HARI IBIKORWA UMUNTU AKORA BIKAMUBUZA IMIGISHA IVA KU MANA? GUTSINDWA KWA BRESIL KWOKWIGISHA IKI ABARUNDI

GUTSINDWA KWA Brésil: Ako nibaza ko ari agashi k'Imana: Muti gute? Bandanya usoma.

Burya gutsindwa no gukozwa isoni biratandukanye.

Amakosa abiri ya Bresil nibaza ko yababaje Imana bigatuma bakozwa isoni imbere y'abarorerezi n'abakunzi babo canke  ibintu bibiri biteye isoni vyoba vyarakwegeye umugwi wa Bresil:

1) Guhiga kwihōra no kwica:

Bamwe mu ba nya Brésil boba bahigiye umwe yatera ivi mu mugongo Neymar yitwa Zuniga ko bamwica.
Ico ni icaha co guhiga kwihōra no kwica.
Ukwihora ni ukw'Imana.
Ijambo ry'Imana ribivugako iki ku bijanye no kwihōra?:
"Uguhōra n'ukwanje (Imana), ni jewe nzobasubiriza mu nkōko, igihe ibirenge vyabo bizonyerera. Kuk'umusi w'ivyago vyabo uri hafi, kand'ibigira bibazeko bizotebuka." Gusubira mu Vyagezwe 32:35 (Deutéronome 32:35
"Abo nkunda ntimwihorane, ariko muhe uburyo uburake bw'Imana: Uguhōra n'ukwanje (Imana), ni jewe nzobasubiriza mu nkōko, ni ko Uhoraho agize"

Abaroma 12:19 (Romains 12:19)

Nimba hagize umuntu akugirira nabi nturondere hasi hejuru kumwihora, ahubwo muharire kandi umukunde, Imana yo mw'Ijuru ibonye ko uwo muntu akubangamiye iraheza ikakurenganura.
 Ijambo ry'Imana rivuga ngo dusabire abaduhama. Yesu Kristo aduhamagarira guharira kubabarira iyo hagize umuntu adusindira, atugirira nabi.

2) Kwizera ibigigwamana:

Abo bagabo babiri bafise ibendera rya Argentine ni Scolari (umumenyereza wa Brésil) na Silva (umukinyi).
Bizeye ko kwifotoza bari ruhande y'ibendera rya Argentine bibatera amashaba aho gusenga Imana. Ntaho bitandukaniye no gusenga ikigigwamana. Ivyo rero vyatumye bakozwa isoni amakungu arorera. Ivyo bizeye ntaco vyabamariye kuko ni bimwe bita kwizera ibintazi.

Daniyeli 5:23 (Daniel 5:23)

"Ariko abishimira  ibishushanyo vy'ibibazano bazosubizwa inyuma, bazoteterwa cane, bo n'abagira abagira ibishushanyo vyavugutiwe mu nkero, bati muri imana zacu." Yesaya 42:17
(Esaie 42:17)

Ijambo ry'Imana riduhamagarira kwizera Imana tukareka kwizera ibigigwamana atabushozi bifise.
Zaburi 115: 9 (Psaumes 115:9)

MBWIRE GITO CANJE GITO C'UWUNDI CUMVIREHO:

Harya abarongozi barashobora gutuma igihugu gitera imbere canke bakagisubiza inyuma bivanye n'ibikorwa bakora bidahimbara Imana. Ivyo vyo gukoresha idarapo si ubwa mbere Bresil yari yabigize,  hari igihe babikoresha batsinze baca bibaza ko arivyo vyabafashije gutsinda. Ubu rero Imana yaraye iberetse ko bihenze cane.
N'umuntu ku giti ciwe hari igihe yibaza ngo amagendera yagize niyo yatumye ashikira iki na kiriya akibagira Imana rurema.

Ivyo umuntu yokwibaza vyose ko ari ubutunzi abisanga mu Mana rurema, bwaba ubutunzi, umunezero, ugutungana, n'ibindi vyiza birama vyose bibonwa n'abubaha Imana. Imigani 8:18-19

(Proverbes 8:18-19)

Mbega wewe usoma iyi message biragushikira ukihōra canke ukizera ukanasenga ibigigwamana, ibifyiti, ibiheko n'ibindi? Nimba bigushikira ukwiye kwihana atari uko agashi k'Imana kazokuzako kandi isi yose izobimenya wavyanka wavyemera.

Aucun commentaire: